IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amisom igiye kurongorwa n’umurundi kuva mu kwezi kwa Nyakanga

Amisom igiye kurongorwa n’umurundi kuva mu kwezi kwa Nyakanga

jeudi 27 Ruheshi 2013

Mu kiganiro yari yateguye ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri igihe yariko amenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu kiringo c’amezi atandatu, Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye guhiganirwa uburongozi bwa Amisom kuko ikiringo ca Uganda kiriko kirarangira.

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko izina ry’umurundi azoja muri ico kibanza c’umurongozi wa Amisom ritaramenyekana kuko bazohitamwo mu mazina menshi y’intwazangabo z’abarundi azoba yatanzwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Amakuru ava mu bushikiranganji b’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu akaba amenyesha ko nk’uko biri mu masezerano, inyuma y’igihugu ca Uganda, Uburundi nibwo buzoca bwegukira uburongozi bwa Amisom, aho naho hakaba ari mu kwezi kwa Nyakanga twimirije.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.