IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bisoro : Imiriyoni 13 zaribwe muri COOPEC

Bisoro : Imiriyoni 13 zaribwe muri COOPEC

vendredi 20 Kigarama 2013

Abasuma bataramenyekana barateye ububiko bwa COOPEC buri muri komine Bisoro, intara ya Mwaro. Amafaranga aharurwa mu miriyoni cumi na zitatu z’amarundi niyo yasahuwe n’abo banyonyezi.

Mw’ijoro ryo ku munsi wa kane igenekerezo rya 19 Kigarama 2013 rishira iryo kuwa gatanu, abasuma barateye kuri COOPEC iri mu ntara ya Mwaro, muri komine Bisoro. Amafaranga imiriyoni 13 z’amarundi yarasahuwe n’abo bagizi ba nabi.

Abajejwe umutekano muri iyo ntara bamenyesha ko bamaze gutanguza amatohoza, kugira barondere abo basuma.

Musitanteri wa komine Bisoro asaba ababijejwe gukomeza umutekano, cane cane muri iyi minsi hariko hegera iminsi mikuru y’ugusozera umwaka w’2013.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo muburundi bisigaye bisigubwenge kukibuga cindege hibwe amafrangaataramenyekana numva amatohoza yatanguyeubunaho hibwe ayandi kandi hibwa mumabanki ko mperuka muburundi haba abapolici bacunga amabanki mwodusigurira gute ivyubwo busuma!!!bamurekaguhenda amakungungo mutanguje amatohoza hera kurabo nyene baba bahacunze none bayatwarababanje kubaboha canke bazinanyenabo bajura!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.