IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu > Umuririmvyi aryosha ibirori vyo kwugurura inkino zo muri Bresil (...)

Umuririmvyi aryosha ibirori vyo kwugurura inkino zo muri Bresil yamenyekanye

jeudi 12 Ruheshi 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA ryatangaje ko umuririmvyi Jennifer Lopez aza kuririmba mu birori vyo kwugurura inkino zitangura uno munsi muri Bresil. Bivuzwe inyuma y’amakuru yari yatangaje ko uwo muririmvyi atazokwitaba ivyo birori.

Nta nkeka Jennifer Lopez araza kuririmba mu birori vyo kwugura inkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru zibera muri Bresil. Ibirori bitangura igihe c’isaha cumi na zibiri kw’isaha mpuzamakungu, JLO aririmba "We are One" ari kumwe na Pitbull, Claudia Leitte wo muri Bresil, n’umurwi w’abatamvyi Olodum wo muri Bresil.

Abo nibo baza kuryosha ibirori bibera i Sao Polo neza na neza i Arena Corinthians. Abanyatugenegene bagera ku 600 hamwe n’imirwi y’abatamba baho muri Bresil nibo biteguriye guteramisha abantu baje bava mu mihingo itandukanye y’isi. Ibirori biza kumara amasaha abiri bikwirikirwa n’urukino rwa mbere ruhuza igihugu ca Bresil na Croatie, urukino rutangura isaha zine z’ijoro ku masaha yo mu Burundi.

Raba aha munsi ururirimbo "We are One" ruvuzwa mu kwugurura inkino z’igikombe c’isi yose.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.