Accueil > Inkino > Amahiganwa > course > BEIJING 2015:Umurundi Antoine Gakeme yaronse uburenganzira bwo kuja mu gice (...)
BEIJING 2015:Umurundi Antoine Gakeme yaronse uburenganzira bwo kuja mu gice gikurikira
dimanche 23 Myandagaro 2015
Umunonotsi w’umurundi Antoine Gakeme yaronse uburenganzira bwo kubandanya mu gice gikurikira mu guhiganwa kwiruka ku metero 800.
Inyuma yo guheza mu kibanza ca kabiri agize umunota 1 amasegonda 47 n’ivyijana 47,mu mahiganwa yo kunonora imitsi ,ariko abera mu gisagara ca Beijing mu gihugu c’Ubushinwa,Antoine Gakeme ahiganwa mu gice gikurikira kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro.
Antoine Gakeme yaje inyuma y’umunonotsi ava mu gihugu ca Botswana Nijel Amos,ari nawe aza mu bahabwa amahirwe yo gushika mu gice ca nyuma mu kwiruka kuri ico kirere.
Kubwa Tharcisse Harerimana ajejwe itunganywa ry’ibikorwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino CNO,Antoine Gakeme ashobora gushika kure mu gihe atohurira mu murwi umwe na David Lekuta RUDISHA ava mu gihugu ca Kenya, Amos Jel ava mu gihugu ca Botswana, Adam KSZCZOT ava mu gihugu ca Polonye na Mohammed AMAN ava mu gihugu ca Etiyopiya.
Uwundi munonotsi w’umurundi Celestin Nihorimbere,ntiyaronse amahirwe yo kubandanya ihiganwa mu kwiruka ikirere kirekire,kuko yahejeje ari mu kibanza ca 26.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Myandagaro 2015, 20:10, par EVARISTE
AHUMBWO TURANKWIYE KUMUNSHIGIKIRA IBUBANZA MUTWIBUKE
27 Myandagaro 2015, 11:13, par odemwingui
Hari kera kuri ba Niyongabo na Hatungimana abo bobo ni mbonerakure gusa nimutebeshe rro!!
27 Myandagaro 2015, 11:18, par odemwingui
Hari kera kuri ba Niyongabo na Hatungimana abo bobo ni mbonerakure gusa nimutebeshe rro!!