IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abategetsi batandukanye bo mu giporisi c’Uburundi bahinduwe

Abategetsi batandukanye bo mu giporisi c’Uburundi bahinduwe

vendredi 6 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahinduye abategetsi batandukanye mu nzego z’umutekano. Bamwe mu baporisi bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi birukanwe.

Ayub Sindayigaya Matricule OPN 0305 avugwa mu matohoza ya RPA ko ari mu bateguye bongera bashira mu ngiro ubwicanyi bwakorewe ababikira b’abatariyanokazi, yahawe kurongora igiporisi mu gisagara ca Bujumbura (Commissaire Provincial Bujumbura). Ayub Sindayigaya asanzwe kandi azwi mubari barongoye igiporisi cafata kikongera kikarasa abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA muri Mutakura na Cibitoke.

OPC1 Emile MANISHA matricule OPN 1170 yahawe gutwara igiporisi kijejwe amatohoza (Commissaire Général de la police Judiciaire).

CP Melchiade RUCEKE matricule OPN 0012 yahawe kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’umutekano.

OPC1 Serge NTAKAVURA matricule OPN 0093 yahawe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano.

Bamwe mu baporisi bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi birukanwe mu giporisi. Abirukanwe ni CPP Edouard NIBIGIRA, CPP Hélmenegilde NIMENYA, CP Léonard NGENDAKUMANA, hamwe na CP Zénon NDABANEZE.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.