IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urwanda rwashizeho amakambi abiri y’ukwakira impunzi z’abarundi

Urwanda rwashizeho amakambi abiri y’ukwakira impunzi z’abarundi

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’Urwanda ajejwe gukinga impanuka hamwe n’ibibazo vy’impunzi yemeza ko abarundi bamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda bagera ku 381, mu kiringo c’indwi zibiri gusa.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe gukinga impanuka hamwe n’ibibazo vy’impunzi, Mukantabana Seraphine, yamenyesheje ko ku munsi ku munsi, Abarundi babandanya kurengana imbibe z’Uburundi ku bwinshi, bahungira mu turere twa Bugesera na Nyanza.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda amenyesha ko abo barundi bahunga bemeza ko bahunga kubera umutekano muke ukomezwa kurangwa mu Burundi, hamwe n’ibimenyetso vy’intambara vyibonekeza. Umushikiranganji Mukantabana Seraphine agira ati: "Umubare w’impunzi urimo kwiyongera buri kanya, kuko kugeza ubu tumaze kwakira 381."

JPEG - 465.1 ko
Mukantabana Seraphine, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe gukinga impanuka hamwe n’ibibazo vy’impunzi

Ayo makuru atumenyesha ko impunzi zimaze kugera mu karere ka Bugesera ari 202, izindi zakiriwe mu Karere ka Nyanza, nk’uko Mukantabana Seraphine, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe gukinga impanuka hamwe n’ibibazo vy’impunzi abimenyesha.

Naho ubutegetsi bw’igihugu c’Urwanda bwemeza ko ataco buravugana n’ubw’igihugu c’Uburundi, hashizweho vy’agateganyo amakambi abiri yo kwakiriramwo impunzi z’Abarundi. Iya mbere iri ahitwa mu Biryogo, mu Murenge wa Gashora, akarere ka Bugesera, ikambi ya kabiri nayo ikaba iri i Nyanza.

Mu bushikiranganji bw’Urwanda bujejwe gukinga impanuka hamwe n’ibibazo vy’impunzi bamenyesha ko ivyo bariko baruhutira ari ukuronderera vyihuta aho izo mpunzi z’abarundi zirara, ivyo kurya, amazi, hamwe n’imiti yo kuvura abaje barwaye.

Umushikiranganji Mukantabana Seraphine akavuga ko abamaze kugera mu Rwanda bafatwa nk’abariko barasaba ubuhungiro. "Turabafata nk’abasaba ubuhungiro kuko abahunga ku munsi bataragera ku ijana."


Egide Nduwimana

Messages

  • I mana Ibahumugisha! Ariko ntimuje kure mube hafi gutabara abarundi! Abahoneje abana burwanda baje gukomereza iburundi!

  • Imbonerakuri ziriko zirara kumazu yabobatavugarumwe na cndd fdd barondera kubagandagura. mbere baragandaguye 4 mu kirundo!!!! leta yarabahaye inkoho abandi ibipanga . kandi muri nyambonerakure harimo n’interahamwe!!!!! none abanyagihugu bireka guhunga gute???

  • NONE KOBEREKANA KO IGIHUGU ATANTAMBARA IRIMWO ABARUNDI BAHUNGA IKI? MBE KOBAVUGA KOGWASA BAMURASHE EJO KUTARI 1 4 2O15

  • imana niyo izobashimira nukuri kurivyo bintu mugirire abavukanyi bamaz gushika i wanyu .Mudufashe gusengera uburundi n abarundi,kuko igihugu kigeze habi cane.

  • Rwose uburundi budufashye buzotwakire nkimpuzi butwugururire inkambi yimounzi turafise ibyemezo simusinga tuzababwira byerekanako murwanda ubwicanyi bushyira intambara yagakura bigaragara. Nababwirako nimwatwugururira inkambi tunzaturibeshi ijoro numanwa.

  • I MANA IHEZAGIRE UMUNTU AHAYE UBUHINGIRO IMPUNZI EREGA UMUNTU NTAHUNGA INTAMBARA GUSA!NUMUTEKANO UDAKWIYE NEZA URAHUNGA UKAJA MUKANDI KARERE KANATSINDA BIBILIYA IVUGA KO AKARERE KAKWANKIYE KAVEMWO UJE MUKANDI, MANA TABARA ABARUNDI NTIHABE INTAMBARA

  • Nibigir muga nuko wunva kumaradio abihend ngumutekan uruzuy haruwohung harumutekan bira

  • yoooh mbega Igihugu ciza ndagukunze Pres Kagame

  • Ni Uko Ivyi 1993 Byagarutse Bwana Prezida Raba Igikenewe Tuve Mubuhungiro

  • Ndi Mujinya Razaro Wimakamba Mukayogoro Muburundi Izompunzi Nizivugishe Ukuri Zireke Kwambika Ibara Igihugu Zihunze Inzara Muburundi Ntantambara Iriho Ahubwo Umutware Arongoye Mukirundo Nibamukorereko Niwe Abagumuye

  • Ndi Mujinya Razaro Wimakamba Mukayogoro Muburundi Izompunzi Nizivugishe Ukuri Zireke Kwambika Ibara Igihugu Zihunze Inzara Muburundi Ntantambara Iriho Ahubwo Umutware Arongoye Mukirundo Nibamukorereko Niwe Abagumuye

  • izompunzi zabaturanyi bacu biburindi tugomba kubafata nkabacu turabakiriye

  • Muburundi ikibazo kihari ni ica 3ème mandat. Ikindi, gishobora no kuba gituma abo barundi bitaba akamo ka Kagame (niba koko bahungiye mu Rwanda) ni inzara iturutse ahanini kuzuba rikomeye ryakira akarere ka Kirundo. Ic’umutekano muke ni politique ya kagame. Ariko rero turakwiye kuhagabira. We wosigura gute ukuntu bihutira kwugurura amakambi y’impunzi z’abarundi mu Rwanda, bagaca babishira kumaradiyo, kumboneshakure no kungurukanabumenyi kandi atantambara iravugwa mu Burundi? Ahubwo muraraba neza ko ataco bisana na vya bitero vyo mu Cibitoke; mwibuke ko urwaruka rwahitanywe n’irya ntambara abavyeyi bagumye bemeza ko abana babo bagiye guca ingero mu Rwanda, ko n’ubu bakivugana kumatelefone, mugihe abandi bavuga ko bababonye ibiziga mu Cibitoke. Iyo ngero bagiye guca, ntawuzi ko atari iyo kwugurura amakambi y’impunzi z’abarundi. Muce mwibuka kandi ibiziga vyo mu Rweru iyo vyazananye n’inyifato abategetsi b’uRwanda bagize munyuma haba mukuvyegeka ku Burundi canke mukuza mw’ijoro kuzura ibiziga aho vyahambwe. Ukaba ubona n’ingene bariko barashiramwo ivy’interahamwe zabo. Tutaravye neza rero, uretse ko badusubiza mundyane z’amoko ubona ko iwabo batarota babironderera umuti, duhakwa neza na neza gusubira muri Rwanda-Urundi, igihugu c’ihonyabwoko. Umurundi akunda abarundi n’uBurundi rero yorondera umuti w’ibibazo vy’abarundi ukundi, atari kwitabira Imigambi y’uRwanda. Abarundi barabizi ko umubanyi atakwubakira minsi yose. Urwo rukundo ni Mumpekure. Mbega wumva hoho izo mpunzi bavuga ni ubwoko buhe (tuvyise ubwoko naho bidahuye neza n’ubwoko mu Burundi)? Ntitwihute kwitabira urwo ruvyino rw’abanyarwanda kuko tuzohava twibuka kubogora twamaze gusesa, mukaba muzi ko amaraso aseseka ntibayore.

  • RWOSE ABO NTACYO ABHUNGA NI BATAHE TURI MUMAHORO CYANE.
    IBYARIBYO BYOSE BAHUNGA INZARA KWELI.BOTAHUKA RWOSE.

  • AMARADIOS YAHANO MU BURUNDI YIGENGA AKORERA ABATAVUGA RUMWE NA RETA NIYO ATUMA ABANYAGIHUGU BAGUMA BAHUNGA,UKURIKIJE IBIGANIRO BYABO UBA WUMVA ARI IBYO KUBIBA INDYANE HAGATI Y’ABANYAGIHUGU. ZIMEZE NKA RTLM YO MURWANDA MBERE YA GENOCIDE. AHUBWO UBUTUNGANE NA RETA NIBABAKURIKIRANE MU NKIKO.

  • MUJINYA BA WITONDERA IVYUVUGA CG UMESE IMVUGO UKORESHA.KUBWANJE MVUGA NTI:NABANDI BARINYUMA JE NAMYE MURI RESTAURANT AHO NAKORANYE NIKIGANIRO NABANYONZI BIBUGABIRA. CARANZWE NIMPARI NYISHI AHO NAGERAGEJE GUSENGURA NKURESHEJE UBUMENYI BWANJE BUTARI BUKE CANE MUMATAMA YABO NUMVA NEZA KO ABO BATARIKUMWE MUMUGAMBWE BAHANGAYITSE.BAMWE NGO NUGUHONYOORA ABANDI NGO:NUKWEREKANA MUJINYA BA WITONDERA IVYUVUGA CG UMESE IMVUGO UKORESHA.KUBWANJE MVUGA NTI:NABANDI BARINYUMA JE NAMYE MURI RESTAURANT AHO NAKORANYE NIKIGANIRO NABANYONZI BIBUGABIRA. CARANZWE NIMPARI NYISHI AHO NAGERAGEJE GUSENGURA NKURESHEJE UBUMENYI BWANJE BUTARI BUKE CANE MUMATAMA YABO NUMVA NEZA KO ABO BATARIKUMWE MUMUGAMBWE BAHANGAYITSE.BAMWE NGO NUGUHONYOORA ABANDI NGO:NUKWEREKANA UBUDASA.

  • uvuze ukuri wewe suavis hari radio wumva ukumva nawe utarara muburundi. yego mufite uburenganzira bwo kuvuga ibyo mushaka ariko mujye mureba nabo mubwira ubumenyi bafite,amateka babayemwo,imibano bafitanye nabaturanyi. mukeneye umu president ubakosora mukajya kumuromgo,abanze akabashyira mugihome agafunga,urufunguzo akaruta.

  • uburundi n igihugu gito ariko kirimwo induru nyinsh cane ! Imana idufash tuve muribi bibazo trimwo

  • esenatwe kotugomba guhunga duhakwa kenshi shireho umuhora ngurukana bumenyi facebook abarundibariyo babebaturondera natweturagowe

  • Mpunzi Ziburundi ,Mukomeze Kwihangana ,ibyobibazo Mufite Bizashira Kuko Ntamvura Idahita,mugire Amahoro Y’imana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.