IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abari mu myiyerekano bemeza ko babonye Interahamwe

Abari mu myiyerekano bemeza ko babonye Interahamwe

mardi 28 Ndamukiza 2015

N’aho umuyobozi mukuru w’igiporisi arahira akarengwa ko atanterahamwe ziri i Bujumbura, abanyagihugu bo, bemeza ko bazibonye, co kimwe n’Imbonerakure zambaye impuzu za giporisi.

Ndereya Ndayambaje, umuyobozi mukuru w'igiporisi c'Uburundi, ararahira ko ata Nterahamwe iri i Bujumbura canke Imbonerakure yambitswe impuzu za giporisi

Muri komine ya Kanyosha, abanyagihugu berekanye uwitwa Gervais, Imbonerakure yari yambaye impuzu z’igiporisi, si aho gusa, kuko n’abanyagihugu bo muri komine ya Cibitoke bari mu myiyerekano, berekanye nabone Imbonerakure yari yambaye impuzu za giporisi, abamenyeshamakuru bagiye kumwegera, akaba yaciye yiterera mu baporisi kugira acungererwe umutekano. Abo banyagihugu bo muri iyo komine ya Cibitoke, bakavuga ko bafashe n’Interahamwe zibiri.

Eka no muri komine ya Musaga, abanyagihugu baremeza ko Interahamwe yafashwe, yazimiye, baca bayishikiriza abajejwe umutekano. Ivy’interahamwe ko ziri mu gisagara ca Bujumbura, vyari vyatanguye kuvugwa kuri uyu wa 27 Ndamukiza ku muhingamo. Abanyagihugu bo muri komine ya Cibitoke bavuga ko bafashe interahamwe bagira bati :’’ Hamwe izo nterahamwe zigereranywa na Shetani zoba ziri mu gisagara ca Bujumbura n’amarorerwa zakoze mu Rwanda, ibintu vyoba bigiye gukomera’’.


IGIHE

Messages

  • INTERAHAMW ZIRI MUVYO N’ABATUMWE N’IMANA BAVUZE NTAGITANGAZ KIRIMW RERO.D’APRES GAKWAYA J DAMASCENE(RWANDAIS)

  • imbonera kure zose aho ziri nosaba ko abanamarimwe nivyuma vyindege uhereye mugacimbiri ko mwotangura kuzandika mwandika nivyo bariko bakora vuba intsinzi nisezerano rya gahutu remy rirasohoye duhejeje uru rugamba ryo gukura mumenyo yabagumya bondo tuzobacira imanza zo kuntahe yo kumugina abaciye imitwe benewacu bose mubashire kurutonde ntawuroga ubuca FNL TWESE ABANAMARIMWE NIVYUMA VYINDEGE HAGARARE MAGABO TUBOGORE IGIHUGU CACU /INERAHAMWE ZO ZIRAZI URUGAMBA RWABA FNL tuzabarya nkimitsima komera turi kundunduro juzayi na zayidi abo munyamaboko komera ku kwibanga

  • OYA IVYO SIVYO KUKO ZOBA ZIJE INO GUKORA IKI KO IGIPOLICI CINO CIKWIJE KANDI GIKINGIRA ABARUNDI ATABWOKO CANKE INTARA KIRAVYE.NICOGITUMA RERO IVYO ARI UBUBESHI.
    NTA NTERAHAMWE ZIRI I BUJUMBURA....GUSA NI IMIKINO BARIKO BARAGIRA KUGIRE NGO URWANDA RUZE KUDUTERA UMUDURUMBANYO ARIKO BARAZA TUZOKORANA TWEBWE ABARUNDI KUKO NTIDUKENEYE UWUZA KUDUCANISHAMWO.
    ESE INGENE TWIFITIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKUNDA ABANYAGIHUGU.

    NKURUNZIZA GUMA KW’I VOLANT.

  • Mbe Ndayambaje ayo mahera uriko urarya y’amaraso. Urya abawe ukinovora intuntu

  • Iki nicyo gihe twari dutegereje ngo twambuke tumene abo bashenzi b’inerehamwe. Muri congo batwihishaga mu misozi n’amashyamba none baje mu bugaragwa bwa bujumbura tuzabasekura kugeza aho bazicuza icyatumye bavuka.

  • Muradusobanurira neza. Mutandukanya gute interahamwe n’abandi bantu? Interahamwe zo muri 1994 ubu zimeze gute inyuma y’imyaka 20?

  • Iyo ni intango akataraza kari mu nyuma ariko arya masengesho ya Nkurunziza n’umukenyezi wiwe bibuke ko Imana idahorereraho abo bana b’uburundi bariko barahona abandi bavundira mu busho nabaturatuye bose yibuke ko irya Mana yahora yirirwa aratambira na mu kiwe ariyo yabaremye

    Ararindira umusi mubi wiwe uzoshika kimwagire "bakinishe imbonerakure ariko Imana yoyo umusi ntazogere no kuyituka ngo ariko arasenga!

  • IVYO JEWE NUMVA NTA NTERAHAMWE ZIRI HANO I BURUNDI. KUVY’UKURI TWEBWE TUREMERA IMANA KANDI UWUGUTUKA NTAGUTORERA. IYO NI POLITIQUE BARIKO BAZANA IBINTU BITUMVIKANA KWERI, HAMA IYO NI PRETEXTE BASHAKA KUZANA KUGIRA URWANDA RUSHAVURE RUTERE UBURUNDI MUGABO IVYO NTIBISHOBOKA KUKO UBURUNDI NI IGIHUGU C’IKUKIYE KANDI GIFISE AMATEGEKO. KANDI NTAWOKWIHENDA NGO AZE GUTERA IGIHUGU KUBERA IBIHUHA KANDI IGIHUGU C’UBURUNDI KIRAFISE INGABO ZIKWIYE KANDI ZAVYIZE NTIZIKENEYE RERO INTERAHAMWE MURI KINO GIHE NTAN’UMWANYA ZIFISE HANO. HAMA IMBONERAKURE NAZO MBEGA ZIRAFISE IBARA KO TUZI KO ARI UMUNTU WESE AFISE IMYAKA IRI HAGATI YA 18 NA 40 N’UKUVUGA UMUGUMYABANGA WESE ARI MURI ICO KIRINGO ABA ARI IMBONERAKURE. HAMA RERO KANDI ABA ARI UMUNYAGIHUGU. RERO HARIHO INYABUNE ZITEGEREZWA GUKORERA HAMWE MUKUGARUKANA UMUTEKANO. AHUBWO SINZI NICO BAGUMA BATA UMWANYA CONGRES YA CNDD-FDD YARAHEZE UBU HASIGAYE KO AJANA DOSSIER NTAKINDI GISIGAYE YATOWE BENE UMURANGO BABONA. MURAZOREKA KUMUTORA KUKO NIWO MUTI MBONA KWERI. SAWA OK.

  • Nimwerekana ikintu kiranga Interahamwe ndabemerera, kandimukanatubwira Interahamwe ukwisa ndaheza ndabemerere kw’ivyomuvuze arivyo, bitabayivyo nciyenemerako atarukwitoza kwa Nkurunziza kwabatumye mujamwayomabarabara, ariko ntimwihende.Mboneyeho nokubwira abishinga kwurira ikimodika batazi iyocija kobazokwisanga muri ndibuze!.

  • Interahamwe isa gute? Imbonerakure isa gute? Urwo ni urwitwazo ro kugomba kumara abandi, un point, un trait.

  • Mbabajwe nabantu basiga abana babo muhira bakaja kwihereza amabarabara bakarinda,Bahasiga agatetwe, tuzi neza ko izo mvururu ziri muburundi kagame aziri inyuma kugirango arere uburundi gusa bana buburundu mugire ubwenge abo babahenda mumenyeko naho boba abaperezida niba wahora urumurimyi uzobandanya kurima mugihe aburi kugwanira abana babo bazoba bari kwiga muburayi. mugire ubwenge.

  • ntambonerakure zambayuko nibinyoma jew niho narindi ntavyo nabonye. ngwinterahamwe mana! ikinyoma kizohera ryari?

  • Umviriza mcuti zuburundi iyomitwe yanyuyarasanze canke mututsi gezaho ivyanyu ninda yomunda irabizi hende abazumgunyene umurundi wuyumusi inkuwi 1972 kumbe ntahokagiye basha kagame mumuhiye micombero rero tuzobana ukonyene kugeza gusomera mutakoze bibavuyemwo

  • arashaka iki yaretse nabandi bakayobora

  • Bariko Bashaka Uburyo Urwanda Ruvyivangamwo Vyitweko Arihonyabwoko Ivyo Binyoma Vyinterahamwe Nimbonerakure Nugukaza Abanyagihugu Ngo Bagwane Nkuko Hari Umunyarwanda Yabahanuye Kuri Face Ngobakore Ibishoboka Haraswe Benshi Ngoniho Ivyobasaba Vyokumvirwa. Ariko Inzira Namatora Atabanywanyi Ntiwibazeko Muntambara Ariho Wobaronka.

  • Abasore bahungutse bavuye i Rwanda muri za 1995-2000,bicirwaga mu ma quartiers babita interahamwe ,aba sans echecs babicaga abenshi bagiye i Rwanda.none barasubiriye guhonya abahutu.

  • Iyisite nkeka isomwa n’interahamwe gusa. Imbonerakure turazizi kuko beshi nababanyi, usanze yambaye gipolisi wahora umubona ari umu civil wumva bigoye kumumenya

  • Muvuga mureka Peter yavuze ati:"Uwuzotera intambara izohere mu rugo iwe iherere mu rugo iwe". Yaravugishijwe! None ni nde yateye intambara? Ntumumbwire uwo yahereyeko n’uwo izohererako agiye kumenyekana.

  • kabisa abasenga bakomeze gusenga kuko nzineza k’Imana Ivyihishemwo.

  • Jewe sinumva ingene abanyagihugu bugara amabarabara nginiho nkurunzi yo hindura ahubwo ni bareke habe inama yakwiga ico kibazo nayo ahandi tuzosanga turiko turagwiza umutekano muke ahubwo nugusubira kumirimo nyimba abigaragamva bafise ivyobakora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.