IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu batanu bishwe muri zone ya Cibitoke

Abantu batanu bishwe muri zone ya Cibitoke

mercredi 9 Kigarama 2015

Abantu batanu bitavye Imana bishwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Kigarama 2015,kw’ibarabara rya 15 muri zone ya Cibitoke,iri muri Komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu banyagihugu baba aho muri zone ya Cibitoke amenyesha ko vyose vyabaye nk’igihe c’isaha zine mu gatondo.

Abanyagihugu baba aho mu Cibitoke bavuze kandi ko haje imodoka irimwo abapolisi binjira mu rupangu bavuga ngo barondera aba ’’jeunes’’ n’ukuvuga abakiri bato bari bahejeje kubatera ama grenades.

Umuvugizi w’igipilisi Pierre Nkurikiye yavuze ko abo bantu bishwe igihe abapolisi basubiza abantu bari bahejeje kubatera ama grenade yakomerekeje babiri muri boa ho muri zone ya Cibitoke.

Mwomenya ibindi biziga bibiri vyatowe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Kigarama 2015 hafi y’ahakorera ibiro vy’igisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.