Accueil > Amakuru > umutekano > Agahinda niko karangwa mu maso y’abaherekeje Komezamahoro
Agahinda niko karangwa mu maso y’abaherekeje Komezamahoro
vendredi 1er Rusama 2015
Umwana yarashwe n’abaporisi mu myiyerekano iriko ibera mu gisagara ca Bujunbura yashinguwe ku Mpanda aho hitavye abantu benshi harimwo nkabo mumashirahamwe adaharira ivyicaro vya poritike.
Muri ivyo birori vyo gushingurana iteka KOMEZAMAHORO Jean Nepomucene, abarongoye ibigo biharanira ineza y’anaba, uwurongoye Maison Shallom, abo mu muhari waba Scout uwo mwana yarasanzwe akomokomwo, nabandi benshi, bikaba vyaboneka ko bafise agahinda ntangere.
Nk’uko amajambo yagiye arashikirizwa yo guhoza umuryango wabuze , bose bagaruka ingene biteye isoni ko umwana ashobora kurwa mw’isanganya nk’iryo kandi, Reta irorera kandi bakavuga ko impera n’imperuka ababikora bizobakorako. Mw’ishirahamwe OLUCOME baserukiye abateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, akaba yavuze ati :’’ Nyakubahwa Nepomucene , naho tubona umenga wapfuye, ariko uriho mu mpwemu, ariko uze udushikirire ababikoze, ubabwire ko batabihevye, amaaraso yawe azobahumira’’.
Tubibutse ko KOMEZAMAHORO Jean Nepomucene yagandaguwe ku w’Imana igenekerezo rya 25 Ndamukiza mu myiyerekano yabaye hagati ya mutakura na Ngagara, akaba yarashwe n’umuporisi w’igihugu, kandi yari yadugije amaboko, nk’uko bivugwa na bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike.
Bill Nkuruziza
Messages
1er Rusama 2015, 14:45, par Ok
Abobana Buburundi Ntimugume Mubahenda Mubarungika Mumyiyerekano Ahubwomubakuremwo Cankenamwe Abobana Buburundi Ntimugume Mubahenda Mubarungika Mumyiyerekano Ahubwomubakuremwo Cankenamwe Mubihebe
1er Rusama 2015, 14:58, par mpangaje
Je condamne les 2 parties.Les manifestants qui acceptent les enfants de moins de 18 ans dans le programe et les autres qui ont tire sur l enfant.RIP Nepo
1er Rusama 2015, 15:21, par Maison
Ndahijeje abavyeyi b’ico kibondo cazize ububegito bw’Abarundi; nayo abo ba Maragarita na ba Rufyiri n’abandi bakora nk’abo baraonse akandi karyo ko kwisabira amafaranga abazungu, kuko sinumva ingene aribo berekanywe muri ino nkuru aho kwerekana ifoto y’abavyeyi, abavukanyi n’umuryango wa nyakwigendera.
1er Rusama 2015, 16:20, par nina sandrine
Turahojej umuryango ngo wabuz ham ubutungann nabwo buze bukore
1er Rusama 2015, 18:41, par Gikwega
Nzorindanja aho uwomwana agiye ntibaguwe amajambo yokugumura abarundi yavuzwe nuwo Rufyiri arinayo atumye twongera kwiha iryosozi. Ubutungane bukore akazikabwo maze bazokubitwe intahe mugahanga. Murandebeye ukuntu ca Kirufyiri cirwanditse mubabuze kivugisha ngo uwomwana azobavugire! Ahorero cashatse kumutima kivuvati koturose umurundi apfuye atinimiburiburi imyaka 5 iriyongeye yagashahara. Jewe ndahevyendatwenga ahavuyuye kwababikoze amarasoyiwe azobahumira yiyibagiza Ko abifisemwo uruhara rukomeyeye. Abahutu mutaguyegucubwenge koko!
1er Rusama 2015, 19:25, par mahoro
RUFYIRI umuryango wiwe wose uba Belgique yicisha aban b’abandi abiwe bakaramuka
1er Rusama 2015, 20:16, par RUTRE THIERRY
AMARASO YUWO MWANA NTAZIJANA BAZOYABAZWA NGAHA MBWISI MBESE NOMWIJURU.SINUNVUKUNTU UWOGUKINGIRA AGARUKA AKABA ARIWE AKWICA
1er Rusama 2015, 20:20, par mpozenzi
Ubwambere ndahojeje umuryango wabuze ariko bibuke ko umwana akwiye kurerwa neza gushika ageze mubigero,kuko urera nabi ugatukwa nabakwe,ikigira kabiri nagomba kwibutsa abarundi basoma aya majambo twandika ko bayafata nkama!!!!!kuko sinumva ingene bahamagarira abantu kuja mwibarabara abavyeyi bakarungika abana,abababahagaye nabo bibereye hanze?????Nkuwo RUFYIRI araho abiwe bose bibereye i BURAYI ariko ari mubahamagaye ico kibondo ngo kije kurwa mwibabarabara ariko murumva dufise ubwenge?????Ico mbona nuko yari yaserukiye umuryango wiwe mu myiyerekano.AGAPFA KABURIWE NIMPONGO.
1er Rusama 2015, 21:55, par irambona
Ndahojeje umuryango wabuze hama imana ize itwakirire iyo ncungu ya democlatie ariko ize imubaze peter
1er Rusama 2015, 22:02, par Kabezi
NIMWAKIRE AYAMAJAMBO NARUNGIKIWE NUMUGWZI UMWE WOMUMURYANGO WUWOMWANA YIGENDEYE.
Ndakubwire......... Jewe numvise ivyavuzwe na Rufyiri turikoturahamba nyakwigendera ncanibuka ko imyiyerekano yatumye ivamwo umwanawacu kwicwa arimubayihamagaje mazenumvise ukuntu yigira uwera ahonunamwe numvise ikintu murijewe kimbwirati musimbireko umuryanenyo kugikanu, arikuyundimutima umbwira ati reka ntibagirengo umuhoyeko mudasangiye ubwoko ariko iyohaza abozidusangije ubwoko nziko bagiziruhara mukugumura abanyagihugu namusimbirako maze abajejwe umutekano bamfata nkababwira icabintumye.
2 Rusama 2015, 00:08, par nzomukunda Eric
Ubwambere ndahojeje umuryango wabuze. Ngaca nongera gutera ivyatsi abo baciyumvira gusesa amaraso ya kiremwa muntu bamenye ko nabone batava amazi. Hama Mahoro,Mpozenzi na Gikwega nimba mwaryohewe n’abariko baricwa n’igipolisi canyu hamwe nabo muri documentation,muramenya yuko buca bugacana ayandi. Intahe niyafata ijambo muzojugumira.igihe ubutungane buzoba bwigenga hamwe n’igipolisi vyigenga turazi yuko muzotangara. Just wait soon and very soon you gonna see.ntavyinshi mvuze. Ariko iyo ntwaro nkiya Micombero igiye kuvaho,intwaro yaranzemwo ubusuma bwinshi hamwe n’ubwicanyi bwinshi tutibagiye ibiturire no kunyuruza amatungo y’igihugu. Nobivuga sinoheza reka ngeze ngaha kuko mvuze ivya farcon na za miliyaridi baheruka kunyuruza ngo bagomba kugura indege izorerura umukuru w’igihugu vyose turabibona.
2 Rusama 2015, 03:09, par ERIC
MBANJE GUHOZA UMURYANGO WABUZE BENEDATA NDABAHANURE UMUTI WIBIBAZO SUGUTERANA AMAJAMBO NIMWICARE MUSENGE KUKO ICOKIBA AHOKIGEZE KIREBA ABARUNDI BOS KUKO RUKO RUTWARA ABANDI NATWE RUTATWIBAGIYE NIYOMPAMVU TWOSENGA TUDASIBA UYO MUTAKO UMWIKOMO NAWE AVA AMARASO NDETSE NABADUTWARA KUGIHUGU GISIGURE KWATAHO BOHUNGIRA URUMFU NASHAK AJE HEHE? RWARAMUTSE GWAJE NTIRUMUSIGA NIYOMPAMVU MBASABA IVYO MUBIVEMWO KUKO SUWIGIRA AGAKOMEY NUWIHOREYE AHOTUGEZE TWESE TURIKUKINOGO HASIGAY AHI MANA
2 Rusama 2015, 06:16, par levis Nshimirimana
Birababaje cane kubona umwana azira akarengane nkako ntaco mwihangane Imana imwakire mubwami bwo mw’ijuru turahojej ababuz mwihangan arik abapolice nkabo bakwiye kwisubirako kandi bamenyeko nta ngoma idaher
2 Rusama 2015, 08:06, par Irakozesarathier
Ndatangaye!!!Haramarira akora munkovu yuwakomeretse!Uwo mupolice yabikoze ubu wewe uvugako atishe hishe RUFYI?Nimyakingahe umaze wumvubutumwa?wibukeko nabapfuye Izobazura,bahanwe!!!Uwowese akora nabi ntagwitwazo ruzobayo,ntansiguro!satani imbe abadayimoni inyuma nawuherekeze mwinjiere mugihenomu.Nindatazicaha icarico?Iyubare ntukoricaha.
2 Rusama 2015, 09:29, par vuganeza
none bamurungitse mw’ibarabara abura kuja kw’ishure,ivyo twebwe ababajwe n’intwaro z’abahima ntaco bivuze kinini,twebwe bata inzoya z’abahutu ku mbabura,imicuko bakayisamisha baionnette,abagore bakabagwa inda,uyo we yarazi ko agiye gukina nta bikino birimwo ni ingwano,désolé !!!
2 Rusama 2015, 09:51, par ciza jean
JE ABANTU MURANTWENZA, AHO ABAVYEYI BUMWANA BARAJA NGAHO NGO BAJE KUBASHIGIKIRA KANDI ARI BO ABATEGUYE UMUGUMUKO VYAVUYEKO, MURARABA NEZA UMUGAMBI BAFISE, BAZOZA BARICA UMWUMWE BACE BABITA KURI LETA NGO NIYI IRIKO IRABICA. MURAGABA. UWUBIZI NUMUVYEYI YABUZE NAYO MWEBWE MWATEGUYE IMIGUMUKO MWARANDIKISHIJE AMANOTA, MUGUTANGA RAPPORT YABABAHAYE AMAHERA ,MUZA MURAHEMBA ABARI MUMYIYEREKANO. MWOSHAKA MWOHEBA KUGANDAGURA ABANTU INYUNGU NTAYO KU MANA. KUGIRA MUSENYURE LETA NUKO MWOKWICA BESHI MUKABEGEKA KURI LETA? ATTENTION !
2 Rusama 2015, 11:43, par Esther Bukuru
Birateye Agahinda, Mana Garukira Igihugu C’ Uburundi Kuk Bugez Ahatemba! Mwana Wa Mama Népomucène Genda Amahor Imana Ikwakire Mubwami Bwayo!