Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye
Bujumbura : Amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye
lundi 15 Ruhuhuma 2016, par
Abantu baharurwa muri cumi nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekejwe n’amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bitero vyibonekeje kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zibiri.
Abantu umunani bakomerekeye kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL, imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira.
Babiri bandi bakomerekeye muri zone Buyenzi, bakomerekejwe na Gerenade yatewe imbere y’ishami ry’ibanki BCB aho nyene mu Buyenzi, hakaba n’iyatewe mu Ngagara muri karitiye ya gatanu.
- Abaporisi bariko bahanagura ahari amaraso y’abakomerekejwe n’izo gerenade
Izindi gerenade zibiri zatewe imwe kw’isoko kwa Siyoni, hamwe n’iyindi mu kibanza badandarizamwo amashurwe mu gisagara ca Bujumbura (Maison Fleurie), imbere y’ishure rya Athenée Primaire.
Abari kuri station y’ibitoro ya Interpetrole bavuga ko babonye ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, baca bumva kiraturitse.
Muri zone Buyenzi, grenade na yo nyene iri mu kamwanya, yatewe imbere ya banke ya BCB.
Abanyagihugu bari ahatewe izo gerenade, yaba kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL canke imbere y’ishami ry’ibanki BCB mu Buyenzi, bavuga ko babona ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, mu nyuma gica kiraturika.
Messages
15 Ruhuhuma 2016, 12:05, par WASAFI
NUKURINUBWOTWIHAGARARAKO NGAMAHORONIYOSE TWARINJIRANWE KUKONTAKUNTU IBINTUKIVYO VYOBERA AHANTUHATANDUKANYE BIKABERA ISAHIMWE IKIBABAJE NUKOBIGIRAMWO INZIRAKARENGANE MANA GIRA UTABARE ABAWETUTARASHIRA KUKA ABADUTWARA NTAKIZERE TUKIBAFITEKO
15 Ruhuhuma 2016, 12:11, par Matabaro
Uburundi numurima wisanga rero kunda wicare nabo wanka ushaka muganire none ubu hoho wirigwa winyegeje mumwobo nkinkezi niho ubona kuri igihangange sinzanye yugaheba iyo mamnda ukabaho kumahoro. Ingorane ufise ubu naho woyiheba ntibigikunda kuko amaraso umaze gusesa ni menshi agasho karakurindire
Pore sana
Abarundi bavuga bati
Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama
kuri president P
15 Ruhuhuma 2016, 13:59, par Burundi Jean
Mbega Ibijuju Vyabantu Urashobora Gutera Gerenade Abana Canke Bantu Bariko Birenganira Ugaca Uvuga Ngowateye Manda? Uriko Umenja Ivyo ukeje Umenye Ko Uzovyishura Ume Nye Ko Kirya Kibanza Cumukuru Wigihugu Ataricawe Kirimwo Abagabo Bashitse Ubugabo
15 Ruhuhuma 2016, 15:04, par kamaro
yemwe mwabantu mwe ndumiwe!! kumbe ukutavuga rumwe nareta nugutera za grenade mubanyagihugu!!. abarwanya reta bose turababonye!!!! nabicanyi gusa......
15 Ruhuhuma 2016, 16:24, par Kegis
ABo ni SINDUMUJA ntabandi
15 Ruhuhuma 2016, 18:42, par Ndi Kingwendo
None Abobagizi Banabi Nimwe Rede Tabara Ariko Abonyene Bica Nibno Bobatoyo Urya Uwawe Ukinovora Intuntu
15 Ruhuhuma 2016, 21:09, par KANEKERE
Abo bene Yuda bakorivyo icobabereye ciza iyaba batavutse!!
16 Ruhuhuma 2016, 15:17, par Janvier
ABO BARIHENDA BARONDERA ICO BATAZOFATA.