Accueil > Amakuru > umutekano > Abatunze ibirwanisho batabifiye uburenganzira bagabishijwe
Abatunze ibirwanisho batabifiye uburenganzira bagabishijwe
jeudi 10 Mukakaro 2014
Ibirwanisho bito bito bicira umuriro nk’inkoho, ama grenade, n’ibindi biri mu bihahamura abantu mu gihe bikoreshejwe mu mwanya utariwo, bikanakoreshwa n’abatabifitiye uburenganzira.
Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ibarwisho bito bito, RAIAL (Réseau d’Action International sur les Armes Légères), basanze ibirwanisho bito bito bikoreshwa akenshi mu kwiyahura, mu gusahura, mu gutoteza ubuzima bwa kiremwa muntu no mu gutera ubwoba, mu gufata ku nguvu n’ibindi.
Nk’uko vyama bigenda ku mwaka ku mwaka, kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gusambura ibirwanisho bito bito, mu kubikura mu banyagihugu.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 10 Mukakaro 2014, komisseri Maurice Mbonimpa arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho bito bito mu banyagihugu, yamenyesheje ko Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gusambura ibirwanisho bito bito mu gukingira ubuzima bw’abanyagihugu.
- komisseri Maurice Mbonimpa arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho bito bito mu banyagihugu
Mu kwifatanya n’ibindi bihugu, Commisseri Mbonimpa amenyesha ko Uburundi bubigaragariza nabwo mu gikorwa co gukura ibirwanisho bito bito mu banyagihugu, bikegeranirizwa ahantu hamwe hama bigasamburwa. Mu Burundi, ico gikorwa kikaba kibera ahantu habiteguriwe, mu ntara ya Bubanza, aho bita ku Mudugudu, kigakorwa n’abahinga banonosoye ugusambura ibirwanisho.
Ku bijanye n’ikiringo bisamburirwamwo, commiseri Mbonimpa avuga ko ikindi gikorwa co gusambura ibimaze kwegerenywa kigiye kuba mu minsi ya vuba. Aho tukabibutsa ko isekeza rya mbere ryabaye mu mwaka w’2009, aho igikorwa co gusambura ibirwanisho bito bito catangura mu Burundi.

Ku babitunze batabifitiye uruhusha, bakaba batarabitanga bagabishijwe, bakamenyeshwa ko amategeko avuga ko uwufashwe ahanishwa kuva ku myaka itanu kuduga y’umunyororo. Komiseri Maurice Mbonimpa agasaba abanyagihugu kwirinda kubana n’ibirwanisho, ku babifitiye uburenganzira nabo, bakavyigiza kure y’abana ntibizohave bibahekura.
Mariella Bukuru