Accueil > Amakuru > umutekano > Amerika igiye gusubira kwugurura ubuserukizi bwayo yari yarugaye
Amerika igiye gusubira kwugurura ubuserukizi bwayo yari yarugaye
samedi 10 Myandagaro 2013
Inyuma yo gufata ingingo yo kwugara ubuserukizi bwayo bugera kuri 18, haraciye indwi zibiri, bivuye ku mutekano muke, igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika casohoye itangazo kuri uno munsi wa gatandatu ihenekerezo rya 10 Myandagaro, rivuga ko bagiye gusubira kwugurura ubuserukizi bwayo kuri uyu w’Imana wa 11 Myandagaro 2013.
Umuvugizi wa Leta Zunzubumwe z’Amerika, Jen Psaki yagize ati : “ Ubuserukizi bwo muri Sanaa, muri Yemen n’ubw’i Lahore muri Pakisitani buzoguma bwugawe kubera hanuganurwa ibitero vy’abiyahuzi ba Al Qaida bishobora gukorwa”.
Ubwo buserukizi uko ari bubiri bwugawe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2013, inyuma y’uko hamaze kubonwa ko muri ico gihugu ca Pakistani hari ibitero vyari gushobora guhitana ubuserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika muri ivyo bihugu vyompi.
- Jen Psaki, umuvugizi wa Leta zunzubumwe z’Amerika
Kugutinya ibitero Al Qaeda yohava igira, vyatumye igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika zifata ingingo yo kubuza abaturuka muri ico gihugu gufata ingendo zobajana mu gihugu ca Pakisitani, mu gihe abakozi bayo muri Yemen babwiwe kuvayo magurumasha.
Kubw’ikinyamakuru Reuters dukesha iyi nkuru, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, Barack Obama yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kugire agire ico abivuzeko. Ariko nta kiringo kizwi cigeze gitangazwa kivuga igihe ubuserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika buri muri Sanaa n’i Lahore buzosubira kwugururirwa.
Mwomenya ko ubuserukizi bwo mu gihugu c’Uburundi n’Urwanda, bwari muri ubwo 18 bwari bwafatiwe ingingo yo kwugarwa.
Mariella Bukuru