Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
APRODH : Abagera kuri 70 baguye mu myiyerekano kuva mu kwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > APRODH : Abagera kuri 70 baguye mu myiyerekano kuva mu kwezi kwa (...)

APRODH : Abagera kuri 70 baguye mu myiyerekano kuva mu kwezi kwa Ndamukiza

vendredi 19 Ruheshi 2015

Abantu bagera kuri 70 nibo bashobora kuba baritavye Imana, abagera ku 500 nabo barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, nk’uko bivugwa n’umukuru wa APRODH.

Umukuru w’iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH avuga ko, uretse abo bantu bitavye Imana mu myiyerekano n’abandi bagiye barakomereka, abantu batari bake nabo batawe mu mvuto, ubu bakaba bari mu busho butandukanye. Muri abo bapfuye, Petero Karaveri Mbonimpa, avuga ko bamwe bagiye bicwa barashwe, abandi batewe amagrenade, n’umwe yishwe n’abagira imyiyerekano.

Mbonimpa yemeza ko benshi muri abo bapfuye mu myiyerekano, ari abanyagihugu basanzwe, ariko harimwo n’abasoda hamwe n’abaporisi. Ku va ku wa 26 Ndamukiza abadashigikiye ikiringo ca gatatu batanguye kugira imyiyerekano, amasasu yica akaba yararashwe mu banyagihugu, aho uwutapfuye yakomeretse, ubu abagera kuri 50, bakaba bari mu bitaro.


IGIHE

Messages

  • Abanyagihugu babarahiye gusubira mwibarabara mutanguye gushirako amafoto yomirukahise, Eregaburya nabobarazi ubwenge wewe wokeumva ubwirwango koneza imyigaragamvyo kabi uwakubwira ngukomeze imyigaragamvyo yibereye hanzey’igihugu numuryango wiwe!

  • Abobose bapfuye tubabaza nkurunziza kuk niwe ategeka kwica abatavuga rumwe. Ntahave bigikunda kk turarambiwe namasasu y, imisiyose by by. Reta yiwe twayihaze.

  • NUKO INTARABONA ISERIHAHA IGIRANGO NINYAMA

  • EREGE NTIYAR’IMIGUMUKO YARINTAMBARA AHUBWO IGIPORIC CAVYITWAYEMWONEZA JEWENOVUGA HAPFUYABAKE UGERERANIJE NUKUNTU BARIBAGUMUSTE

  • warabasuts ubu hagezek ubaharuza imivyimba. mbega ivyo bijuju uzobisigurir iki président nkurunziz ariko arabitwar atacamir kumbure mugire rebellion hama babamese mupfire kurugamba nkabandi. ivyo muvyans tuzobasobako mwa mbwa mwe

  • Umgorungabo Gwigircako Ruharanira Angatenka Nkazinamuntu Ningomgwabishe.Kuko Nigogwashuhuriye Abanyagihwugumwibarabara.Niwemungesera Niwe Mwicanyi Niwe Yataze Nama Gerenada Yatewe Igiporisi.Tiyitwajego Agwaye Urundakira Amenyeko Antengerenzwa Kujamungasho.

  • Abarundi muribijuju nicogituma atamahoro muzaronka kuko ntimwatembeye mubindi bihugu ngomurabe ingene bitwarwa iyontwaro yuwo manyari atarumuga arikwiye kuvaho kuko ntakizima ciwe murakoze

  • Arikojewe icokizehe kirantangaza nubwo utorinda kubarwiza kurijewenziko nubwoyoba umwegusa yapfuye bibabibabaje, arikonivyo nubundi kowarifise agasema ahowagenda kuzana amafoto yabanyarwanda biciwe muntambara za Congo ukavugakwarabarundi.

  • umuntu azi koyashuts abo bose afatw

  • Nubu Abapfa Barabandanya Ariko Bibazwa Abatwara Leta Y’ibujumbura!Non Icatumy Bapfa Kwari Ikiringo Ca Gatatu Ubu Petero Nkurunziza Yagihevye?!Ahubwo Agakomeza Gutwara Hoho Hazopfa Abigeze Kuja Mumyiyerekano Bose.Ariko Ntitwihebure Imana Ivyo Yateguye K’uburundi Bizoba Kandi Ntizoheba Abo Yiremeye.Nah’ Imana Nubu Nibandany Gukora Ikize Uburundi N’abarundi.

  • none bapfuye bariko bakora iki? hari uwo basanze mumurima ariko arima bakamwica? na bible iravuga ngo iyo ubuze ubwenge Imana irakureka!!

  • Fabien ur ikijuju rwos wew ukibna ko mutama twubaha mbonimpa claver ko abesha! Hama ruhara niyegure ham akurikiramw nubucamanza p6 4ever!

  • ABANTU BASIZE UBUZIMA MU MYIYEREKANO BARI KUGATWE KA RETA,NI RETA ITAMYE YITAHO AGATEKA KAZINA MUNTU,NTAGUFATA ABANTU KABARYA BAKABAHINDIRAMWO AMASASU KANDI ATABIRWANISHO BAFISE.MUBANTU BOSE BAPFUYE,RETA YABABAJWE N’IRYA MBONERAKURE YAGUYE MUNYAKABIGA,UKAMENGA ABANDI BO NTIVYARI IBIREMWA.VYARI NGOMBWA NGO IMBONERAKURE IFASHWE,BAYIMESE KUKO NABO NGIRA BIBAZA KO BATOMESURIKA.KUVA BAKIRI MWISHAMBA,AKAZI KABO KWARI KWICA,GUSAHURA NO KWANGAZA ABANTU NK’UKO BIRI UBU,NTACAHINDUTSE.MUTAMA MBONIMPA,SHISHIKARA MUGIRA URUTONDE RW’ABAPFA BOSE,BURAKEYE BAVYISHURE,KUKO ICO UTAGOMBA KO BAKUGIRIRA NAWE NTUKIGIRIRE ABANDI.

  • Nukuri ibinu birababaje,kubona abari mumashirahamwe idaharanira inyungu zaporitike batumira abantu kuja mumabarabara bonimyiryango yabo batabijamwo,dusavye amakungu azobibaze cane cane Petero karaveri Mbonimpa,kuko niwe yabumako canke akabaha akaruhuko.hanyuma reta nayo nibandanye ivuza abobantu kuko niwe muvyeyi wa barundi.hanyuma Amamodoka na Mazu yaturiwe bazobishuze abatumye abobantu.

  • Ahubwo bariko bidoga kuko baturiye bake. Iyo mihimbiri, abagesera, abamenja bashima kwica abantu bongera babaturiza ama pneus ngo bayoboka umumenja claver mbonimpa wibazako batazobibazwa? Kazima yatanguye kubihakana rindira gato

  • utanzi iyo ubunzima bugurigwa niwe aja mumyiyerekano kandi abantu ijana mugihumbi hako bandunza majana icenda basigaye twoheba iryo jana majana icenda agatekana kwari uguhanura abo benewacu bariko biyahurira mumwiyerekano

  • ntaco muburundi tucafise abantu bakirmwo virus mumitwe abo nabo sabandi naba dd gutuka umutama ngo numumenja umumenja nuwatumy baja mwibarabara nawe ninkurumbi peteroniya

  • intwaro ya nkurumbi umengo niyibinyeshamba twarayiyamirije nubwo yayigumyeko azoyivako nabi,.,.,..??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.