Accueil > Inkino > Amahiganwa > course > Imyiteguro y’amahiganwa ya Cross-Country ageze kure mu gihugu (...)
Imyiteguro y’amahiganwa ya Cross-Country ageze kure mu gihugu c’Ubuganda
mercredi 5 Ruhuhuma 2014
Igihugu c’Ubuganda kiriko citegurira kwakira amahiganwa «Cross Country» y’abanonotsi. Ishirahamwe ry’ukwiruka ryo muri Afrika rimenyesha ko rizoba ribaye rimwe mu mahiganwa akomeye kw’isi.
- David Okeyo
David Okeyo ni icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abanonotsi ryo muri Afrika «Confédération d’athlétisme d’Afrique». Arongoye kandi umurwi uriko urategura iryo higanwa «Comité Local d’Organisation» uri i Kampala. Yamenyesheje ikinyamakuru Xinhua ko abanonotsi bose bo muri Afrika babandanya kwiyandikisha kugira bazokwitabe iryo higanwa mbonekarimwe muri Afrika. Rizoba kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2014 i Kampala mu gihugu c’Ubuganda.
David Okeyo ati : «Murazi ko ata shirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi ririho kw’isi, umugabane wose utegura amahiganwa yawo, natwe turizeye ko urwaruka rw’abanonotsi bo ku mugabane wa Afrika bazokwerekana ico bashoboye»
Muri ico kiganiro, David yamenyesheje ko iryo higanwa ribaye irya gatatu muri Afrika, inyuma y’amahiganwa abiri ya mbere yabereye i Cap muri Afrika y’Epfo, aho ku ncuro ya mbere y’amahignwa mu mwaka w’2010, hitavye ibihugu biri munsi ya 10, ku ncuro ya kabiri ibihugu vyitavye vyari 23.
Kuri iyi ncuro ya gatatu, David avuga ko bamaze kuronka ibihugu 45 bimaze kwemeza ko bizokwitaba ayo mahiganwa. Uwo mutegetsi afise icizere ko hashobora gushika kw’igenekerezo ya nyuma yo kwiyandikisha, 28 Ruhuhuma 2014, bamaze gushikana ibihugu 50.
Chérif Nkeshimana