IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abashingwamanza batagira imbibe begereye abanyagihugu

Bubanza : Abashingwamanza batagira imbibe begereye abanyagihugu

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu ntumbero kweger abanyagihugu gufasha abafungwa gukurikirana aho imanza zabo zigeze, ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe (Avocats sans Frontière) ryuguruye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro inyubakwa bagiye gukoreramwo mu ntara ya Bubanza.

Mw’ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe bamenyesha ko nk ‘uko bavyiyemeje, muri iyo ntara, abakenyezi n’abana bakorewe ihohoterwa aribo bazokwitabwaho mu mwanya wa mbere.

Mu bategetsi n’abanyagihugu muri iyo ntara ya Bubanza bamenyesha ko ivyo bikorwa vy’ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe bizoshobora gufasha kugabanya igitigiri kinini c’abafungwa bari mu munyororo mu ntara ya Bubanza. Muri iyo ntara, ibihero ryaho ririmwo abafungwa 250 mu gihe ryari ryubakiwe kwakira abatarenga ijana gusa.

Avocats sans Frontières ni ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe ryatanguye ku genekerezo rya 25 Gitugutu mu mwaka w’1998, ritangujwe n’umushingwamanza François CANTIER. Iryo shirahamwe rifise icicaro muri Toulouse mu gihugu c’Ubufaransa, rifise intumbero yo gushigira mu kuburana abagirizwa ivyaha bikomeye. Abashingwamanza batagira imbibe barafasha kandi abandi bashingwamanza n’abaharanira agateka ka zina muntu mu gihe baba babangamiwe mu kazi kabo ka minsi yose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.