Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akajagari ku gituro c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Akajagari ku gituro c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura

Akajagari ku gituro c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura

lundi 30 Kigarama 2013

Itunganywa nabi ry’igituro kiri iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, niryo ryateye akajagari, katumye umwe mu badereva aribwa amenyo mu mugongo n’uwo bariko barashwana, bapfa igitabu ca rimwe mu mashirahamwe y’abadereva.

Umwe muri abo badereva rero, akaba yambariye ikinyamakuru IGIHE ko bababazwa n’inyotorwa ry’amafaranga y’ishirahamwe, aho bavuga ko bipfuza gukura uwusanzwe arongoye ico gituro, kuko amafaranga yiba ari menshi. Abasanzwe barongoye ico gituro rero, bakamenyesha ko batiteguriye gukinjura, ikiringo cabo kidaheze.

Ako kajagari kakaba kamaze umwanya utari muto, ndetse n’imwe mu miduga ikaba vyagorana kurengana, mu gihe bamwe bari bafashwe n’igiporisi abagenzi babo basaba ko barekurwa kuko bafashwe bariko basaba ko amategeko yokurikizwa, amafaranga y’ishirahamwe ryabo akareka kunyuruzwa atacamira. Ubu rero bikaba bivugwa ko hari amashirahamwe abiri, rimwe rigakora ritazwi n’amategeko ariko rikaba rikundwa n’abaderevabenshi, iryari rihansanzwe naryo, ubu ririyamirizwa n’abasanzwe ari abadereva baryagiriza kwiba amafaranga 1600 ku munsi atangishwa umuduga wose wunguruza abantu uciye kuri ico gituro.

Tukabamenyesha ko abaporisi bashitse hakiri kare, maze batuma ibintu bitayangara, mu gihe vyasa n’ukwo hari hadutse indwano y’urudubi, aho bamwe bamwe barwanira aha, abandi nabo bariko barwanira hirya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.