IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amasasu yarumvikanye mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Amasasu yarumvikanye mw’ibohero rikuru rya Mpimba

lundi 29 Mukakaro 2013

Abanyagihugu bo muri komine Musaga, cane cane ahegereye ibohero rikuru rya Mpimba bavyuwe n’amasasu yariko arumvikana muri iryo bohero. Kuva mw’ijoro ry’ejo kuwa mungu rishira iryo kuwa mbere gushika mu gatondo, harumvikanye amasasu mw’ibohero rikuru rya Mpimba muri komine Musaga.

Abanyororo bo ngaho mw’ibohero bari bacanyemwo, bagiriza ababatwara bazwi kw’izina ry’aba « Capita » ko aribo batumye basigaye bahabwa utwokurya tw’intica ntikize. Igipolisi cahavuye kirasa amasasu menshi hejuru mu ntumbero yo kubashwiragiza.

Mu gihe amakuru ava ngaho mu mpimba amenyesha ko inyuma y’ukwo gutana mu mitwe hoba harimwo imvo za politike, aho abanywanyi ba CNDD FDD bariko baratana mu mitwe n’abo mu mugambwe FNL, umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba Bruno Niyonzima arabeshuza ayo makuru akamenyesha ko mvo ya politike yari muri uwo mugumuko wabereye muri iryo bohero.
Bruno Niyonzima yamenyesheje kandi ko Imana yakinze atacahononekariye

JPEG - 27.2 ko
Uruzitiro rw’ibohero rikuru rya Mpimba ku Musaga

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.