Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayoboke 183 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abayoboke 183 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa

Abayoboke 183 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa

mardi 3 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abayoboke 183 b’uwahoze arongoye igihugu ca Misiri Mohamed Morsi, bakatiwe urubanza rwo gupfa bakaba bagirizwa kuba barishe abapolisi 13 mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka w’2013.

Abo baciriwe urubanza rwo gupfa baje biyongera ku bandi, nk’uko ubutungane bwaho mu Misiri bubimenyesha. Abo bayoboke ba Morsi bagiriwe n’icaha c’ukwica abapolisi bashika kuri 13 mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2013, abo nabo bakaba bishwe inyuma y’amasaha make abajejwe umutekano, batumye hapfa abayoboke ba Morsi bashika ku majana indwi bari mu myiyerekano.

Iyo sentare nyene yari yaciriye urubanza rwo gupfa kuwa 2 Kigarama umwaka w’2014 abandi bashika kw’ijana na miringo umunani n’umunani kubera ko bagiye mu migumuko biyamiriza komisariya y’igipolisi c’i Kerdassa, i Kayiro kuwa 14 Myandagaro umwaka 2013. Hagati rero y’ukwezi kwa Ntwarante na Ndamukiza, abantu bagera ku gihumbi n’amajana bari baciriwe urwo rubanza nabo nyene. Abo bose bakaba bikekwa kuba ari abayoboke ba Mohamed Morsi, umukuru w’igihugu yatembagarijwe ubutegetsi.

Mukamenya ko kuwa 15 Ruhuhuma hategekanijwe urundi rubanza rwa Mohamed Morsi, aho yagirizwa kuba yarakoze ubusumyi bw’urusaku (Espionnage).

N’ubwo abatari bake basa n’abaguma biyamiriza izo manza zo gupfa ziguma zicirirwa abayoboke ba Morsi, abategetsi baho basa n’abica amatwi. Mubavuye hasi bagasemerera, aha twovuga nka Ban ki Moon, icegera c’umushikiranganji wa mbere hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’ububiligi n’ayandi makungu Didier Reynders n’abandi, kuko guca urubanza mu kivunga vyoba bidakurikije amasezerano mpuzamakungu mu vyerekeye agateka ka zina muntu. Eka no kuwa 18 Kigarama n’umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama yari yabwiye mugenzi we w’igihugu ca Misiri ko arajwe ishinga n’izo manza zo gupfa. Imiryango y’abo baciriwe urwo gupfa muri kino gihe ikaba yuzuye intuntu.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.