IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Abantu batatu bapfuye barashwe n’abantu bataramenyekana

Bujumbura: Abantu batatu bapfuye barashwe n’abantu bataramenyekana

vendredi 10 Mukakaro 2015

Abantu batatu harimwo umupolisi bapfuye bahitanywe n’amasasu hagati mu gisagara ca Bujumbura hafi y’inzu y’ubudandaji izwi kw’izina rya T2000 kw’ibarabara ryitiriwe umugambwe UPRONA.

Vyabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo,kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 10 Mukakaro 2015,aho abantu bataramenyekana bari mu modoka yo mu bwoko bwa TI barasa ahinjirira ibarabara ryitiriwe Amitie.Abantu batatu harimwo umu polisi ajejwe umutekano ku nzu y’ubudandaji T2000 baciye bitaba Imana.

Mu mwanya muto ,haciye hza imodoka yo mu rwego rw’igendereza itora ikiziga c’uwo mu polisi ariko abandi bitavye Imana yabasize aho nyene muri ico kibanza.

Mwomenya ko haheze hafi ukwezi hari grenades zitewe mu gisagara zikomeretsa abantu bashika indwi,izatewe ubwa mbere nazo zahitanye abakenyezi badandaza ivyamwa hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura,abashika 8 barapfa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.