Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abariko bakurikirana urubanza rwa Mbonimpa baguma bafotorwa n’umuporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abariko bakurikirana urubanza rwa Mbonimpa baguma bafotorwa n’umuporisi

Abariko bakurikirana urubanza rwa Mbonimpa baguma bafotorwa n’umuporisi

vendredi 4 Mukakaro 2014

Abacamanza batanu nibo bashitse kugira bashobore gusasa mu rubanza rwa Petero Karaveri Mbonimpa, ariko, ahari kohabera urwo rubanza hakagaragara iterabwoba ririko rikorwa n’umuporisi aguma afotoera abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru baje gukurikirana urubanza.

Igihe c’isaha zine n’iminota 50 mu gatondo, Petero Karaveri Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka aka zina muntu n’akabanyororo APRODH, akaba ariho yashika, aca yakirwa n’amashi menshi y’abanyagihu bamwe bambaye umwambaro urimwo ibara ry’icatsi kibisi, hamwe n’umuryango wiwe kandi bariko baramuvyinira, nk’uko mugenzi wacu Egide Nduwimana ariko arakurikirana urwo rubanza yabitumenyesheje.

Abashingwamanza bagera kuri 12 bakaba biteguye gufasha uwo mutama w’imyaka 66 y’amavuko kuburana. Ariko rero hakaba habuze ivyuma bishikana amajwi kure, kugira urwo rubanza rushobore kwumvirizwa n’abari ngaho bose. Urwamo rw’abantu benshi rukaba rushobora gutuma n’abandi bataza kwumviriza neza urwo rubanza. Abanyagihugu bari muri sentare y’igisagara ca Bujumbura ahariko harabera urwo rubanza, bakidogera umuporisi afise icuma gifata amasanamu asa n’uwuriko aratera ubwoba abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru, mu gihe bamwe bibaza ko yoba ari imvo yokuzohava babakurikirana,bakazobagirira nabi.

Mwomenya ko abantu bagera ku munani bakora mu buserukizi bw’ibihugu vuabo bariko barakurikirana urwo rubanza, n’abo nyene bambaye ikintu gifise ibara ry’urwatsi rubisi, hamwe n’abamenyeshamakuru benshi, bamwe bava mu bihugu vyo hanze no mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibareme abobose barigufotorwa,ntaco bazobagira .uwabaremye arababona.kandi iryo terabwoba naryo,abariko bararigira rizobahinyukana,na kadafi yavuga ko hagiye kuba ikiyaga camaraso,yahavuye aba ayiwe maraso.na murisi ari mugihome,Imana imufashe mbonimpa ave mwibuye arimwo.

  • huuuuu none umuntu afise imvyaka myinshi ntafungwa?urunva bace bitwara ukobashatse!! nibamufunge bamucire imyaka itanu azoveyo afise 71 ntawubura icatinya

  • Uyo mutama na komere,ukuri kuzoteba gutsinda ikinyoma.

  • ahubwo iyo ba rwungururiza inyuma yamatora kuko mbona uwo mu zehe azohava yonona amatora

  • urucira mukaso rugatwara nyoko.

  • Ico gihugu gitwarwa n’abaja. bakoresha ubwenge nyabaki abo bategetsi bacu kweri? Urashobora kwubahuka ugatuma abapolisi gufotora abantu bitavye kwumviriza urubanza?
    Ubishizemwo ubwenge uca ubona neza ko Uyo mutama apfunzwe ata kosa afise ahubwo ari Leta imufunze ku gahotoro.

    Biteye isoni. Baze bakora ibintu biyumviriye neza ingaruka yavyo.

  • Jewe ivyobintu vyokwitabira ibirori hanyuma wabona abafotora ukababona nkabasi ndavyumvise mu Burundi!

  • leta y’uburundi nayo ntirinda ngo isigaz ikubahuka nyene at nisoni ikarungika umupolice gutera ubwoba abantu bagy gukurikirana urubanza rwa mutama mbonimpa bakamurungk nyene n’impuzu z’igipolice?

  • Imbwa y’ubukome ntikuga igikoko.
    Uwo mupolisi aho kuraba ntihagire ivyihebe vyinjira gutoba urubanza, ari mu vyo gukinisha camera!
    Ako ntikari akazi kiwe.

    iyo kamera arayitwara i muhira akamera umugore n’abana, azohore aza ararorera.

    nimba arabamutumye na ho,emwe eka bateye isoni n’ikigongwe.

  • Ariko ntabagabo bakihari pe ?ariko uwomupolice ntimwarikumukubita mukamwa iyo camela ’ahoko musigara muridoga ?barundi va hasi mwese muharanire ubwigege mbwanyu ’ntawundi numwe azobubaha atarimwebwe ?mureke kuguma muvuga ’mukangwa nizo javyi zabapolice’ uretse iyo muzu numuntu nkamwe ?rekaaaaa kuryama kanura rero ncuti zuburundi

  • Mbonimpa aho ari ni muri stage, naho atabihemberwa yunguka vyinshi, ndamwizeye. Niyavayo, guko ndabona ko ari ivya vuba, yandike igitabo yivyo yabonye. Niyataha azane ama dossier y’abana bacu bafunzwe kandi ataco bazira , abandanye urugamba yiyemeje.Uratubera Mandela.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.