Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bakunzi ba Michael Jackson baronkejwe indishi y’akababaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Michaël Jackson > Inkuru > Bamwe mu bakunzi ba Michael Jackson baronkejwe indishi y’akababaro

Bamwe mu bakunzi ba Michael Jackson baronkejwe indishi y’akababaro

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu bakunzi b’umuhisi Michael Jackson baronkejwe indishi y’akababaro ku rukundo bamukunda, inyuma yo kwumvirizwa na sentare y’i Orleans. Umushingwamanza wabo arakenguruka urubanza.

Indishi y’akababaro ingana n’ifaranga rimwe ry’amanyaburaya «1 euro» ryahawe abakunzi 5 b’umuririmvyi Michael Jackson yapfuye mu mwaka w’i 2009. Ako kanoti bakaronkejwe inyuma y’urubanza ryaciwe ku munsi w’ejo w’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2014 na sentare y’i Orléans. Abo bava mu bihugu vya Suisse, Ububirigi, mu ntara ya Gironde, i Pas-de-calais ni Loiret.

Abo baronkejwe utwo duhera bari mu bandi 34 bariko bakwirikira urubanza na muganga Murray Conrad yari yakatiwe umunyororo w’imyaka 4 yagirizwa kuba yateye Michael Jackson umuti mwinshi wo kumusinziriza, agaca apfa kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2009. Uwo muganga yahavuye atezurirwa mu gusaba kugabanirizwa icaha.

Emmanuel Ludot, ni umushingwamanza wabo baronkeje indishi y’akababaro, yavugiye ku kinyamakuru c’abafaransa AFP ko anezerejwe n’uko urubanza rwagenze, kuko bubaye ubwa mbere kuri we aho aburanira abarenganijwe kubera uwo bakunda yapfuye. Abandanya avuga ko ayo mahera naho ari make afise ico asigura, kuko azonafasha abo bakunzi ba Michael Jackson gushika ahapfubwe umukunzi wabo i Los Angeles, kuko vyari bibujijwe kwinjirayo ku bantu bose babishatse.

JPEG - 71.6 ko
Emmanuel Ludot aburanira abakunzi ba Michael Jackson

Muri abo baronkejwe ako kanoti, harimwo umukenyezi Myriam Walter arongoye ishirahamwe «Michael Jackson Community» aturuka i Loiret.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Ariko muba mwabuz’ivyo mwandika mwagiye mutubarira ibintu bizima cane cane ivyo muri africa.ubwo muba mwabibuze.aho kutwandikira biriya bya bariya barihwe ubusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.