IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Agateka ka zina muntu ntikubahirijwe mu mwaka w’2013

Agateka ka zina muntu ntikubahirijwe mu mwaka w’2013

mardi 7 Nzero 2014

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akapfunzwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) rimenyesha ko agateka ka zina muntu kasubiriye inyuma mu Burundi. Iryo shirahamwe rikabishikiriza ryisunze ibiharuro vy’abantu bishwe, abandi barahohoterwa mu mwaka twaraye turangije w’2013.

Mu mezi cumi na kumwe gusa y’umwaka w’2013, abantu baharurwa mu majana ane na mirongo itanu (450) baragandaguwe, abagera ku majana atandatu na mirongo ibiri na bane barakomereka bikomeye. Imvo nyamukuru zatumye ubwo bwicanyi n’abakomereka biyongera ni ukutihanganirana muvya poritike, amatati y’amatongo hamwe n’ukwihorahorana hagati y’abanyagihugu.

Kubwa Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues), agateka ka zina muntu muri rusangi ntikubahirijwe kuko ibiharuro bitigeze bigabanuka, bageranije n’ukungene vyari vyifashe mu mwaka w’2012. Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko n’ikibazo c’ukwihanira hamwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho vyatumye ivyo biharuro vy’abagandaguwe n’abahohotewe biduga.

JPEG - 76.9 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.