Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe
Bubanza : Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe
samedi 23 Munyonyo 2013
Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe mw’ijoro ryo kuwa kane rishira iryo kuwa gatanu ku musozi Rugeyo, zone Ntamba, komine Musigati, mu ntara ya Bubanza.
Nk’uko bishikirizwa na musitanteri wa komine Musigati, hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro aho umurwi w’abantu batanu bitwaje ibirwanisho batera urugo rwa Misigaro Léonce. Inyuma y’ukubomora urugi, baciye barasa nyenurugo aca yitaba Imana muri uwo mwanya nyene. Umupfasoni w’uwo yari ahejeje kugandagurwa n’abana biwe barakomeretse baca bajanwa kuvurirwa ku bitaro i Bubanza. Ntibashoboye gushikanwa kwa muganga kuko uwo mukenyezi n’umwana umwe baciye bitaba Imana.
Isaïe Niragira, musitanteri wa komine Musigati abandanya amenyesha ko abakoze iryo bara bataramenyekana, akikeka ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi. Ivyo abishikiriza yisunze ko uwo yagandaguwe Misigaro Léonce yaheruka gutsinda urubanza rw’itongo yari afitaniye n’ababanyi biwe. Musitanteri wa komine Musigati asaba ko umutekano wokwongerezwa, kuko ritabaye irya mbere abantu bitwaje ibirwanisho bateye imiryango bakagandagura abo bahasanze. Mu kiringo c’iminsi idashika cumi n’itanu, abantu batanu nibo bamaze kugandagurwa muri iyo komine, bakaba bakeka ko bazize amatati y’amatongo muri iyo komine nyene.
Mu giporisi mu ntara ya Bubanza bamenyesha ko bamaze gufata umuntu umwe ku mvo z’amatohoza. Remegiyo Nzeyimana arongoye igiporisi mu ntara ya Bubanza ahamagarira abanyagihugu kudoma urutoke ku bantu bazi boba batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha.
Egide Nduwimana
Messages
24 Munyonyo 2013, 21:49, par nyandwi
pole sana kandi Imana Izigame abasigaye muruwo muryango,Igiporisi gikoreshinguvu zose kugirabo bicanyi bazafatwe nabo bicwe kuko bakozikibi gikomeye,duhagurukire guhana inkozizibibi