Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Abanyamahanga biyugaraniye mu mazu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Abanyamahanga biyugaraniye mu mazu

Afrika y’Epfo : Abanyamahanga biyugaraniye mu mazu

mercredi 15 Ndamukiza 2015

Hari amwe mu masanamu ariko yerekana uko abanyamahanga bo mu gihugu c’Afrika y’Epfo bariko baricwa babanje guturirwa, abandi nabo bakabohwa, imbere y’ugukubitwa bibabaje cane.

Abanyamahanga bari muri ico gihugu, bakaba bagirwako ibitero n’abanyagihugu b’aho muri Afrika y’epfo, bakibwa urukombamazi, ivyo vyose bikagirwa igiporisi kirorera, ntigishobore n’ugutabara abariko bakorerwa ayo mahano. Nk’uko aya makuru atangazwa n’ikinyamakuru modernghana.com abivuga, abakora ivyo ni uturwi tw’imisoresore y’abakiri bato, abakenyezi nabo bo muri iyo micungarararo, bagakomera amashi bongera bakokeza gose, iyo misore iba iriko ikora ivyo. Ico minyamakuru kikandika ko, ivyo biteye ubwoba n’agahinda.

Ivyo rero bikaba bishitse inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avugiye ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa, kuva ico gihe abanyamahanga bagera ku gihumbi b’abanyafrika bakaba baciye bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo. Kugeza ubu, hakavugwa abavuka mu gihugu ca Nigeria bagera kuri 2 bamaze guturirwa, hamwe n’abandi bataye barahunga. Bimwe mu bihugu bikaba bimaze kurungika imiduga ija gukurayo abanyagihugu babo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murakoze kunkuru mutanze ariko si umwe canke babiri bishwe.nibeshi cane ababa inyuma yigisagara barageramiwe.kandi natwe twahanganye nabo tugomba kwirwanira kuko igi police ntigishoboye.

  • Avite Ndakuramukije! Jewe ndi umumenyeshamakuru wa Journal IGIHE. Nashaka kukubaza ingene abarundi mumerewe ngaho South Africa. Ambassade hari ico iriko irabafasha? Wondondera kuri iyo mail yanje tukavugana n’ibindi vyinshi nkeneye kumenya, canke ukandondera kuri WhatsApp yanje kuri 257 79 50 84 50

  • None uburundi buriko bukoriki kubabo kombona hariyo benshi canke murajwe ishinga nugutoba igihugu mugwanya ubutegetsi ,abama bavuga ko bazi kugarukira agateka kabarundi uyu nu mwanya mufise wo kugarukira kubacu bari muri africa yepfo, hariya huzuyemwo abatutsi benshi hamwe na bahutu bariko bohogwa ubwene gihugu bwabo ejo numuje kugira imyeyerekano kuri ambassade yabo iraho ibujumbura mubwira yuko dutakeneye abatwicira imiryango yacu,abo bagesera bicanyi twavafashe munda igihe bahohiterwa na banzugu tukanabafasha kurira none ubu bariko baratumara batuziza ubwene gihugu bwacu none ubu nti mubonye abansi abaribo tureke gucanamwo ahobwo tukorere akazoza keza kigihugu cacu kugira ejo ntituzokwangare duta ivyacu n iwacu, iwacu niheza naho hoba hameze gute ivyo nivyo twokwibuka cane

  • Nukuri turageramiwe kandi ubutegetse burabizi biraboneka neza kobufise uruhara murubwo bwicanyi bubabaje cane icodusa nibareke kuduturira tuba nibatubwire tuvare mugihugu kuko hazohava hageraho umu southe wese yoja mukindi gihugu azobangamigwa. Turitabarije muri ONU nimba idukunda nidukingire. Canke idutahane dupfire mubihuguvyacu kuko turageramiwe cane

  • None ico gihugu birirwa batubwira ngo ni PAYS ARC -EN-CIEL ni ibiki? Barasebeje MANDELA gusa,IYO MBA NDI UMKURU W’IGIHUGU ,na nje NOKWIRUKANYE UWITA UMU SAWUZA N’A MASHIRAHAMWE ABEGUKIRA ,gushika aho izo Ntagondwa z’aba ZOULOU,zigarukiye ku muronko,uhereye kuri Zuma n’umungu we , Fils -ainé ,Edward ZUMA umwe yzvuze ko:"les problèmes de l’Afrique du SUD ont commencé avec les blancs,il 300ans,"Undi ngo:"TOUT ETRANGER DOIT PLIER SES BAGAGES ET QUITER LE PAYS",vyose bikaza btiumbereza mu muonko umwe n’uwu chef coutumier w’ab ZOULOU, Goodwill,nawe nyene aterekwa icitwa umu ETRANGER

  • yoooooooooooooooooo nakamaramaza turyane twese dusa urukoba ahubwo uwo mwami niwe bari guherako arakitwara agatw

  • Reka basaha kubatutka,jewe ndababajwe nabo banyamahanga birukanywe,ariko il ne faut pas leur en vouloir àces sud africains,ubwo murazi imyaka amajana bicwa n’abazungu,bapfa bonyene,birigwa barira,baririye barimara,ni nde muri ivyo bihugu bifiseyo abantu vyarungitse abaja kubatabara?Bagaca bahengera baratsinze urugamba abandi bakirukayo kubatwara utuzi turiyo,bakabajanamwo n’amanyanga yo kubiba kuko bo bataronse umwanya wo kumenya gucengeza,abo banyamahanga nibatahe i wabo babarekere igihugu cabo nabo baheme bongere bikande,ivyo vy’inkoba zimwe ntaco bivuze ziboneka iyo umurewe neza ,ugowe niyo uhungiye iwabo bagutwenga,nayo magorwa uwo uyabwira ntihagire nico bimubwira!!!Bareke!!

  • yemwe ivyo bintu none biba reta ya afrika yepfo,none ga yemwe abanyamahanga bahere?mbe yemwe uyo muntu atwara ico gihugu kiritwara?mbe bazojanwa ilahe?yemwe gaye namahano kweli,yemwe harakwiye ko hajanwa ingabo z’ubumwe bwafrika gutabara,

  • ndababaye,ndasavyereta irengere ubukene dufise igire nkibindibihugu birikobirakurayo abenegihugu bavyo. twotuma dukotiza kurugo kurugo.barundi kundana!

  • @Egide nabo ba bigirindavyi
    Ubu harageze aho mwazambira leta,bwira ba pacifique naba caravera bo bajejwe agateka ka zina muntu,na vitali!!!Mbega murantwenza,musabe abasoda ba ONU kuja kubatabara,ntakindi abatutsi muzi,kwama mudukwegera izo nkoba zera mu gihugu zikabandanya zibashigikira mu mafuti muriko muratumara,mwibaza ngo muri afrique du sud mubaha amategeko nka bimwe mwirigwa mwikoza hano i bujumbura,mbabajwe n’abahutu bariyo nayo abatutsi bo ni ibisanzwe bashaka kwama baja gutambikiza ahari ivyo batabiriye akuya,ba batutsi batunze kuva kera genda mubazane,andikira madame Obama!Bwira union européenne,arikoo!!Nama ndababwira ,agahugu kanyu muriko mugacafuza mu makungu,ariko,Imana irko iraberekako atawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere,abo bose bagenda bavuga ko i wacu hari ubukene,bagaya agahugu kacu bongera bakagayisha,nibagira imana bakaharokoka ,barabonyeko amatungo yo hanze ntaco akumarira souvent!!!Kandi nta kamaro ko kwama mushaka kwiheka canke mwigana ingene ibindi bihugu canke abanyagihugu bavyo bibayeho,kingira amahoro twaronse turushe hanyuma umurundi wese yige kwigaburira n’amaboko yiwe mutarondeye kuja kurira ku meza kwa perezida,ntibishoboka.
    A par ça ,leta ibishoboye ,nibakureyo!!

  • Mbega ko mengo abarundi bamwebamwe baranezerwa nuko abobatabayeho kumwe canke batiyumvira kumwe bokwicwa bagahona nkuwu vuganeza ngo harageze aho bazambira reta mbega kubwawe niyaba iyo reta badakwiye kuyazambira wumva imaze iki reta numuvyeyi wa bose kandi umurongozi mwiza yitaho bose nabatamwemera arabitaho kugirango nabo bsmwiyumvemwo nibaza ko mugenzi vuganeza hariho ico utazi amafaranga nabantu bitarahindura abategetsi bacu baritaho cane abo batabona ibintu kumwe nabo nkabafatiwe kurugamba bari ba cpl ntibabice ahubwo bakabaduza amapete rero niwaba ubona kugira impuhwe mubantu canecane baturongoye atsvyo ntugire ngo niko bamye umukuru wigihuhu nyabuna natsbare sbacu bariko baturirirwa muri southafrican kuko nahano iwacu mbona abanyamahanga bahabaye neza.

  • Vuganeza amajambo ushikirije ntayarakwiye kuja kumurongo ahubwo ntakintu nakimwe kibahokwisi Imana yaremye nokugereranya ucawiyumva ahuri nawe

  • IGIPORIS NIGIKINGI ABOBANYAMAHANGA

  • @mahoro
    umbabarire nimba message yanje yakuguye nabi,aho niho nashaka gusika,jewe ndababajwe nabo bantu bariko batotezwa muri afrique du sud!Ico nashatse kuvuga ni iki,witegereje ingene abanyamahanga babaye ngaha i wacu neza binumiye,ariko ugasanga hari abi yadukije guhunga ataco bahunze bakaja gutukisha no kugayisha igihugucabo,n’abategetsi baco ngo nta ciza kibavako,urumva bica bigora kwumva ko hari abayisaba kubatabara nabo bariko barayityoza aho bagiye,ikinini nashatse gushikiriza muri iyi message n’uko ibiriko bibera afrique du sud ni icigwa na réponse aux prières z’abantu basenga vy’ukuli,Imana iriko irabereka ko bategerezwa gukunda agahugu kabo aho kugenda bagasivya ngo ni agahugu ka nyuma kw’’isi,ubu benshi abariyo bipfuza kukagarukamwo ,babonyeko atawanka kwonka nyina ngo agwaye amaher,n’abandi bagata bahenzwe nabo nyene prières zizokora ikizoberekako bategerezwa gutaha burya kizoboneka Imana ni nkurunaho batokwirigwa babagira nko muri south africa,mpejeje mvuga toujours nti nibarabe uburyo babakureyo nimba buriho narabayeho nturubikwa ntagira gitabara ndazi ingene atari vyiza!

  • Ewe vuganeza wa muhutu we wamacakubiri wibazako abatutsi aribo bagwiriye muri africa yepfo? Ww ibihe vyarakurenganye ntiwabimenya, w uri umuhutu muto abatutsi ntaco ubashoboyeko va ngaho. ziba.

  • @rupande
    Reka gutukana,abo bahutu ni batahe!!Imana ihora ihoze niyo ishoboye,abanyakirundo baja mu rwanda kibabere icigwa!

  • abategetsibomuburundi,ntiboraba,ukuntubozana,ababobarikobaricwa,yoôo,managarukira,african,yepho.

  • L’etat Yuburundi Naho Iri Mubihe Bibi Nmikureye Bene Wacui Bareke Kwitsa Nki Mpanga Girikigogwe Mubatabare

  • none mbaze ikintuntu kimwe konzi hariho nabarundi bariyo baka ba bariko baricwa none mugihugu cuburundi hakaba hariho ambassader yabo none tuyigenze gute ok

  • nonese letayu burundi irikwikoriki kubarundi bariyo

  • nonese letayu burundi irikwikoriki kubarundi bariyo

  • mwigira abakristu wapi ahokuja kumavi mukicisha bugufi ntaco muriko murafasha abofasha mugutabara bokoriki ndaziko uwutabara abariko baricwa nukuvugako batabara bica abicanyi ,kugezubu kwisi nzima twarinjiwe nashetani ntabeshe ntituriko twitahura

  • mwigira abakristu wapi ahokuja kumavi mukicisha bugufi ntaco muriko murafasha abofasha mugutabara bokoriki ndaziko uwutabara abariko baricwa nukuvugako batabara bica abicanyi ,kugezubu kwisi nzima twarinjiwe nashetani ntabeshe ntituriko twitahura

  • None Murico Gihugu Nta Ba Ambasaderi Boserukira Abo Bantu? None Bahuza Ivyo Nabo Badashoboye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.