IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu > Ibiteramo vy’abarundi muri Amerika biguma bimenyekanisha Uburundi

Ibiteramo vy’abarundi muri Amerika biguma bimenyekanisha Uburundi

vendredi 14 Ntwarante 2014

Abarundi iyo bari mu makungu baguma bateza imbere umuziki bongera bamenyekanisha Uburundi nk’abahinga baririmba. Hirya no hino kw’isi tuguma turonka ubutumwa bw’abo baririmvyi batubwira ko ibintu bimeze neza ku bijanye no kwikora mu gahogo. Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika haherutse kubera igiteramo c’agakura cakozwe n’abaririmvyi b’abarundi.

Aho muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abarundi b’abaririmvyi bariyo barabica bigacika mu biteramo bagirisha. Ubuheruka hari kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante 2014, aho abaririmvyi Paterne Hica ava mu gisagara ca New York, Daddy Face na Babby Jaymo bateramisha ab’i Houston mu ntara ya Texas. Mu giteramo bataziriye "Umoja Concert" gifise ijambo ry’intangamarara "Abarundi Turashoboye", imirwi myinshi y’ubuhinga budasanzwe bwo kuryohera abarorerezi yari yitavye. Aha twobabwira umutwenza (comedien) yitwa Néhémie Kwizera, n’abandi nka Aline Vyuka, eka n’imirwi ndangakaranga y’Uburundi ari muri ico gihugu bari bitavye "Umoja Concert"

Ayo makuru duhabwa n’ikinyamakuru c’Abarundi gikorera muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika abandanya amenyesha ko ico giteramo cari gifashwe mu mugongo na Steven Biko Raphaël, hamwe na Chiza Jay Joseph, abarundi baba muri ico gihugu.

Igiteramo cari giteguye uko mubona
Paterne Hica atangura uhereye i bubamfu
JPEG - 44.9 ko
Aline Vyuka umurundikazi aririmbira muri Amerika

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.