Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob RUGURIKA : Nakijijwe n’ababwirwa umugambi wo kunyica
Bob RUGURIKA : Nakijijwe n’ababwirwa umugambi wo kunyica
jeudi 19 Ruhuhuma 2015, par
Inyuma y’aho Bob RUGURIKA yankiye ko akurwa mw’ibohero mw’ijoro kuri uwu wa gatatu ku mvo z’umutekano wiwe, uwo muyobozi wa RPA yashitse mu gisagara ca Bujumbura nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu. Nk’isaha zine yari mu bigo vya RPA. Mu gisagara ca Bujumbura ibikorwa bisa n’ivyahagaze, abanyagihugu isinzi bari mu myiyerekano y’ugukeza Bob Rugurika. Mubo yashimiye, harimwo abaporisi, abanyagihugu, na bamwe muba CNDD FDD
Mw’ijambo ryashikirije abanyagihugu agishika muri "Studio" za RPA, Bob RUGURIKA umuyobozi wa RPA yasavye ko Imana yohezagire abarundi isinzi bo mu mice itandukanye bamubaye hafi mu buzima yari azemwo mw’ibohero, ashimira abamukijeje, kuko kuva ashikanwe mw’ibohero rya muramvya. Bob Rugurika ati : "Abarundi b’umutima baracahari. Abaporisi ni abantu bajejwe umutekano w’abanyagihugu, bige ko zirya nkoho bahabwa atari izo kurabisha ku banyagihugu." Bob Rugurika yameneysheje ko hari abaporisi bamusanze mw’ibohero bamubwira ko yoshimira Imana kubera namba akiriho ari ubushake bw’Imana, kuko imigambi y’ukumugandagura yagumye itegurwa mw’ibohero rya Muramvya aho yari apfungiwe, ivyo bikemezwa n’ingene yahinduriwe ikibanza apfungirwamwo, akajanwa i Muramvya mu modoka itagira iparati ndangamuduga. Yashimiye abo baporisi b’umutima baguma bamwibira amabanga, amenyesha ko muri ico giporisi c’Uburundi hakirimwo abakunda igihugu, bafise umutima w’ugushira imbere ineza. Bob ati : ""N’ejo abaporisi bari baje kunyiba, naho bari bahawe itegeko ryo kunterura ku nguvu, ntibabikoze."
N’umunezero mwinshi uvanze n’ibigumbagumba, Bob Rugurika yamenyesheje ko kuba RPA ikiriko irakora nawe akaba arekuwe, ko ari intsinzi y’abarundi b’umutima, na bamwe mubari mu mugambwe CNDD FDD akaba yabashimiye, kuko benshi bamurungikira ubutumwa bamumenyesha ko bamushigikiye.
Abanyagihugu isinzi bari baje kumushigikira (Amafoto)




Egide Nduwimana
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 13:07, par kabuga
nta muntu arwanya umuntu yize ngo abishobore.
19 Ruhuhuma 2015, 15:02, par Colonel J. Bikomagu
Bob Rugurika pour President!!
19 Ruhuhuma 2015, 15:43, par nadiro
Umuntu apfa kuko Imana yavyemeye kuko nta numwe azobaho imyaka nk’imisozi kuko nayo irateba ikariduka. Dawidi yishe Goriati Sawuli aranungunika kandi ari we yamuhaye uburenganzira, bibaho mw’Isi ntidukora ngo dushimwe n’abantuahubwo dukora ngo dushimwe n’Imana. Courage Bob Rugurika.
19 Ruhuhuma 2015, 16:30, par Ubaha Imana.ubaha
Natwe tranezew trifadikani naw mumunrzero arko tukongra tukamenyesha ko amaraso y’inzirakarengane atijana nabado. Ababikira bazohuma ababikoze mpaka bazomenyekana IMANA si umuntu.
19 Ruhuhuma 2015, 19:48, par Nuwera
100% ndababwirakontantumbero yokwica uwo Bob Rugurinka yigeze ibaho 100% ntamupolisi numweyigezamubwira ivyo Bob avuzekoyaburiwe, ndashaka kubabwirako arugushaka guteranya abobapolisi ngobankane ariko kuberanyene nababwiyeko atamipango yokumwica yigezibaho ntawokwanka uyundingoyamenyibanga kandiritigeze ribaho, ivyimwapanzevyose mutegerezwa gukorakuvatubifise kumezantagihinduka muzokomeza mutegadutegura kugezanaho imitengimwe izogenda ishibukana mwebwenyene.
19 Ruhuhuma 2015, 22:04, par niyongere therence
bob komera nkumuheto ham abad barimukugeda
20 Ruhuhuma 2015, 00:20, par kwizera mediatrice
ndanezerewe cane nibohorwa rya Bob Rugirika. Imana ishimwe kubona yaramuzigamye mumunyororo ikamukingira n’abasi.ariko uburundi nababuyobora batisubiyeko ngo bikubite agashi ntho turiko turja atari mimanga. ntawahamvye ukuri naho uguhamba impera nimperuka kuzomenyekana. nifurije uburundi guharanira ubutungane na gateka ka zina muntu. Bob komera cane, je suis sur que ton témoignage est très significatif pour la Verité
20 Ruhuhuma 2015, 06:56, par Niyungeko Fidèle.
Ahubwo nimba abatware dufise ubu bafise umutima,bibaze kuvyaraye bibaye ejo babonye abanyagihugu bataye imirimo bakaja gusanganira Bob, bahindukize leur conciance bibaze igituma.kuva igihugu citwa igihu nibaze nezako atamuntu numwe yaribwasanganirwe nababanyagihungu nkuko twaraye tubibonye.bisubireko barabe faiblesse yabo mugutwara ahihagaze boye kwama bahuruduka mugifata ingingo.yomba NKURUNZIZA sinkabewe,nkabona ivyabaye nariguca mpamagara Bob nkamuha (batton) de commandement igihugu akagishikira.
Mana raba igihugu cawe c’Uburundi usubire ugihindukirize kw’ijisho ryawe rindi rimwe ugihoze amarira dusibire kuba muhe vyiza nkivyo basokuru babayemwo.urakoze MANA. Amene.
20 Ruhuhuma 2015, 07:09, par ezechias
imana isumbingabo.bazoba.nka nebukadineza fin de fin.
20 Ruhuhuma 2015, 10:10, par athanas
REKA NSHIMIRIMANA YO IKORIBIKOMEYE IGIHE COSE REKAMBAZE ABIHAYE KWICA NUBUNDI BUBEGITO:"IVYOMUKORA VYOBAGARUKAKO CANKE BIKAGIRIRWA ABIWANYU VYOBARWA NEZA?"BOB NTUCIKINKOKORA UMENYEKO URIKUTABARA NDAGUKEJ.
20 Ruhuhuma 2015, 13:00, par kikik
hhahahhahahah! NUWERA ko ubiharira cane????? urantwengeje ngira uri mu babitegura???? harya wararavye usanga nyakubahwa BOBO agwaye mu mutwe???? ivyo yavuze ubibeshuje wisunze iki ?????? nyishura. hanyuma nta birebire umunyagihugu wenyene yaritangiye message uwukeneye kuyisoma arayisoma, uwutayibona nawe azibonerako ndabarahiye, inyuma yimvura haza akazuba. inyuma y’igihuhutsi naho haza akayaga keza cane.
20 Ruhuhuma 2015, 13:22, par MANDELA
Bitebe bitebuka ineza izotsinda. Nayo aboba CNDD bose sibabi harimwo beza cane gusa Imana iguhe kuroranigwa.
20 Ruhuhuma 2015, 17:05, par nijimbere aimable
Imana ikuzigane ibihe vyose,ineza izokwama yiganza,abo nabo batabibona nibamwe bagihendeshwa utufaranga bagahitamwo keaka ubuzima umuntu atarobo babutanze.
20 Ruhuhuma 2015, 18:57, par Ivan
RUGURIKA, abarundi barayamaze ngo Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo. warashimiye twebwe abanyagihugu ariko nanj reka ndagushimire kuko waradusubijemwo icizere, ivyizigiro. Ton courage...irankuyemwo ubwoba bwose...ubu ndatahura neza ko atawushobora kumpindura cnk ngo azimangany iciyumviro canj. Ntanuwuzoducinyiza abishobore...uwo yoshikira umubiri ariko ntazigera aronka icubahiro cnj cank ngo antegeke kumera uko ashaka. Warakoze caane Rugurika, Imana ikuzigame n’abawe
21 Ruhuhuma 2015, 16:45, par IRADUKUNDA ELIAS
Imana yarakoze kuba waravuye mugasho,
23 Ruhuhuma 2015, 16:42, par gordien.nahimana@gmail.com
naho abanyagihugu baje kukwira ntibaramenyico bakurikira rpa irabahenda ngo iranavugira bobo ndakwibatize?woburumumenyeshamakurukoko?ntuduhende cankuhende abobanyagihugu batobato kubetiki wigaragaje kumafoyoyawe numugore uramutdindamutso zumigabwe ugukoresha msd oyoradiyo yanyu koivugukuri igayohorezabose kwiyaratubwira abishe ndadaye yabatumututsi mubamesrabivuze ibivyose biriko niraba imvo nuwotwabuze hapfunzwe umuhutu ntimuvuga nimwikebuke jentamugabwe ndimwo
3 Ndamukiza 2015, 19:45, par IRAKOZE ODRICK
IMANA YARAKOZE KUGUKURA MURI UWOMUTEGO WABAGIZI BANABI
20 Rusama 2015, 20:34, par akimana soni
abarundi isinzi turagushigikiye komera tuzokugwa inyima naho reta ya nkurunziza ikugwanya
22 Ruheshi 2015, 23:00, par Manirakiza
Tharcisse
29 Mukakaro 2015, 20:17, par Avith Njamena
komera mutama Bob abarundi twese tukuri inyuma.
3 Myandagaro 2015, 11:03, par nahimana egide
Nuko numva bugaye RPA mwodutohoreje kubijanye na Adolphe muga nubu ntimurambigwe mwicare mubifise umusumwe zizugurugwa.
6 Mukakaro 2016, 12:22, par gerard
ndanezerewe cane ko batamwishe
18 Ruhuhuma 2017, 15:35, par Amida
Uri Umugabo Wijunja Nijambo Ko Ukiriho Ndasimiye Imana Ko Bakurekuye Niwirambire
18 Ruhuhuma 2017, 20:54, par Amida Husen
Bob Ndagukumbuye Uzoza Ryari Mu Burundi Imana Ikuzigame Aho Uri Hose
23 Rusama 2017, 16:12, par AMIDA
IVYO BARIBATEGUYE NI KUKWICA IMANA ISHIMWE KO UKOMEYE
28 Rusama 2017, 11:32, par Eliezel Irankunda
Jew Kubwanje Ndumv Ko Bo bo Yahazwe Cane Nomuremesha Ndamusuhuza Agume Kumavi Imana Iramubon Yo Irema Abantu Niyo Ishobor Kukwaka Ubuzima Atawundi Yokwaka Ubuzima Murakoz.