Accueil > Festicab > Amareresi 99 niyo azohiganwa mw’isaburu FESTICAB 2014
Amareresi 99 niyo azohiganwa mw’isaburu FESTICAB 2014
lundi 26 Rusama 2014
Igitigiri c’amareresi azohinganwa mw’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi uyu mwaka catangajwe. 99 nico gitigiri c’amareresi azoba ari mw’isabukuru FESTICAB 2014. Isabukuru ry’uyu mwaka hongewemwo ibibanza vyo kurabiramwo amareresi hamwe n’imice ibiri mishasha y’amareresi ahiganwa.
Iyugururwa icese ry’isabukuru ry’amareresi FESTICAB rigira 6 ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 13 Ruhenshi 2014. Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kuri uyu wa mbere itarike 26 Rusama 2014, Diane KANEZA, ashinzwe gutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB, yatangaje ko FESTICAB 2014 izoba irimwo amareresi 99. Mw’itohitamwo ry’ayo mareresi hisunzwe ibintu bitatu : ugusesuka kw’amasanamu y’ireresi, amajwi arongorotse neza hamwe n’ubutumwa buri mw’ireresi.
- Diane KANEZA, ashinzwe gutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB
Umuyobozi wa FESTICAB, Cynthia NIYONSABA avuga ko isabukuru ry’amareresi mpuzamakungu mu Burundi, FESTICAB, ritera rikura kandi ry’iyagura. Aha akavuga ivyo afatiye ku gitigiti c’amareresi azohiganwa, hamwe n’abahinga mu mareresi bagera kuri 50 bitezwe. Bano nabo bakaba bava muri Afrika ndetse no ku mugabane wa Buraya.
- Cynthia NIYONSABA, umuyobozi wa FESTICAB
Ibishasha nyamukuru mw’isabukuru rya gatandatu akaba ari amareresi 2 mashasha maremare( films long-métrage), y’abarundi, ari mw’ihiganwa. Ayo nayo akabari : « I Mashaka » ya Jean Marie NDIHOKUBWAYO na Pascal CAPITOLIN ; « Amaguru n’amaboko » ya Roland RUGERO. Ayo mareresi akaba aje gusanga iyindi reresi ndende, « Gito l’ingrat » ya Léonce NGABO, yarimaze imyaka 15 ari imwe gusa ndende y’umurundi.
Ibibanza vyo kwerekaniramwo amareresi mw’isabukuru FESTICAB 2014 vyiYongereye bimwe biboneka. Nkuko Diane KANEZA yabimenyesheje, mu gisagara ca Bujumbura, ibibanza vyavuye kuri 3 (vy’umwaka uheze) bija kuri 9 (uyu mwaka). Ivyo navyo akaba ari ibibanza 3 vya American Corner vy’i Bujumbura, IFB, CJK, CELAB, KU KINDI, MARTHA Hôtel, NEW AGENA Hôtel. Hagati mu gihugu hiyongereyeko ikibanza kimwe ugereranije no ku mwaka uheze w’i 2013. Ibibanza vyavuye kuri 3 bija kuri 4 (American Corner y’i Gitega, Alliance Française de Gitega, Maison Slalom Ruyigi hamwe no kuri Kaminuza y’i Ngozi).
Mu batunganya isabukuru FESTICAB bavuga ko ari akanyamuneza ntangere ko kuronka amareresi mashasha ya mbere akozwe n’urwaruka rw’abarundi batanguye umwuga wo gukora amareresi. Uwujejwe ugutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB, Diane KANEZA amenyesha ko hari n’imice ibiri mishasha mw’isabukuru ry’uyu mwaka. Iyo nayo akaba ari : umuce w’amareresi yo muri Afrika y’Ubuseruko hamwe n’umuce w’amareresi y’ibicapo bikinishwa (films d’animation mu gifaransa).
Mwomenya ko mu mareresi 99 azohiganwa muri FESTICAB y’uyu mwaka, harimwo 16 ahiganwa ku rwego ry’igihugu, 51 ku rwego mpuzamakungu, 20 ku rwego rwa Afrika y ‘Ubuseruko na 12 mu rwego rusangi.
INGABIRE Luc-Noël