Accueil > Amakuru > umutekano > Amagerenade atatu yatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura
Amagerenade atatu yatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura
mercredi 3 Ruhuhuma 2016, par
Urwamo rw’amagerenade atatu rwumvikanye mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’ahakorera ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru LUMITEL. Amazu y’ubudandaji amwe amwe yaciye yugara kubera gutinya.
Inyuma y’ayo magerenade yatewe n’umuntu canke n’abanu bataramenyekana, abaporisi baciye baboneka ari benshi mu gisagara, ibarabara ryitiriwe ubudandaji naryo rikaba ryamaze akanya katari gato ritarengana. Amazu y’ubudandaji yegereye ivyo bibanz yaciye yugarwa, ahakunda gukoranira abantu benshi naho nk’aho bita kuri BATA hakaba haboneka abaporisi benshi.
Ivyononekaye ntibiramenyekana, ariko abanyagihugu begereye ahatewe izo gerenade bakavuga ko abantu bane aribo bamaze kumenyekana ko bakomeretse.
IGIHE
Messages
3 Ruhuhuma 2016, 16:07, par Kegis
Abo ni ba sindumuja ntabandi babikoze
3 Ruhuhuma 2016, 17:09, par Déo
Birababaje,kubona batera amagrenade mubantu atacobazira novuga ko arubwicanyi ndenga kamere.
3 Ruhuhuma 2016, 17:17, par RUKUMBINGEGERAZITWASINDUMUJA
Ba sindumuja ni terrroristes , uwashidikanyaga arabyiboneye kandi iminsi yabo irabaze kuko bageze kubuce basamba
3 Ruhuhuma 2016, 17:24, par kamaro
abo ngo bariko barwanya reta kumbe bariko baramara abanyagihugu, ehe raba gutera amagerenade mububare hamwe nomubibanza bihuriramwo abantu beshi, ukwo sugutera abanyagihugu??
3 Ruhuhuma 2016, 18:23, par fredom
birababaj gutera inzzira karengane ariko reta niyemere iganir nabo batavuga rumw turab ko tworuhuka twebw abanyagihugu
3 Ruhuhuma 2016, 19:13, par Burundi Jean
None Ko Mwateye Amagerenade Mugakomeretsa Abenegihugu Mutazi Ko Hoba Harimwo Benewanyu, Ubu Mwabaye Abapresida ? Ayo Muhembwa Kubera Mukoze Amaraso ,Yabenewanyu Numururazi Muriko Murya . Ya Satelite Ibona Ibinogo Vyabaphuye Kuva 68 ,20 16 Izoteba Ibabone Namwebwe Muragaba Canke Mubihebe Guko Ababatumye Nibo Bazobatanga Nibashika Kunyungu Zabo Heba Ako Kabi Kabishe. Ndabatwenze Murimtwenza . Musigaje Imisi Nkiyurume Rumara
3 Ruhuhuma 2016, 19:16, par None?
Basindumuja vyabayangaranye iyonzira ntaco yozobamarira kiretse ko muyikomeje uyumusi abarundi tubita aba terrorist mumisi namakungu azovyemeza nimwakomeza gukora ayomabi. Ariko nimba abantu bakemera kugirwa inama nobwira abaziko batavugarumwe nareta kuzabaragira ivyobahurizako imvugo na reta hariho bamwe mubatavuga rumwe na reta usanga baba abambere mukwiyamiriza abantu bakora amabi nkaba, hakabaho nabandi bavugako bibanezereje kohabaye amabinkayo! Abobanezerezwa nuko aba terrorist bakoze amabi imisi yanyu iregereje gokuzosubira kujahabona murazinye abakuru baba terrorist ukobabangahakw’Isi ukwonikwonamwe muzocamubaho.
3 Ruhuhuma 2016, 19:28, par Hutsi
Abobakora ivyo nukobumvise ngumunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon agiyegutemberera uburundi kukobobo bibazako ngoyocavuga ngonihaveho iyi reta ngwakaca ashiraho zamujeri/ Sindumuja zirirwa mumanama mu bubirigi nomu Rwanda. Ariko nkukomwakihenze kuvyomwagakoze vyose ntibizokunda ahubwo muzomera nka Hamani dusoba muri bibiriya kuko ivyoyagira ngo bizomukiza nivyovyamukwegeye urupfu.
3 Ruhuhuma 2016, 19:43, par mutanga
none ko CRANED ibuza abanyagihugu gukora akazi kabo bobo ni bashikira ubutegetsi abanyagihugu ntibazoja kumirimo yabo? nje ndabona ivyayo vyatanguye kuyita kuwamazi kabisa. kwica abantu ataco bazira ejo ngo bazi baguhunde amajwi canke ngo ejo ubarongore birateye isoni.
3 Ruhuhuma 2016, 19:43, par kamaro
abo bariko barwanya reta canke barwanya abanyagihugu?? ehe gutera zagerenade mububare mubibanza bihurirwamwo nabantu beshi, ukwo nukurwanya abanyagihugu!!!!. aho rero ngo bariko bireka abazungu ko muburundi ibintu bikomeye cane!!!!. hama go baserukira abanyagihugu, nicogituma CNARED abarundi dukwiye kuyirwanya twivuyinyuma....
3 Ruhuhuma 2016, 20:01, par NIYONKURU
KUBERIKI HAGITERWA AMAGRENADE MU GISAGARA
3 Ruhuhuma 2016, 20:33, par nitegeka privat
manafasha uburundi kuko turagowe
3 Ruhuhuma 2016, 20:59, par CE
non ubwo bwicanyi buzohera ryari?mana dufashe uburvndi bub ubwbwe ,utuje imbere.
4 Ruhuhuma 2016, 10:10, par Ntahaburimvo
Nukuri Harageze Gusenga Kuk Ni Kumisi Yanyuma.Burundi Bugire Burunde Ibiziga.
4 Ruhuhuma 2016, 14:35, par tresor
Bizogenda gute
4 Ruhuhuma 2016, 19:56, par ALexis
ubu niho mubonye ko uburundi bugiye mubihe bigoye gusumba ivyo bwaciyemwo buyoya ariko aratera amabombe ya napalme mubanyagihugu batagira gitabara b’intega na marangara ntimwasavye injeko mvamakungu mugabo kutu grenade tu2 canke du3 ngo mukeneye inteko sha
4 Ruhuhuma 2016, 22:13, par Philbert Nk
Kubera Intwarombi N,agacinyizo,abarundi Bacits Abihevyi,kumurango Izuba Ryaka Hagati I Town Grenade Igaterwa,ntibafate Uwayiteye!Bazigufata Abazira Ubusa,
5 Ruhuhuma 2016, 13:39, par ndayizekabura
none abantubegereye nokubona ntibababonye