IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ligue ITEKA : Abantu 71 nibo bishwe mu mezi atatu

Ligue ITEKA : Abantu 71 nibo bishwe mu mezi atatu

mercredi 25 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi rivuga ko abantu baharurwa kuri 71 aribo bishwe mu kiringo c’amezi atatu mu bitero bigera kuri 18 vyakozwe n’abantu batamenyekanye, kenshi baba bambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi, canke z’igiporisi.

Mu cegeranyo Ligue ITEKA yasohoye, bamenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante gushika kurya 1 Rusama 2016, abandi bantu baharurwa muri 61 aribo bakomerekeye mu bitero bitandukanye, iryo shirahamwe rikavuga n’ikinogo rusangi catowe mu ntara ya Ngozi, gihambwemwo abantu batatu.

Ligue ITEKA itanga igitigiri c’abantu bagera kuri 20 bahagaritswe, mu nyuma baburirwa irengero. Muri ukwo guhagarikwa n’ukuburirwa irengero, ishirahamwe Ligue ITEKA ritunga agatoke abakora mu rwego rw’igendereza hamwe n’abantu bambaye impuzu z’igisirikare hamwe n’iz’igiporisi. Nk’uko bishikirizwa na Ligue ITEKA, mu guhagarika abo bantu, babasanga muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, bakurizwa mu miduga ifise ibiyo bitabonerana, mu miduga idafise imparati ndangamuduga (voitures sans plaque d’immatriculation).

Kubwa Ligue ITEKA, mu banyagihugu bafatwa harimwo n’abahoze mu gisirikare.
Ico cegeranyo kiravuga kandi abantu bagera kuri 39 baborejwe igufa muri ico kiringo c’amezi atatu, n’aho nyene mu babikora hagatungwa agatoke abakorera urwego rw’igendereza hamwe hamwe n’abaporisi. Ligue ITEKA ikaba imenyesha ko muri abo baborejwe igufa hari abahavuye bitaba Imana.

Iryo shirahamwe risaba abo vyega bose mu bibazo biri mu Burundi ko boja hamwe kugira batore umuti w’ibibazo bihari. Reta nayo isabwa kwubaha, hamwe n’ukwubahiriza agateka k’abanyagihugu bayo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo rigasabwa kudafata minenerwe amabi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu biriko bikorerwa Abarundi.


IGIHE

Messages

  • MBEGA ABOBABIKORA KUTASHAKA KUBAVUGA NIYO UVUZE UGASHAKA KUVYEGEKA KURI BAMWE CANE CANE KURI RETA NAHO MUVUGA KOMUTARI ABANYEPORITIKE BIRABONEKA KOMURIBO KANDI MUMENYE AYAMARASO YABENE WANYU KOZO YABAZWA KUKO NIMWE MUGUMA MUKOKEZA INTAMBARA KOTUTUMVA IYOBATEYE AMAGERENADE MUVYIYAMIRIZA IMPERA NIMPERUKA MUZOBIBAZWA IMANA IZIGAME UBURUNDI NABARUNDI T

  • NIMWEMUGWANYARETA MUYIBURAGUZA MWICABANTU HAMAMWIYEREKANA GMWEHE ABARUNDI TURIMASO NTAHO MUZOMENERA BANDANYA MUBESHE MTZOTINDA MUHINYUKE MWARYARYAMWE NIMWIHANE MUREKE KUBESHA MWASHIRAHAMWEMUBESHA VUGAKO MURI ABANYAPORITIKE MUREKEKUVUGANGO NTAHOMWEGAMIYE

  • ayo mashirahamwe na ligeu ITEKA,avuga abakora ubwicanyi simwebwe nyene mubatuma hama mugaca muvuga ngo nigendereza,mbe komuvuga abafatwaaa burya haruwo barafatira ubusa? komwihaye kuvugira ibinyoma abicanyi,twarabahinyuye ahonaho mwovugiyeCNARD, ikindi naco kuja gufata umwicanyi kuri mwebwe mwoca mubanza kumuha bizu? ayomahera mwariye yabazungu muzoyaruka amoya!

  • ayo mashirahamwe na ligeu ITEKA,avuga abakora ubwicanyi simwebwe nyene mubatuma hama mugaca muvuga ngo nigendereza,mbe komuvuga abafatwaaa burya haruwo barafatira ubusa? komwihaye kuvugira ibinyoma abicanyi,twarabahinyuye ahonaho mwovugiyeCNARD, ikindi naco kuja gufata umwicanyi kuri mwebwe mwoca mubanza kumuha bizu? ayomahera mwariye yabazungu muzoyaruka amoya!

  • Niyumvira Ko Abitwa Ko Ari Abatware Ntibazi Ico Bakora!Kuko Uvyitegereje Umengo Ntibabaho Kandi Bitwako Bariho,novugako Hari Ikibiribiri Umutima W’ubwenge Waragiye Kera Kandi Ivyo Birabaho.

  • Nimwebwemubyikorerangomugaramemumakungu,mugemurwanda mubuhungiro,mufatemakaramumwandike

  • nibara kugihugu nkurumbi nakijure bitaruko turahera muragabemwambonerakunyamwe

  • nabaporisi nyene nabasirikare nommigendereza none izompuzu abandibozikurahe?

  • Akarimi ko mwarakameze.Terera iciyumviro co kwubaka atari ico kugumura abonse rimwe.

  • Uyumusi harageze ko abarundi duhagarukira rimwe tugakwanya akokarwi kabicanyi karongowe nankurunziza atakindi karota Atari ugusesa amaraso yabarundi kuko ntaho gatandukaniye niyindi mirwi yose yiterabwoba karujuje ibikorwa nimirwi yiterabwoba namwe nimurabe karagandagura abantu karanyuruza abantu bakaburirwa irengero karapfungira abantu ahantu hatazwi karasaba amahera kubo kabakagizeho ingwati ivyobikorwa vyose akokarwi gakora bihwanye nezaneza nivyimirwi yiterabwoba ikora jewe gushikubu ndatangazwa nabantu birirwa baringingira akokarwi mubiganiro ubundi abakagize Bose uhereye m
    Kuri shebuja wako nkurunziza ntakindi bakwiye Atari ugutabwa mumvuto bakajanwa mwibohero kwishura amabi yose bamaze gukorera abarundi naho abavuga ko ndabashisha murehenda gose kuko sinzoterera hasi igihe nkurunziza nakarwi kiwe bakibandanya basesa amaraso yabarundi kuvyomuvuga ntagitangaje none niba mudashishwa namaraso yabarundi mwirirwa muramena wumva hari igitangaje ko nuwukirimuzima yobashisha ikizwico nuko abarundi beshi twipfuza amahoro yabarundi Bose tuhari kandi tutazihanira ubwobwicanyi mukorwa nakokarwi kabihevyi barongowe nankurunziza

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba Imanga!

    @ Tari, nibababwira ukwamadayimoni akorera mumuntu ntimubitahure murazoca mubirebera kuruyu umuntu yiyise Tari.

    Amadayimoni iyoyiziziye umuntu arakora ibintu bibi kubantu canke akabikorera aharihohose akacavuga ngo nabandibantu babikoze! Nicokimwe niyo ayo madayimoni yafashe umuntu akamusaza iyabonye abantibantu acababwira ngo mwabasazimwe!.

    Ngukwo Uko Tari ameze.
    Umva abashatse gutembagaza ubutegetsi bikabatakuwamazi ntakindikintu basigaranye atarikwica abarundi gusa ubonako nabamwe mubihugu vyarivyabatumwe gukora kudeta iyobishe umuntu bacabaronka akanya kokwenyegeza akariro ngwibiganiro canke ngo abasonda mpuz’amakungu!
    Twagomba twibutse abantubose bafise ivyiyumviro Nkivya Tari ko ukwomwica niko abantubiyongera mugutahura ko arimwebwe mwihaye guhekura reta ngo mushitse ico Kagame yababwiye ngomukore ngokuko nawe arico yakoresheje kuva mumyaka yaza 90 bikabarivyo vyamufashije gushikira ubutegetsi abanje kumarisha bene kanyarwanda, nonerero kwabarundi twase ko dukora amabi nkayoyateje abanyarwanda wewe Tari urabishira kuri reta ngobigukundire mugihe twifitiye abahawe inyigisho zokubikora nubu abantu bavuye impande zitandukanye z’Isi birirwabaraza tukababereka bakiganirira bakabihera inkuru bakumirwa arinacogituma ubona uyumusi tudatinya kuvuga ububi bwa Kagame kuko dufise vyishi ndakubwiye uzotangara harihivyo mutaramenya nicogituma wishinga kuyayata ngo reta yu Burundi yokwihekura.
    Mbega imbereyuko ndangiza rekandakwibarize" mbega reta yokwica abanyagihugu kugira abarivyo bituma abayifatiye ibihano bacababona kwarivyiza vyotuma bakuraho ibihano?
    Tahura imvugo wakoresheje ngo Nkurunziza yica abantu ; ivyowabivuze gurtyo kubera bimwenakubwira ko atakindikintu musigaranye atarijwica gusa kuko abaribabatumye gukubitakudeta arivyo bicabibafasha kwenyegeza akariro murazokurikirana abigira ibihangange kw’Isi namashirahamwe mpuzamakungu banwebanwe iyumuntu yishwe ubwinyene amatangazo canke imvugo zogushusha uruganba nacanecane bashirahasi reta yacu yuburundi dukunda ikaduhimbara irongowe nanyene icubahiro S.E Petero Nkurunziza.

  • twarabahinyuye.basha.mwirirwa.muravuga.ngo.ntimuharanira.ivyicaro.porike..ahubwo..none.iyaba.mudasaka.ubutegetse.ntimwari.guhamagarira.abantu.mumabarabara..?none.mwadera.iki?.okogagabo.sinduhije.niyombunuza.nimbare.nibafatwe.baryozwe.ivyobakoze.ububirigi,.nibwo.bufasha.abatera.umudugararo.muburundi.none.tari.niwaba.ufise.inguvu.genda.umukure.kubutegetsi.kubwambere.vyabataye.kuwamazi.murahendwa.mubona.if,;-!!!!!!!!!!!!!

  • @ None?, niwowe ufise amadayimoni ureke intore Tari, wowe na Nkurunziza mufise dayimoni yokumara abarundi warangiza ukiha kwandika inkuru ndende nkaho wakoze itohoza, umenye ko iminsi yanyu ibaze.

  • MANA UHEZAGIRE ABANA BAWE KUKO BARIKO BARAHOHOTEGWA KANDI ABABIGIRA WAME UBIBUKA MUBUZIMA BWABO KAND UWUGIRIRA NABI UWUNDI NAWE AZOBISHUMBUSHA GATATU (AMEN)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.