IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu bane barimwo abanywanyi batatu ba CNDD FDD bishwe

Abantu bane barimwo abanywanyi batatu ba CNDD FDD bishwe

dimanche 17 Ndamukiza 2016, par egide

Abantu bane barimwo batatu b’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu mu bitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana, muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Abo banywanyi ba CNDD FDD batatu bishwe bari bamye mu bikorwa vy’uwo mugambwe i Nyagasasa.

Abo banywanyi batatu ba CNDD FDD barasiwe mu bunywero barimwo nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, ku mutumba Nyakibuye, nk’uko vyashikirijwe na Jérôme NTAKARUTIMANA, umukuru w’uwo mutumba.

Abari muri ubwo bunywero bamenyesha ko abateye bari abantu batatu bitwaje inkoho bica nyene ubwo bunywero hamwe n’abandi banywanyi babiri b’umugambwe CNDD FDD bari bamye i Nyagasasa mu bikorwa vy’umugambwe wa CNDD FDD.

Uwugira kane nawe nyene yari asanzwe ari umunywanyi wa CNDD FDD yarasiwe ku mutumba Muyange-Kavumu, abamwishe bakaba bamusanze muhira iwe nk’igihe c’isaha zine z’ijjoro. Abamwishe bamuhamagaye mw’izina bamusaba kwugurura ntiyabikora, arikwo guca bamumenerako umuryango bamusanga mu cumba, bamurasa amasasu aca yitaba Imana. Amakuru ava aho ku mutumba Muyange-Kavumu amenyesha ko abarashe uwo munywanyi wa CNDD FDD babanje kumubwira bati : «Turazi iyo wamye!»

Mu ntara Cibitoke, hatowe mu mugezi ikiziga c’umuntu yamenyekanye kw’izina rya Clovis NIYONKURU. Ico kiziga catowe mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, muri zone Buseruko, komine Mugina, intara ya Cibitoke.


IGIHE

Messages

  • ariko kuki abarundi biyo ruguru batarara irondo ngo bacungere umutekano, bazajye murwanda barabe uko abanyarwanda bicungera umutekano bafatanyije na police nigisoda, wasigura gute ukuntu burigihe abahungabanya umutekano batabafata, kandi inkoho ivugira kugasozi. abarundi nimutamenya ubwenge muzashira mwese. umutekano nuwabanyagihugu mbere nambere inzego zijejwe umutekano ziza zunganira. muve mubujuju!!!

  • Birababaje cane kubona igihugu cuzuyemwo ubwicanyi nkubwo.yaba cndd canke uwundi,ntanumwe yaremewe gusesegwa amaraso.iconosaba aberwa numutekano mbere nabarongoye igihugu,nuko boja mubiganiro importe iboneke.nayahandi mbona uruhigi rwahindukiriye abari mumigambwe uri kibutegetsi.nukuri nibaturonderere amahoro arama

  • nkurunziza ati bazaguhe nkifuyimijira ntubona wavuzukuri abarinyumayawebaheze nkifuyimijira wobubibona?

  • nkurunziza ati bazaguhe nkifuyimijira ntubona wavuzukuri abarinyumayawebaheze nkifuyimijira wobubibona?

  • Ako Kagaye Abatutsi Bamwe B Ibururi Mugahagarike Ataruko Uwubikora Agiye Gupfa Nabi Nta Nyungu Y Akajagari Mubimenye. Mbe Ko Mudashaka Gutumbera Igisoda? Nta N Umwe Yorokoka Mwaravyiboneye

  • None nkurunziza nivyo ntavyumva ariko abantu duhone kubera mandant ya gatatu? Iyo ukahereza rufyikiri canke uwariwe wese gusa abe umudede ntankibi tuba turiko turabona emwe namayobera

  • Ubugome barabusanganywe bene Runyenzi-nkotanyi. Ubu bahisemo kwica abenegihugu. None ko batinya abasoda , abo baginga mubona hari aho bataniye na Boko Haramu?

  • biteye agahinda kubona umuntu asigaye yicwa kumurango izuba riva!ariko ibi vyose igihe atariki bizohera ni muhumure.

  • biteye agahinda kubona umuntu asigaye yicwa kumurango izuba riva!ariko ibi vyose igihe atariki bizohera ni muhumure.

  • ngabo babarwanyi baCNARED mwumva, sinavuzeko atabindi bashoboye atarukugandagura abanyagihungu, ahorero ngo barikobaratera manda yagatatu3, ukuri kurikokurajahabona hagati yareta nabairwanya urikwarica abanyagihugu uwariwe, yamakungu navugerera ntwumve...bazigusa kwirirwa bakangabantu ngo ibihano.....bandanyebasha akataretse kabagasema, mumenyeko atawebizocintege tuzobarwanya twivuyinyuma mpaka...

  • Uwavuze kotuzohera nkifu yumwijira ntiyabeshe eraga baratugeramiye je ico mbona nuko hoba ibiganira ubwicanyi bugahera kuko bazoza kwikebuka atabo bakigiriranira ibiganiro.

  • Umukuru W’igihugu Ngo N’umugabo? Ko Abiwe Bamuhezko Ariko Akora Iki? Narindire Nawe, Imisiyose Abapfa Mbe Ntabibona? :< Nkundakurya Yariye Igifyera Kimumena Itama>, Ubwo Urya Uburye Ubuharura

  • Uburundi cabaye igihugu c ibiziga gusa, bazira umwicanyi NKURUNZIZA.

  • hhhhhhh nabado , kamaro ongera udedembe sha niwowe usigaye
    ngo bazashira nkifu yiminjira OK tuzareba abazashira sasa

  • Emweee Abarundi Twemere Duhone Kubera Umugabo Oya Tuve HaSi Kok Cdfd Iragayana

  • Nukuru Jew Ndasby Abarundi Kuko Muragowe ?YÅ“oo Mwîhgane

  • None abobantu birirwa barapfa bazira iki jewe mbonako ingorane zose uburundi burimwo zatewe na nkurunziza kukiringo 3 yihagiye kungumvu abarundi namakungu basemerera none ukaba ubuna atarekeye ngaho ahubwo ariko ararenzako nimivyimba yabarundi nayo icombona nuko abamurwanya Bose iyobavaba bakagera bokwikusanyiriza hamwe hama bagakora igitero kuriwe yaba arimuhira yaba arimubiro canke arimwibarabara canke arikugirisha inama bamufashe canke bakamugarika nkuko yirirwa aragarika abandi jewe nibazako vyobavyiza gusumba izonzirakarengane zirirwa ziragandagurwa ariwe zizira nibwo bomuca ukuguru canke ukuboko canke bakamunogoramwo ijisho rimwe nawe yoheza akumvako ubuzima bwumuntu Ari akatihabwa ikindi jewe simbona igituma bamutinya uravye barashoboye kwirenza rwagasore ndadaye kandibo ntakibi baribakoze uretse kuba bariko baharanira ineza yabanyagihugu none uwo mwicanyi nkurunziza we bamutinyiriki konabo bajije ubusa babishe nkanaswe nimugire vuba ahubwo mudukurireho twarushe

  • Kwica abantu ataco bazira si yo nyishu yo gushika k’ubutegetsi, ahubwo uba uri ko urabwiyaka,kandi uwicisha inkoho azicwa nayo

  • Non Uburundi Nikibuga Cogusseramwo Amaraso ?Erega Sikibuga Caba Dayimoni Kera Carigihugu Camata Nubuki Ubunaho Niciki? Ijambo Ryimana Ntirizogenda Ubusa Uwoshaka Yokwihana Yazopfa Basi Ntazubur Ijuru Ngoyakirwe Nabadayimoni Uzi Kubur Isi Nijuru Birababaje.

  • Wowe wiyise jishoryamukuru uvuga ngo ubugome bw`inyenzi reka twe nituza iburundi uzatubona.(Inyenzi ntabwo zirwana n abari mu bunywero)
    Gusa uru rubuga ruteye ikibazo:comment zaho zivuga ibibi gusa.?Amashusho y`imirambo puu..! Ibiba mu burundi n ibigambo abarundi bavuga nta handi biba kwisi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.