Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Michaël Jackson > Inkuru > Umuvyeyi wa Michael Jackon : « Umuhungu wanje ntiyari igisizimwe (...)
Umuvyeyi wa Michael Jackon : « Umuhungu wanje ntiyari igisizimwe »
lundi 22 Mukakaro 2013
Katherine umuvyeyi wa Michael Jackson avuga ko ababazwa cane n’amajambo agenda aravurwa n’abantu ko umwana wiwe yari igisiszimwe (Monstre). Ivyo akaba yabivugiye imbere y’abacamanza igihe yariko arabazwa imigenderanire yari afitaniye n’umuhungu wiwe imbere y’ukwo yitaba Imana.
Nyina wa Michael Jackson avuga ko kuba yarabuza Michael Jackson, yabuze vyose ndetse ko ataco asigaranye. Abandanya avuga ko imigenderanire bari bafitaniye yari myiza, ati yari umwana nakunda kandi nk’umuvyeyi yari umwana ntipfuza kubura.
Abacamanza b’i Los Angeles nubu bakaba bakiri mu matohoza y’icatumye Jackson yitaba Imana, ndetse urupfu rwiwe rukaba rwagirizwa umuganga yakurikirana amagara yiwe ko imiti yoba yaramuha yatuma agumana inkomezi ariyo yoba yaramukwegeye uguca yitaba Imana.
Ivyagirizwa rero muganga Murray, Katherine avuga ko atarivyo ko Murray yari umuganga w’abana ko atariwe yari ashinzwe gukurikirana Michael Jackson. Abandanya avuga ko umuhungu wiwe atigeze yumva ariko aravuga ko ashaka umuganga. Aremeza ko umuhungu wiwe yari arwaye, arico catumye asezera isi.
Katherine Jackson akaba agize uwa kane mu bagize umuryango wa Michael Jackson ahamagawe mu bijanye n’amatohoza ku rupfu rw’umwana wiwe. Mu minsi rero ubutungane bukaba butegekanya kwihamagarira amasura yabwo mu gushira ahabona imvo z’urupfu rwa Michael Jackson.
Aristide Nizigire