IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu > Amasezerano yo kwubakana y’amananiza yoba agira yahukanishe Beyonce na Jay (...)

Amasezerano yo kwubakana y’amananiza yoba agira yahukanishe Beyonce na Jay Z

mercredi 18 Ruheshi 2014

Urugo rwa Beyonce na Jay Z twarababwiye ko ruriko rwakamwo umucanwa wo kubahukanisha. Twarababwiye kandi imvo 3 zitatu ziriko zituma abo bagira agatima ko kuvana. Imwe muri zo yoba ari amasezerano y’amananiza bahanye imbere y’uko bubakana.

Amakuru dukura mu kinyamakuru 7sur7, avuga ko imbere y’uko abaririmvyi Jay Z na Beyonce bubakana baragiranye amasezerano aremeye nk’amabuye. Mu ntango y’amasezerano, Beyonce bafashe ko yoba afise agaciro k’imiriyoni 100 y’amadorari. Inyuma y’imyaka 15 n’imiburiburi, Beyonce yashobora kuronswa imiriyoni 25 z’amadorari hamwe n’imiriyoni 5 aronswa uko avyaye. Si ivyo gusa, bishitse bakahukana, Beyonce ategerezwa kuronswa uburenganzira ku ndege yabo (Jet privé), eka no ku miduga yose harimwo n’uwo mu bwoko bwa Rolla Royce ufise agaciro k’umuriyoni w’amadorari.

Ivyo abo bubakanye batariko barahurizako, ni ibivugwa ko Beyonce yoba afise inda y’umwana akwirikira uwa mbere Blue Ivy. Jay Z yoba atabishasha. Kuva muri Rusama 2013 havugwa ko Beyonce yoba afise imbanyi ariko ayandi makuru akavuga ko vyabaye ibihuha. Bamaze imyaka 6 n’amezi 2 bubakanye.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.