Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algeria : Abari kumwe na Hervé Gourdel bagizwe imbohe amasaha (...)
Algeria : Abari kumwe na Hervé Gourdel bagizwe imbohe amasaha 14
lundi 29 Nyakanga 2014
Abagabo batanu baba Algeria bari kumwe na wa mufaransa yicwa bunyamaswa, Hervé Gourdel, bagizwe imbohe n’umurwi wa jihade Jund al-khilafa amasaha 14 imbere yokurekurwa, nk’uko umwe muribo yabishikirije mu kinyamakuru AFP.
Umwe muri abo banyalgeria batanu, umunyeshure w’imyaka 21, yashikirije mu kinyamakuru AFP ko abo babicanyi babanyuruje mu gihe bari mu muduga barikumwe na Hervé Gourdel. Akavuga ko bari abanyalgeria batanu harimwo n’uwo mufaransa, ko bafunzwe amasaha 14 imbere yo kurekurwa. Uwo musore ntiyashimye gutanga ibimuranga n’ivyakurikiye mu kunyuruzwa.
Barekuwe, abo bagabo batanu barijanye mu giporisi kijejwe umutekano, aho bafunzwe icamaso bagirizwa guha indaro umunyamahanga batabimenyesheje ubuyobozi mu gipolisi. Abajejwe itohoza bababaza ingene bahuye n’uwo mufaransa, n’icatumye bamutwara muri ako karere ka Djurdjura karimwo imirwi yitwaje ibigwanisho y’aba islamu.
Inyuma y’imisi itandatu yo gufungwa icamaso, barekuwe. Gushika ubu, ikiziga ca Hervé Gourdel ntikiratorwa.
Nadege Irakoze