IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > BATA : Abadakwije ivyangombwa bafashwe n’igipolisi

BATA : Abadakwije ivyangombwa bafashwe n’igipolisi

lundi 28 Gitugutu 2013

Imbere y’ahakunzwe kwitwa kuri Bata (hagati mu gisagara ca Bujumbura) ku musase wo kuri uwu wa mbere hari hahagaze imiduga minini y’igipolisi. Amakuru twakuye muri bamwe mu rwaruka rukunda kenshi kuba ruhagaze muri ico kibanza, atumenyesheje kw’ ukuza ko abapolisi bariko barafata abantu badafise indangamuntu.

Abanyagihugu barangurira imirimo yabo muri ico kibanza twayaze barashima ko igipolisi kiba kiriko kirondera inkozi z’ikibi zishobora kuba zinyegeje muri bo, narirya haba hakoraniye abantu benshi. Bise ntibabibona kumwe kuko bamwe mu bakunda guhagarara aho bita kuri Bata bavuga ko ata bimenyetso vy’umutekano muke barigera babona. Bemeza ko umutekano uri kuri Bata ungana n’uwuri mu gihugu cose, kandi ntibatahura igituma ico gikorwa gikunda kubera kenshi muri ico kibanza gusa.

Mu gihe uwo biketse bamutwara, bakaja kumusambisha mu busho butandukanye, abo banyagihugu babandanya basaba ko uwo basanze akwije ibisabwa n’amategeko bomurekura badatevye, abadakwije vya ngombwa nabo bagahanwa hisunzwe amategeko.

Mu gipolisi c’Uburundi bamenyesha ko ivyo bikorwa biri muvyo igipolisi kijejwe vyo kubungabunga umutekano, ata gishasha kirimwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Abo ba polisi ni bakore imirimo bajejwe atakurenganya n’umwe. Cane cane ni ukuba bagavye kubera abo biyita abanyamulenge basibije igihugu kibanyi ca Kongo(RDC Congo). N’abo bazana ivyo bitenge mw’isoko kwa Siyoni, ni ukuraba ko hatinyegeje mwo abansi b’u Burundi. Ikindi police yokwibuka, ni uko comenya ko imbere ko igisuma kija kwiba canke kugira inabi, cama citeguye neza kinafise ibikirangatutibagiye les terroristes. Ari ico gituma mwokwama mwarerets’aho hose hatangirw’izo:
    (1) entree/douane, (2) residence/hotel, (3) za attestations (4) karangamuntu, (5) passeport

  • sivyiza nabapolisi barimwinkozi zikibi murazi ivyabaye kwa siyoni ahubwo N’ukureka Imana yonyene niyo izoca urubanza rwukuri na yo abanyaporitike bo ibaharire kuko bafise ubugome burenze!

  • Ikibabaje nuko abapolisi nabo biba! Bantwaye tele4ne yanje ngo ninzane facture cank mvuge numero ya serie! Bantwara mfise nindangamuntu! Gusa nubwo arico bajejwe nabo harimwo ibisuma kandi si vyiza! Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.