Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abateguye imyiyerekano batanze akaruhuko k’iminsi ibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Burundi : Abateguye imyiyerekano batanze akaruhuko k’iminsi ibiri

Burundi : Abateguye imyiyerekano batanze akaruhuko k’iminsi ibiri

samedi 2 Rusama 2015, par IGIHE

Abari muri rwa rugamba rwo kwiyamiriza ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza bafashe akaruhuko k’iminsi ibiri.

Inyuma y’iminsi itandatu iyo myiyerekano iriko iraba, abantu baruzuye mu mabarabara, ku ma banki huzuye abantu ,abandi bagiye gusuma, eka ubuzima bwasubiye kuboneka mu gisagara ca Bujumbura, ababa mu ma karitiye yabereyemwo imyiyerekano bashoboye gushika mu gisagara ca Bujumbura.

Pacifique Ninihazwe, umwe mubateguye iyo myiyerekano,asanzwe ari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko ako karuhuko katanzwe mu ntumbero yo gufuba abahitanywe n’iyo myiyerekano hamwe no kwumviriza ingorane abari muri iyo myiyerekano bagize muri ino ndwi iheze maze bashobore gutegura neza iyo myiyerekano gurtyo basubire ku munsi wa mbere. Ariko abo bateguye iyo myiyerekano baranegura abarundi bamwe bamwe bo mu ma karitiye amwe amwe batariko barafasha mu kugwanira iteka ry’umurundi ,ari naco gituma abahamagarira guterera uko bashoboye yaba mu buryo canke ibindi. Ikindi abategura iyo myiyerekano iyo minsi ibiri bagatanze mu ntumbero yo guha akaryo Petero Nkurunziza akisubirako agaheba kwitoza ubugira gatatu.

Pacifique Nininahazwe yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko n’urugendo rw’abigeme rw’abapfasoni n’ abigeme rwari rungowe n’ umupfasoni Maragarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom, rwari rutegekanijwe kuri uno w’Imana ko rwungururijwe ku rindi sango bazomenyesha hanyuma.


Floxella Karire

Messages

  • Nibareke Kubesha Ngontavyicaro Vya Politike Baharanira. None Uwo Mu Pacifique Anyaranira Iki?Ababipfa Nababisangiye Abo Batamufasha Nuko Atanyungu Babifisemwo.Amoko Yaraciwe Iyomitwe Muteka Yaratay Igihe.Ico Abarundi Twipfuza Namahoro. Hubwo Nareke Gushuka Benewacu Bazirubusa! Uwudashaka Koyitoza Arareka Kumutora Atamaraso Arinze Guseseka.Ahubwo Nyabuna Pacifique Nafashe Mugukura Mwibarabara Abo Bariko Barazira Ubusa Nacanecane Kwadaharanira Ivyicaro Vya Politike.

  • Erega naya ni amakuru! Kubera iki mudushikiriza ivyo mwishakiye gusa. Bwara ababakurikira ko Uburusiya n’Ubushinwa bwiyamirije inama y’umutekano wa ONU kutisuka mu ndyane ziri mu Burundi. Iyo baja kuvuga igihushanye n’ivyo ndazi neza ko ari yo nkuru yari kwirirwa irasamirana haba hano canke mu maradiyo yiyita ko yigenga. "Russia: U.N. Security Council should stay out of Burundi dispute" http://news.yahoo.com/russia-u-n-security-council-stay-burundi-dispute-182312661.html

  • Akaruhuko.Karakwiye.Nizere.Ko.Nyakubahwa.Afise.Kumenyesha.Abarundi.Ko.Ahevye.Ikiringo.Ca3.Azoba.Akoze.Nkumugabo.Witeka.Bitongeye.Gusubira.Abene.Gihugu.Bongere.Kuhasiga.Ubuzima

  • Pacifiq Menya Neza Abo Batabafashije Nabakunzi Bamahoro Tukubwiye Abo Muhayo Mafaranga Ararabo Kwica Bikizunguruka Mu Mutwe Izo Nzoya Zitarakwiza Nimyako Yo Gutora Ngo N,abarwanyi Ufise Ahubwo Murakabona Abo Bapfasoni Babandi Mutabataye Mu Manga Bo Bahendwa Cane Mbega Nkabo Maraliya Icisekeza Hari Nabazoca Bahenuka Nubu Guhamba Muraguribinogo Ah,umuvumotmurikumwe Muga Uratangaje Uvuga Ko Udaharanira Poritike Kumbe Uvugir,abatutsi Mugabo Sibose HarimwabashingantaheB,abasanze Sheke Bakoze Amaraso Nubu Bitarabaheramwo

  • BATANZE AKARUHUKO? BAGAHAYE NDE! AHUBWO BIHAYE AKARUHUKO,KUKO IGIPOLISI KIGUMA KUKAZI UKURI KWAMYE. BARUSHE NIBARUHUKE BO NYENE,NTAMUNTU YASAVYE CONGÉ .

  • @ Izina
    ico nokubwira nuko abarusiya bahora babangamira ingingo zifise akamaro ariko babikora kugira baronke abo badandazako inkoho. Mbe ufise imyaka ingahe? wibazako ibihugu vyose bibaye nka suisse na vatican ivyo bihugu vyodandaza inkoho kurinde??? harya bazoza bahe nkurunziza inkoho n’ama grenades yo guhonya beneburundi nawe ugire ngo ni ikigongwe

  • Ariko none nkuyo bamukujemwo naho ko ariwe ariko azana induru mugihugu ubundi mumu mbarije mwumva afise aba silikare bangana gute? Ni bamukorereko hanyuma amahoro aboneke mugihugu.hapfuye abagabo benshi bari batinico bamariye uburundi nketswe Pacific.

  • Ngira amakungu arabonye abariko baterakajagari mugihugu,emwe bafe babafire turamenye kwarimwe mubashuka,Pcifique we ahubwo uwubuzuwiwe wese turamenye uwo tuzomubaza,,babandi baterubwoba abantu ngo nibahunge turababonye.Jinvite la communaute internationale de prendre des mesures severes pour ces gents se declarant ,socite civile sans interets politique alors que’ils ont des grands politiciers dans notres pays,les voici tentrain de tropmper les gents comme qoui ’ilsont donné du temps au gouvernement de resaisir alors qu’ils sont entrain de plannifier comment tuer les gens et creer la sisanie entre la police et l’armé.Pacifique ,je suis de la famille de l’officier policier que tes elements vient de tuer,merci pacifique de declarer le repos des manifestation apres avoir tuer le notre.Je suis tutsi mais je n’oubliera jamais tes mensonges,je sais ce que tu cherches dans tout ca ,Dieu le tout puissant nous montrera la verite entre societe civile et la politique au birundi.

  • Uyo mugabo yasaze mumutwe adakomeye mbega ko yagomoye imyiyerekano ubu abapfuye harumwana wiwe arimwo? nibamubohe nikiywamaraso

  • Umva,abamufash Nabi Mwes Nim8kosor Kuk Niciyumviro Ciw.Kand Nimuri Democratie.M8tond Ivyo Mumwagiriza Navyo,nim82r Ababijejw Ikinyamakuru Ntarubanza Gica

  • « Le pire des analphabètes, c’est l’analphabète politique. Il n’écoute pas, ne parle, ne participe pas aux événements politiques. Il ne connaît pas que le coût de la vie, le prix de haricot et du poisson, le prix de la farine, le loyer, le prix des souliers et des médicaments dépendent des décisions politiques.
    L’analphabète politique est si bête qu’il s’enorgueillit et gonfle la poitrine pour dire qu’il déteste la politique. Il ne sait pas, l’imbécile, que c’est son ignorance politique qui produit la prostituée, l’enfant de la rue, le voleur, le pire de tous les bandits et surtout le politicien malhonnête, menteur et corrompu, qui lèche les pieds des entreprises nationales et internationales. »
    - Bortolt Brecht, poète et dramaturge allemand ( 1898/1956)
    A travers cet extrait, j’espère que vous comprenez pourquoi, sans chercher des postes politiques, un membre de la société civile peut ou mieux encore doit s’intéresser àla politique àmoins qu’il soit un analphabète politique. C’est la même explication pour notamment les églises comme l’église catholique qui a pris position contre le 3ème mandat. Que ces affirmations par rapport àPacifique et autres cessent.

  • Harico mwese mwibagira:

    Yezu ari hejuru,munsi,imbere ,inyuma,iburyo ibubamfu yanyu.Agamije kwinjira muri mwebwe abahindure.Vyose nukugira ububasha bwiwe bugaragare.Natwe abacharismatique turiko bimumurindire gusa.Mbega mupfiki ko imyaka yokuramba ari 70 yaba myinshi ikaba 80.,??

  • Jewe ndatangazwa na Barundi ahubwo nasanze abarundi twihenda ngo turiko tugwanira agateka kazinamuntu. Abanyepolitic bose ni ababeshi uyumusi hariko hapfa abanyagihugu bazira ubusa nkubu uwobaza uyu mugabo Pacifique Ninihazwe ni igiki ashaka gutegurira abarundi nkiterambere ryabanyagihugu n’igihugu? turazi neza ko abitegura kandi abapfa barapfa nta namuvyarawe arimwo
    mais bibuke neza ko hariko hapfa abantu atari isanzi. this is not 1972 watch out.

  • JEWE NDASHIMA INGINGO BAFASHE ABIYEREKANA KUKO NUBURENGANZIRA BWABO.NDATANGAZWA NABARUNDI BATABONA IBIRIKO BIRABA UBU.MWESEJAHAMWE MUFASHE ABARIMUMYIYEREKANO KUKO NIBENSHI BABISHAKA BAKABURA UKOBABIGIRA.KOMERA RERO KUMUHETO

  • JEWE NDASHIMA INGINGO BAFASHE ABIYEREKANA KUKO NUBURENGANZIRA BWABO.NDATANGAZWA NABARUNDI BATABONA IBIRIKO BIRABA UBU.MWESEJAHAMWE MUFASHE ABARIMUMYIYEREKANO KUKO NIBENSHI BABISHAKA BAKABURA UKOBABIGIRA.KOMERA RERO KUMUHETO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.