Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura Rural: Ibikoresho vy’umurwi CENI vyaraturiwe
Bujumbura Rural: Ibikoresho vy’umurwi CENI vyaraturiwe
samedi 23 Rusama 2015
Ibikoresho vyo mu matora vy’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI vyarahiye biratokombera bituriwe, mu gihe vyari bijanywe mu Kanyoshe mu ntara ya Bujumbura Rural.
Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye,yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko,ivyo vyabereye i Mayuyu mu ntara ya Bujumbura Rural, aho ivyahiye vyari bigizwe n’ubwiherero batoreramwo(Isoloirs) hamwe n’amasandugu yo gutoreramwo(Urnes).
Kubwo umuvugizi wa CENI,mu baturiye ivyo bikoresho,hoba harimwo abanyeshure bo muri kaminuza ubu bari muhira,kuko imbere y’uko babiturira babanje kubereka amakarata y’abanyeshuri bo muri kaminuza bababwira ko nabo nyene batariko bariga.
Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko ivyo vyaturiwe bizosubirizwa,ariko akamenyesha ko hari amakenga ko bibandanije ukwo ibiri mu bubiko vyose bishobora guhera bigatuma haba ingorane mw’itunganywa ry’amatora.
Mwomenya ko amatora yari ategekanijwe kuwa 26 rusama yunguruijwe kw’igenekerezo rya 5 ruheshi,n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.
Van Naris
Messages
23 Rusama 2015, 11:10, par peter banzineza
ahubwo baturiye bikeyi!iyo baturira ivyigihugu cose.ahubwo ndabahaye courage vraiment!ahubwo nibindi rondera iyo biri mubiturire
23 Rusama 2015, 12:24, par Kirinyota
Izindi ntara murindiye iki kubiha umuriro? Twebwe twarahejeje kera. Amatora avec Nkurumbi à la tête, Jamais. Bashake bareke konona amahera y’igihugu.
23 Rusama 2015, 13:46, par fafa
J mbona nibindi bizohava biturira kuko ntamatora ashoboka mugih nkik!
23 Rusama 2015, 15:55, par dhydud
ahubwo plan d’action les manifestants twokwiha iyindwi itangura ni uko twoja gututira irya nzu CENI ikoreramwo,,,,kuko amatora akaba peter azoyiba atacamira
23 Rusama 2015, 16:32, par CLAUDE
UKWO NUGUSHAKA GUTOBA AMATORA
23 Rusama 2015, 18:00, par muco
Erega sivyo gusa, nivya commune Mugongomanga vyaratuririwe mw’Ijenda. Ariko Ntahorwamiye, reka kubeshera abanyeshure ba kaminuza kuko vyaravuzwe ko vyaturiwe nabari mu myiyerekano. None wari witeze ko uzotegura amatora ya bamwe abandi bari mu buhungiro nkuko umengo si abarundi? Murashobora kuvuga ngo umutekano urakwiye kubice 99% kandi muzi neza ko abanyeshure batariko bariga?
23 Rusama 2015, 21:12, par CHICHI
yo kubiturira sivyiza m abanyeshure mureke kubakora munkovu mwababujije kwiga none ngo nibobabikoze?ntitwovyemeza! nih mwabonye uwukora ikibi akabanza kwivuga i
24 Rusama 2015, 00:34, par vuganeza
Mw’i jenda ntibitangaje ni mu batutsi gusa badashaka amatora na democracie ,baramaze abahutu n’imigano mu 72,rero ntibitangaje,none rwasa azokwitoreza he ko aho muri buja rural ariho yari yizeye amajwi na makeya?Aho bibaza ngo bariko bakorera ikibi cnddfdd,murihenda!
24 Rusama 2015, 06:39, par Irakoze Christian
Uriko urihweza umwe wese ariko yironderera inyungu ziwe,ntakuntu woba userukira uburundi,apana abarundi,ukavangura uburindi ukabucamwo kubiri uvuga ngo aba nakazi kabo kobarya batekanye,amatora ntashoboka mugihe umurundi ashonje.
24 Rusama 2015, 07:13, par NINZIZA%
ABOBANTUBABITURIYEBAKWIYEGUHANWA...NDABABAYE!
24 Rusama 2015, 16:01, par Uwubizi
Ico mbona co Peter iyi mandat ntayo azotwara. Akataraza kari inyuma.
24 Rusama 2015, 18:12, par Jonas
Ico nikimenyetso cuko atamatora ashoboka muriki gihe mu burundi!! ahubwo iyo CENI na Leta yaba DD ni bogozwe vuba!!!
24 Rusama 2015, 20:40, par CLAVER
ekada!!!murabeshera kumwe mwabirukana mundaro mubesha ko aribo bateye umutekano muke mugisagara none mugire mubambike ibara?ewe leta mbi uzotuvako turushe/ariko ntaco imana iradukunda izodukiza akarenganyo na kanderezo:hama namw banyeshu mwihangane ibitirimwo birimukurangira kaza roho imana isumba ingabo