Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
APRODH : Hari urutonde rw’abantu 13 bashobora kugandagurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > APRODH : Hari urutonde rw’abantu 13 bashobora kugandagurwa

APRODH : Hari urutonde rw’abantu 13 bashobora kugandagurwa

mardi 17 Ntwarante 2015

Urutonde rw’abantu bagera kuri 13 nibo boba bashobora kugandagurwa nk’uko bivugwa na Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH.

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH

Muri abo bantu, bamwe ni abaserukira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike nka Petero Karaveri Mbonimpa, Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, Vital Nshimirimana arongoye FORSC, Margarita Barankitse arongoye ikigo Shalom mu Ruyigi n’abari mu migambwe nka Rwasa Agathon arongoye urunani RANAC Dushayuruburundi, Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri, hamwe n’abamenyeshamakuru bamwe bamwe nka Bob Rugurika arongoye RPA n’abandi.

Nk’uko bivugwa na Petero Karaveri Mbonimpa, amanama yo kugandagura abo bantu, yoba amaze kuba, kandi abayajamwo baramaze kumenyekana, aho bivugwa ko n’imiduga yo kuzokurikira abo bantu uko bagira ingendo yategekanijwe. Bamwe muri abo banyeporitike bivugwa ko bashobora kugandagurwa, bakaba babwiye abamenyeshamakuru ko hoba hari n’imirwi y’abacangero yoba yarinjiye mu Burundi mw’ijoro ryo kuri uyu wa 15 ushira uwa 16 uku kwezi, mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi mubi.

Agathon Rwasa arongoye umugambwe FNL hamwe n’urunani RANAC

Agathon Rwasa arongoye umugambwe FNL utemewe n’ubutegetsi, hamwe n’urunani RANAC Dushayuruburundi bwogorore, akaba yavuze ko umugambi wo kumugandagura watanguye kuva kera, ko inama zibera ahitwa kwa General mu Carama, zitabwa n’abantu batandukanye bari mu giporisi c’igendereza nk’uwitwa Kazungu n’abandi.

Tukabibutsa ko umupfasoni Annonciatte Haberisoni, asanzwe ari umutambukanyi wa Agathon Rwasa yahatswe kugandagurwa arashwe mu mutwe Imana irakinga, abashatse kumwica nabo bakaba bari mu muduga wo mu bwoko bwa PRADO, bari banarindiriwe n’uwundi muduga warimwo abambaye impuzu za giporisi nk’uko vyavuzwe n’abanyagihugu babibonye.


Aristide Nizigire

Messages

  • mbaga aboba dd babonakokwica abobatavugarumw kwariyo nyishu yingorane bafi canke nugutera ingorane igihugu cose nibatembe neza twishirirehabandi.

  • Tura baramutsa: ko twunva , ingorane nkizo zose zikorwa nabantu bavuye he? Canke ubwo bwicanyi, bukoreka reta irihe? Nukuvuga ko igihugu cose cuzuye mwa bicanyi, kuko bigirirwa ku mugara garo , reta iriho kandi abantu bitegereza.abantu dusigaye turi inyamaswa? Nyamara nib’ ibikoko basigaye babi cungera. Yemwe yemwe! Bantu mukora ububisha nkubwo Mwibuke ko ata waremye umuntu kiretse imana. Mubikore mubimenya ko muzo vyishurwa imbere y†imana rugira vyose! Murakoze uwunva niyumve ariko uwutunva nareke ariko imbere yavyose azo bibazwa!!

  • AYO MAZINA YOSE ADONDAGUYE MBONYE ATANUMWE UMUNTU YOTEKA MWISOMBE!!!!!!!! NONE WUMVA BOBICA NGOBABAKOZE IKI BATARI BUBARYE??????????? HAHAHAHAHAAAAA IYO NINTUMBERO YO KUBURIZAMWO AMATORA NUKURONDERA UBUHUNGIRO HIHIHIHIHIHIHIIIII NIMWE MUZIYICA MUHEJEJE GUSOMERWA IVYAVUYE MUMATORA.

  • Abari mumigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi reka babakone kuko bataja inama ngo bahuze; bategerezwa gusaba abasirikare ba Onu bakaza kubakingira,bakiyamiriza CENI hakajaho abandi bantu atari Ndabicariye

  • Mbonimpa iyomiteeyanyu mukomezaguteka wawundingo uruciramukaso rugatwaranyoko mwibwimibazarero uwomwanda komuwisiga reta ntimumenyeko arimwebwe muwitera ivyobintumurimwobasha nkubuvyokunda ntugahunga ntimugorengo mwebwe ngobobashirikwanyu abandibakabashirukwabo twesetwojahamwe kandirya nambutahunze ngubibone mumakambiyimpuzi nihohantunabonye hakorerwa amabiyagahomerabunwa, egodatawewe ntiwojamwayomakambi ariko abomwirirwa murirukangana ngaha Bujumbura abeshi nabotwobaturikumwe twogeza tukababaza utubazo tworoshe ubuhoho sibimwevyakera twaritwahunze irdyane zamoko.

  • yayayayaya mbe abarundi tumeze gute?abene gihugu basigaye bashirwa kurutonde rwokubagwa nk’intungwa?hanyuma umwungere NKURUNZIZA akarya akaryama ataco yinona!!mbeg’ intwaro idakingira umunyagihugu!!!

  • Integurombi Ni bazireke Na micombero Ntizamwereye Uburikuzim

  • Ebana Barundi barundikazi muru mu Gihugu c,U Burundi Imana yaremye Isi n’Ijuru irabona ibiriko biraba izahana uwuriko arakora ico kibi kibishe mwinumire gusa irahana yihanikirije Musenge gusa ntamvura itahita.

  • Ebana Barundi barundikazi muru mu Gihugu c,U Burundi Imana yaremye Isi n’Ijuru irabona ibiriko biraba izahana uwuriko arakora ico kibi kibishe mwinumire gusa irahana yihanikirije Musenge gusa ntamvura itahita.

  • Uwo ntabwo ari umuti wogukiza igihugu cacu,none nibabica bazoca baronka amahoro? ico nosaba nuko bojahamwe bakumvikana kuko igihugu cacu kirimuntambara kandi turahunga muraya matora kuko ntamahoro tubona nkabanyagihugu batobato.

  • uwo nkurumbi nabise abandi areke kwizingira kubutegetsi abarungi ntiba mushaka ntaco yamaze ntatembane intungane nibamaramarire kugahinga we need chenge gezaho ivyo mwononye biramaze muzokwimba iyo muhungira basha.

  • uwo nkurumbi nabise abandi areke kwizingira kubutegetsi abarungi ntiba mushaka ntaco yamaze ntatembane intungane nibamaramarire kugahinga we need chenge gezaho ivyo mwononye biramaze muzokwimba iyo muhungira basha.

  • Ewe wamutama we urateye ikigongwe! Narinzi ko bakurihiye amahera yishure kugira utandukanye icatsi nururo. Ugwo rutonde udondagura gwabazokwicwa, ukaba ubona ko urimwo, wibaza ko gwanditswe na bande? Na bo wita ngo ni abasi bawe? Haba namba. va ibuzimu uje i buntu ubone kure muga utari imbonerakure. Ubu urazi ko ugwo rutonde ko gwoba gwanditswe numuwe murabo bahima muri kumwe? we ubona ko ari reta naho shwi! bazobamara mwibaza ngo ni Leta iriko irabica umwasi nuwonyene muri kumwe.

  • Mu Burundi?mbese nikubera iki tugumatu guma turyana kandi igihugu ariciwacu twebwe twarushe nkajewe ndonyuma igihugu kubera abayamigambwe batavuga rumwe nubutegetsi bwa Pierre nkurunziza agomba kudusubiza kuvyabaye (72) nibaryane ariko imana nyeni nganji izabahana kuvyo badukorera twebwe aBarundi nkamaraso yarajabu azobahumira kuri amusi abakobwa murusizi kugatwe ka cndd -fdd murakoze kuri radio isanganiro kabo 13 mugomba kwica bacumuyiki mbese ntimworeka ubwo bwicanyi ga cndd -fdd irongowe na Pierre nkurunziza ???

  • NDIBAZA UMUNWA UGIYEKUGABAKA KUBERA DUHEJEJE KWITORERA ABAZOTURONGORA MBE TUZOMENYA IDONIDO YIVYAYAYUYEMWORYARI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.