Accueil > Amakuru > umutekano > Afrika y’epfo : Abarundi bagiriza ubuserukizi bw’Uburundi ko ataco buriko (...)
Afrika y’epfo : Abarundi bagiriza ubuserukizi bw’Uburundi ko ataco buriko burafasha
jeudi 16 Ndamukiza 2015, par
Inyuma y’ubwicanyi bunyamaswa bukoregwa abanyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’ejo, ibihugu bimwe bimwe nka Malawi na Somaliya bafashe ingigo zo gukingira abanyagihugu babo mu kubatahukana. Abarundi bidogera uwuserukira Uburundi muri Afrika y’epfo ko ataco ariko arabafasha.
Ubwicanyi bukoregwa abanyamahanga baba muri Afrika y’epfo bumaze guhitana abanyamahanga bagera kuri batanu, harimwo n’umuyabaga afise imyaka 14, mu gisagara ca Durban. Aho bamwe muribo bicwa bunyamaswa n’imipanga, amahiri, abandi bakaba barataye barokomoka mu gutinya ko nabo bicwa. Ivyo rero bikaba bishitse inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avugiye ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa, kuva ico gihe abanyamahanga bagera ku gihumbi b’abanyafrika bakaba baciye bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo.
Aho mukamenya ko abo bica abanyamahanga babagiriza ko aribo babatwara ubuzi bwo gukora, kuko bari mu gihugu ari benshi, abenegihugu bo muri Afrika y’epfo ntibasubire kuronka amahigwe menshi yo kuronka aho bisumamwo. Ivyo bivugwa n’abo banyagihugu bo muri Afrika y’epfo birabeshuzwa n’abarundi twashoboye kuganira, bagasigura ko bakora ubuzi butobuto birondereye, bwo kwisumamwo, kandi budatangwa na Reta.
Abo barundi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE baremeza ko ubwicanyi bukoregwa abanyamahanga buhari kandi ko bumaze guhitana abatari bake, harimwo n’abarundi, bagasaba ko Reta y’Uburundi yokora uko ishoboye kugira nabo batahukanwe mu gihugu cabo, nk’uko ibindi bihugu biriko birabikora. Mu gihe ibindi bihugu bibandanya kurungika imiduga ishikana ku kibuga c’indege mu mutekano abanyagihugu bavyo, abarundi bagiriza uwuserukira Uburundi muri ico gihugu ko ataco ariko arabafasha, kandi k ata n’ijambo ry’ihumure arashikiriza. Turiko turagerageza kurondera abo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu kugira tumenye ico bategekanya gukorera abo banyagihugu b’abarundi bari muri Afrika y’epfo bariko baritabariza.
Alida S.
Messages
16 Ndamukiza 2015, 11:03, par claire
ces idiots pensent que tuer les étrangers leur apportera quelque chose de plus dans leur vie quotidiennes??? qui tue par l’épée lui sera de même.
16 Ndamukiza 2015, 11:39, par John
Emwe,abanyafrica tuzoterimbere ryari mu vyiyunviro?abo barundi bacu bariyo nabo kugira ngo bakire nibandikire Nkurunziza ko bari pour le 3ieme mandat ubwo nyene aca abarungikira indege sino nabari mu Burundi barapfuye,ariko parait-il ko Boko Haram yavuze ko hagize umu etranger basubira gukorako yuko umu sud africain wese ahari kwisi y compris les ambassades bazoca babatera .
16 Ndamukiza 2015, 12:15, par NIYONZIMA ANICET.
KO ABARUND BARI MUMAHANG BAMA BAGRA IBIBAZO VYOKWIRUKANWA KAND BAKICWA.LETA YACU IZOKWAM IHOZ ??
16 Ndamukiza 2015, 12:38, par Munegwa
uyo muserukizi embassadeur ni umu DD abarundi bari muri Africa y’epfo bahunze aboba DD, none wumva yobafasha ik? Nimwigwaneko basha.
16 Ndamukiza 2015, 13:32, par vuganeza
Nimubavire mu gihugu baronse babize akuya,mwa batutsi mwe mujanayo amanyanga,les magouilles n’ubundi bubegito,bari barabatebeje,babahinyuye !Mwamenyereye muri afrique centrale mwaje murakirwa,barya barakanuye si nka twebwe,bavireho mubahe amahoro aho muri ni umdugararo mutera!
16 Ndamukiza 2015, 14:08, par BBC
Mbega KABUTU ntazi ko afrika y’epho arinini. , nkumuntu ari Cap town azoshikira uwuserukura u Burundi ari Pretoria ahantu hangana nokuva mu Burundi uja muri Kenya ? Imana yonyene iratubona .
16 Ndamukiza 2015, 14:23, par Burundi
Shem,uyu yiyiseBBC nibaza ko atazi agaciro k’umwenagihugu!!Kuki Somalia itahukana abanyagihugu bayo??N’uko bari bagiyeyo gutembera ata mvo??Biraboneka ko kuba UMURUNDI ata gaciro bigira IBurundi mbere no kw’isi
16 Ndamukiza 2015, 14:52, par Boubou
Mbega ubuntu bwagiye he? C’est sauvage ça et c’est ridicule pour ce peuple qui a mis au monde un homme fort comme mandela. Si mandela était toujours là cela ne pouvait pas arriver. L’afrique toute entière a perdu un homme qui a servi de modèle. Ce Roi des zoulou n’est pas un Roi car un roi est celui qui garantisse l’unité et la paie des peuples.
16 Ndamukiza 2015, 16:55, par rurihose
vuganeza uri interahamwe extremiste pe. Mbe ni nde yakumbwiye ko abarundi bari mu Afrique du sud ari abatutsi gusa , uzosanga uriko uraseka utazi ko ari so canke nyoko bahitanywe n"iryo sekeza.
16 Ndamukiza 2015, 17:01, par shaggy
sha ntaho mugiye nabandi bariko barahunga baza mugwanda none namwe ngo uburundi ngo burungike indege ije kubatora.mbe mushikirahe ko natwe ubu turi mubuhungiro se nga Imana ibafase umwaka abarundi turagowe.imbonerakure ziramaje abantu.benemama nuguse nga cane gose.Imana idukureko uyumugwaninizi hamwe na peter nkurunziza
16 Ndamukiza 2015, 20:23, par vuganeza
@Rurihose
ndi interahamwe ndamaze nta tandukaniro riri hagati yanje nazo car tous des hutus,uti hari abahutu benshi,ça m’étonnerait ni mwe mukunda gutamba aho agahiye kari ,bavire mu gihugu canke namwe muje mu rwanda nta ndege zihari,zivahe ko aho twozikuye muja kuzibiza imfashanyo ntizize,mwari muzi ko ari twebwe muriko murahana twenyene,Nimubwire pancrace yama ari muri union européenne akagaruka akihaya que le terrain est miné pour le président,abo ahora aja kubwira nabasabe indege mu burundi turakenye ntazoooooo!!
16 Ndamukiza 2015, 20:55, par Minani evariste
Nukuri birateye agahinda kubona umuntu yicwa nkimbwa yasaze,ndasavye president avugane na mugenziwe wa afrika yepfo hamwe nuwuserukira igihugu kugira abarundi boye kurwa muri urwo rwimo.
16 Ndamukiza 2015, 21:00, par congera
Birababaj kubona umuntu yicwa bunyamaswa.reta y’uburundi nifate ingingo yogukingira abarundi bari South Afrika
16 Ndamukiza 2015, 21:04
birababaje
16 Ndamukiza 2015, 21:29, par Doudou
Wewe BBC iyo ubuze ivyowandika bureka guta amajambo yubupfu
16 Ndamukiza 2015, 21:59, par gangister
Nibarungike indeg ize itore aba cndd babo ninzi mbonerakure Zaje kurondera Abakeba babo Ivya bazulu navyo barafise iyo babibonye kuko Nibamwe
16 Ndamukiza 2015, 22:03, par santos
Vuganeza w ararondera abagiraneza bakujane kwa le gentil mu kamenge.
16 Ndamukiza 2015, 22:46, par ntunzwenimana jean
De toute les façons nous avons le même corps.un disait que "les ennemis de l’Afrique ce sont les africains "je comprend mal comment un être humain peut brûler un autre? Tout simplement c’est tres hontes. Que Dieu les pardonne!!!
17 Ndamukiza 2015, 12:30, par Patrick
Bakureyo abarundi bareke kubica kuko mbese twebwe abanyamahanga Ubwo twebwe nago twabakorera icyo badukorera?
18 Ndamukiza 2015, 07:19, par B, daniel
Jewe mbona uwuserukira igihugu cacu cuburundi yokorankuko ibindibihugu biriko birakora kandi narindire ngumugumuko ubanzuhere kuko hohera abarundi sivyo rero
31 Myandagaro 2015, 07:19, par Ciza Elie
Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor
31 Myandagaro 2015, 07:20, par Ciza Elie
Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor
31 Myandagaro 2015, 07:21, par Ciza Elie
Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor
6 Rusama 2017, 22:01, par nzoyisaba eric
nibabafashebatahe mugihugucamavuk bazetucubake nakaramahoro niyos