IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abana 12 bafashwe bagira baje kudandazwa mu mahanga

Abana 12 bafashwe bagira baje kudandazwa mu mahanga

samedi 15 Ruhuhuma 2014

Mu gatondo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, igiporisi carafashe mw’ihoteri abana 12 batari kumwe n’abavyeyi babo. Mu gihe hari hamaze iminsi havugwa urudandazwa rw’abana, mu giporisi baciye batangura amatohoza kugira bamenye aho abo bana bagira bajanwe, hamwe n’abari inyuma y’urwo rudandazwa.

Abo bana bafashwe bafise hagati y’imyaka ine na cumi n’umwe bafatiwe mw’ihoteri iri muri quartier Asiatique. Christine Nsabiyumva, arongoye igisata kijejwe gukingira abana n’imico (commandant police des mineurs et la protection des moeurs) amenyesha ko batewe amakenga n’abo bana bari kumwe n’abantu atari abavyeyi babo, bikavugwa ko bariko babaronderera impapuro z’inzira kugira babajabukane.

JPEG - 69.2 ko
Christine Nsabiyumva, arongoye igisata kijejwe gukingira abana n’imico (commandant police des mineurs et la protection des moeurs)

Mu giporisi kijejwe gukingira abana n’imico (commandant police des mineurs et la protection des moeurs) bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza, kandi ko biteguriye gutuza iyo ngeso yo kugurisha abana babajana mu bikorwa bigayitse.

Christine Nsabiyumva, arongoye igisata kijejwe gukingira abana n’imico (commandant police des mineurs et la protection des moeurs) amenyesha ko abo bashobora kuba bagira bajabukanwe kuko baheruka kuronka amakuru y’abandi bajanwe mu gihugu ca Congo na Malawi. Amakenga kandi bafise mu giporisi kijejwe gukingira abana n’imico, n’uko impapuro basanganye abo bana zerekana ko amafaranga barungikirwa yava mu gihugu ca Australie. Christine Nsabiyumva amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.


Egide Nduwimana

Messages

  • Christine Nsabiyumva, nabomukorana komerezaho abarundi namakungu abarinyuma tubabonamwovyishi vyiza ( you are hero)

  • cndd iradandaza VYOSE. abo nibo mufashe, abo mutazi nibo benshi yagurishije kandi igurisha abatutsi gusa mu ngendo yo kumaraho ubwoko buvamwo umuganwa Rwagasore NGO NTIBWIYONGERE. Amatwi ansumira avugako hari imikangara igurishwa muri congo

  • Please Kamwenubusa muvyuvuga wirinde kurunga umunyu amacakubiriafatiye kubwoko;Man iyo mubwoko abarundi tuhibagire kabisa!!

  • Kamwenubusa, Iyuvuze ibintu nkivyo vyububeshi iyugiye kuryama ugasinzira bigakunda? Kandiwewe ushobora kuba utarinu mututsi ahubwo arurwanko ufitiye abatutsi ariko dufise igitigiri kinini cabarundi kitacemera uwopfa azira ubwokobwiwe. Kamwenubusa turaje dukomeze kugusengera kugira uwocafu Satani yagushizemwo ukuvemwo maze asubire kwasatani amubwira ati’ mu Burundi ntawukica umuntu amuhora ubwokobwiwe atibimaze imwaka itarimike.

  • ABO BANA MUBICIYE UBUZIMA PE NIMBA ARI AUSTRALIA NTANGORANE KUKO NATWE NIYO TURI GUSA NIBAZA KO ARABAGOMBA KUBAFASHA KUGIRA BIYIGIRE AMASHURE INO UMWANA AKINGIWE UBWAMBERE
    UMUGORE UBWA KABIRI
    UMUGABO UBWANYUMA IYO MUBA MUZI ABAVYEYI BAGENDA IMBOKOBOKO KUBERA UGUFATA NABI ABANA BABO! AHO AUSTRALIA NTIKINA KU BUZIMA BWUMWANA IRABUKINGIRA 100-0

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.