Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abavyeyi basabwa gukurikirana akanovera k’ivyirwa buca bihabwa abana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abavyeyi basabwa gukurikirana akanovera k’ivyirwa buca bihabwa abana (...)

Abavyeyi basabwa gukurikirana akanovera k’ivyirwa buca bihabwa abana babo

jeudi 5 Nyakanga 2013

Abavyeyi b’abanyeshure bakeneye kubona ibirasi, ibitabu n’abigisha bafise ubushobozi bw’ukwigisha mw’ishure nshingiro.

Ivyo ni ibivurwa n’umupfasoni Nibizi Eularie, mu gihe ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye bamenyesheje ko amashure buca atangura kuri uyu wa 16 Nyakanga, uyu mwaka, mu gihe umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amashure y’intango n’ayisumbuye yavuze ko mu gihugu cose imyiteguro y’ishure nshingiro iriko igenda neza.

Umupfasoni Nibizi avuga ko ishure nshingiro ritunganijwe neza, ryofasha urwaruka kwitunganiriza ubuzi bwabo, ivyo bigafasha kurwanya ubushomeri bwiraye mu rwaruka. Ariko rero naho biri ukwo, Eularie Nibizi aranegura ko hari intara zitandukanye atabirasi vy’ishure nshingiro barongerako, ndetse no mu gisagara ca Bujumbura hakaba hariho aho ivyo birasi bitubatswe, nk’uko ikinyamakuru IGIHE cavyiboneye, mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura. Ikindi uyo mupfasoni avuga, n’abayobozi batararonswa ibitabu bizokoreshwa muri uyo mugambi wa Leta w’ishure nshingiro.

Ingorane rero ntizibuze kuko abazigisha mw’ishure nshingiro bahawe inyigisho indwi zibiri gusa, na rirya bazigisha indimi zitatu Ikirundi, igifaransa hamwe n’icongereza. Mu kiganiro uyo mupfasoni yahaye iradiyo Isanganiro, yasavye ashimitse ko abavyeyi bokurikiranira hagufi inyigisho zizohabwa abana babo muri iryo shure nshingiro, bakurikirane cane cane bakihweza akanovera k’inyigisho zizotangwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.