Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza: Umwe mu ndongozi z’imbonerakure yagandaguwe
Bubanza: Umwe mu ndongozi z’imbonerakure yagandaguwe
mercredi 17 Ruheshi 2015
Umwe mu ndongozi z’urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gahongore, muri zone Mitakataka,mu ntara ya Bubanza,yarishwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi.
Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru iwacu abimenyesha,iyo ndongozi mu mbonerakure yiciwe ku muhana iwe,mu gace kitwa Moka, n’abantu bataramenyekana,nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro buca ari kuri uyu wa gatatu.
Buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse Niyongabo,aremeza ayo makuru,akavuga ko abo bagizi ba nabi bateye Grenade, bakayicisha mw’idirisha ry’icumba uwo yapfuye yaryamamwo,aca apfa ubwo nyene.
Buramatari w’intara ya bubanza, avuga ko abantu baciye bahurira hamwe mu rugo rw’uwo yitavye Imana,batinya ko nabo boterwa.Avuga ko,ari umubabaro, ku bantu babuze indongozi yabo.
Haraheze indwi zitari nke,abandi bantu babiri bivugwa ko ari imbonerakure bitavye Imana bishwe n’urwaruka bivugwa ko ruva mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.
Messages
17 Ruheshi 2015, 17:32, par Tito
Yemwe yemwe ubu burundi bwacu buzogarukira he?mana fasha uburundi nabarutuyemwo!
17 Ruheshi 2015, 17:57, par Bucumi
Nimureke kubesha nyamuna harimbonerakure yopfa? Muriko mujajura mwebwe .Namba rivyo hahomvye mama wiwe ntihahomvye abo yakorera ibibi nkabirya.
17 Ruheshi 2015, 17:57, par niyongabo
Abo bantu bagize ibintu nkivyo bihenze bane gose kandi imana irabibona.impanuro nibareke kwica kuko iminsi yabo irikwirakwira.
17 Ruheshi 2015, 18:45, par ntirandekura.amossi
imananimwakire.hama.abasigaye.bisuzume?hama.tubone.amahoro.jenavutse.nunva.imigambwe.gusa.imbonerakure?!!
17 Ruheshi 2015, 19:38, par Ben
YAMARA UMUNTU UGABURA UBUROZI AGASHIMISHWA NO KWIC’ABANDI ARABUSHIMA ABWIGABURIYE.........NONE KO RWAGASORE NA NDADAYE TUZOBIBUKA KUVYIZA BAKOZE N’UMURAGE MWIZA BATURAZE?NONE UYO WE ?TUZOMWIBUKA KUMABI YAKOREYE ABARUNDI,BABOREYE MUBUHUNGIRO MURI TANZANIYA ,CONGO,HOPFUMA GATO ABARI MU RWANDA........COPIN TWIHANGANISHIJE...MAMA WAWE NA PAPA WAWE NIMBA BATARIBAGUSHIGIKIYE....TUBABWIRANGO NIMBA BIRYOSHE CANKE BIBISHE NAWE NAHONJE YUNVE murakoze
17 Ruheshi 2015, 19:52, par PEACE
Ic’udashaka ko bagukorera ntukagikorer’abandi
17 Ruheshi 2015, 20:11, par Soumando
Yemwe Politique Igez Kur Basi Imana Yo Mwijuru Niyo Yonyene Ifis Inyishu Yibivyos Haaaha!!! Tugez Kwicana Kugeza Iyo Hos Biraherera He?
17 Ruheshi 2015, 20:39, par Kenese
Agapfuye naho kabazwa ivu ntivyari bikwiye kugenda uko. Bitebe bitebuke umuntu azi ko yishe mugenzi we kuvy arivyose haba mu migambwe yose,mubwoko bwose,Uhoraho akora ijoro n’umuranga azobagaragaza. Gezaho mwabana binzoka mwe.
17 Ruheshi 2015, 20:57, par JADO
MWIHANGANE
17 Ruheshi 2015, 21:53, par emma
emma
yemwe bantu mugumuka gezaho kwica abana buburundi kandi naho mubica mumenyeko arabana buburundi. Hemwe muharure munyakabiga mwarishe mubuterere mwarishe bubanza murishe none natwe abakunda nkurunziza tugire gute! icombona ni kutureka twigwanire.
17 Ruheshi 2015, 22:06, par emma
emma
na shaka mpanure uwo yavuzeko ata mbonerakure yopfa, hewe wewe wavuzuko urikijuju imbonerakure na barundi gushikuza nkuko sivyo canke nawe wari murabo bishe ibubanza? mumenyeko imbonerakure zivuga ziti turiho tuzokwamaho kandi dutegerezwa kubaho.
17 Ruheshi 2015, 23:18, par big
gwaruka nkanje ndasavye tubahane tureke kwicana kuko twebwe turwanye aboza bahonyag amategeko y uburundi ahubwo turwanyabo baza kuduteranya kandi bubahirize abarundi kandi aboza bahonyanga i bwirizwa shingiro tubashengeze abarundi twarajijutse dukeney amahoro gusa
17 Ruheshi 2015, 23:21, par Pierre
Je Ndahojeje Umuryango Wabuze Nibihangane Me Buramatari Nareke Kubiha Intumbero Ya Politike Amatohoza Ataraba Kuko Ubu Nuwomupfa Akarimbi Arikika Mukiza.
18 Ruheshi 2015, 03:39
urufpu nirubi rwose kumuntu wese ,
18 Ruheshi 2015, 04:51, par YUSSUF
EMWE BANTU MWICA ABANDI??IMANA IBONGEREREZE IMIVUMO.
18 Ruheshi 2015, 05:15, par fidelité
Abo ni ba batutsi bo muri MSD,mwa bahutu mwe mumenyeko propagande yakozwe y kumara la jeunesse hutu,ntimuryame umukondorazosi,genocide bari bateguye kubakorera inyuma ya coup d’état yarapfuye none bashaka kuza barabakuramwo kamwe kamwe,birababaje kuba ata bigwanisho namwe mufise mwari guca mwica uwo muri MSD namwe,iryinyo ku rindi,ijisho ku rindi nyabuna nta gupfa nk’ibihere trop c’est trop!
18 Ruheshi 2015, 13:39, par Niyonkuru Asman
Birababaj Kwumva Uwo Mutavugarumwe Womwica Noko Muburundi Hari Imigambwe Mwishi Harosigara Umugambwe Uwah? Mana Niwakir Abariko Bakuzako!
18 Ruheshi 2015, 13:53, par miburo
@Fidelite, kandi urumupfasoni? sha wewe ntaco umariye igihugu atarukugihonya!
Ikindi ubaye utaramenya ko irya Cout d’Etat yakozwe na Pita kugira yikize abo badasangiye ivyiyumviro woba nawe uri ikitazi.
18 Ruheshi 2015, 15:05, par fatukobiri
Babongere kukonabonyene bishebeshi bahonde nabandi.
18 Ruheshi 2015, 15:28, par BJ
Icubiba Nick wimbura abatavugarrum we name cndd bigiye bicwa nkinzige atacamira banana gute?harageze kwimbura,no bahagarike I yo bakorera abandi bumveko nano Bavaria amaraso name bado.umururazi nkurumbi yateye mubarundi uzomugora kurandura ewe gatikizo kakorewe NFL msd fdb uprn nabandi nibazako nubundi bamwitiranije ntituzikwemera abafuyeko babandanya batwica nkuko umenga both ntibopfa uwavuze NGO abatutsi bariya back NFL bahoze bicwa nabatutsi?only cndd fdd.
18 Ruheshi 2015, 21:52, par Gezaho
Barundi,benewacu ntacomunezegwanuwupfuye,ngontimusangiyeumugambwe cankeubwoko.Uwagwanyeiyi93,yibuka intwaritwabuzeyoneze gwanintambara. Weweuriguhendwangogendawice uramanza urabeahabanicakora. Koweweuzohicara,Harabagombakwitwaza amoko sivyo siwomuziwizindyane. Mbega,aho aba F N L naCNDDbagwaniraza cibitoke,za zina,hamwe na bujumbura.Abokwanyangoma ibuyengero hari Umututsiyarimwo? Abatutsi harimwo abamezenabi,nabahutunuko.Ubuntikirasiraho se,imyakayosetwagwanyentawomoyeuwundi.Tumenyeko amahoro yazanye nibiganiro,nubusubira mwicaremuganire.
18 Ruheshi 2015, 21:59, par Bimana
Urumurndi ki ww ushmira uwish uwndi koyakze neza?nimwsubirko kko uwariw wse avamraso,rwarka ahomuri hose ntimtwarwe nishvu ngo m8hore kko iyo nimtego,ahubwo museng cane kk iyaturnze mumyaka ntavze nubu niyo izotrinda.Uhoraho ati:murabikora nkihorera mukibaza ko mpwanye namwe.bandanya m8ce.
18 Ruheshi 2015, 22:37, par courageux
nimba tukigenzwa nagatima ko kwihorana tuva he tukaja he?mbega twovugako urwaruka rwubu rutandukanye nurwarenganye?ihorihori rihonya umuryango.uwupfuye wese umenye ko yaremwe mu gashusho k’ Imana nawe nanje twaremwemwo.Mana udufashe
18 Ruheshi 2015, 23:09, par bacahose
uko nukumaramara guko ivyo babwiye abanyagihugu ngw’imbonerakure zifise ibigwanisho ngo nibahunge, vyabacomokanye.barateye akajagari mugisagara barananirwa , batanguye kuzicokoza bazishavuze kugira zitwagwe nagashavu. babone gukora ico bateguye. nozisaba kwihangana.ukuri kuzotsinda basigare baramaramara uwubacokoje biture ubutungane ninzego z’umutekano impera nimperuka ukuri kuzotsinda.
19 Ruheshi 2015, 03:13, par rumba
mbebi yuvyirako weatishe nkokuva ibubaza nokujakurasa ibujumbura bakamwambika iteni yaraziko batamuboye nonebaramwiyiciye mukuzimanganya dosie nazokurikiranwe ngwamene ibanga nkinkoho nateni ahoyazikuye bizotinda bihinyuke
19 Ruheshi 2015, 19:11, par Niyomwungere Jérome
Abo bant nibarek gusembura intambara kuk inyuma yamatora ubuzima burabandanya bazokwica imbonera kure1ntibazokic zse kand ubagabishe uwuzorukarisha ruzomumwa reka gusa babandanye
19 Ruheshi 2015, 22:38, par ALBERT MPOZAGARA.
IVYO BIRASHOBOKA?JE NE PENSE PAS!
20 Ruheshi 2015, 15:41, par nduwimana Donatien
yemwe yemw gezaho!uwariwe wese yaba imbonerakure canke uwuri mur opposition ntawaremew kwicwa na mugenziwe.amaraso arahuma!
20 Ruheshi 2015, 16:21, par Leonard Gabriel Nduwimana
Abo bobo murabura kukabara?
Kuki zirya nzirakarengane mutababaye
GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN
20 Ruheshi 2015, 16:21, par Leonard Gabriel Nduwimana
Abo bobo murabura kukabara?
Kuki zirya nzirakarengane mutababaye
GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN
20 Ruheshi 2015, 16:22, par Leonard Gabriel Nduwimana
Abo bobo murabura kukabara?
Kuki zirya nzirakarengane mutababaye
GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN
20 Ruheshi 2015, 20:25, par Niyomukiza.
Eeeeeehe kumbenimbonerakurezirapfa??sinaribwemereko icowicishanaw’earicowicishwa.nyabendarabahenda.
23 Ruheshi 2015, 20:58, par bacahose
nimuzicokoze muzozibona ntimubone ngo zirinumiye .
23 Ruheshi 2015, 22:01, par BACAHOSE
nibazicokoze bazozibona ntibagire ngozirasinziriye Zirababona. muga nozihanura kutihora ziture ubutungane zikoreshe ubuhinga ntizirwe mumutego.