IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye abantu 6 bivugwa ko ari abasuma karuhariwe

Igiporisi cerekanye abantu 6 bivugwa ko ari abasuma karuhariwe

mardi 2 Nyakanga 2014

Abantu 6 bari mu migwi y’abasuma yari imaze iminsi igisibije mu gisagara ca Bujumbura berekanywe n’igiporisi kuri uwu wa kabiri muri komisariya y’igiporisi c’inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura.

Muri abo bantu harimwo abasirikare 3 b’igihugu, nk’uko bivuga n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi. OPC1 HARIMENSHI Hermenegilde, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi agasaba abanyagihugu gutanga amakuru ku bajejwe umutekano, mu ntumbero yo gutuza imigwi y’abasuma yimonogoje.

Abo bantu igiporisi cerekanye kuri uwu wa kabiri bari mu mugwi w’abasuma bamaze iminsi biba mu maduka atandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko abandanya avuga, OPC1 HARIMENSHI Hermenegilde, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, muri ako karwi harimwo abasirikare b’igihugu batatu. Ku bwiwe rero, birababaje kubona muri abo basuma harimwo abasirikare b’igihugu bakorana n’abanyagihugu, muribo hakaba harimwo umukenyezi ariwe yahora abika inkoho uwo murwi w’abasuma wakoresha.

Umuvugizi w’igiporisi OPC1 HARIMENSHI Hermenegilde agasaba abanyagihugu iminsi yose guha amakuru abajejwe umutekano, mu ntumbero yo gutuza iyo mirwi y’abasuma bamaze iminsi bagisibije mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati. Abo bivurwa ko ari abasuma berekanywe ku bamenyeshamakuru, hamwe na bimwe mu bintu bagirizwa kuba barivye. Murivyo bintu vyerekanye harimwo ibirato 7 vya gisirikare, ibigopo bine binini vy’amata ya NIDO, amacupa y’inzoga z’injabuka, amakarata ya terefone ngendanwa, amaterefone ngendanwa, impuzu za gisirikare, n’ivyangobwa vya bamwe mu basirikare kugeza ubu batarafatwa.


Patrick Wasso

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.