Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi ntiburota buhagarika gufasha Somaliya
Uburundi ntiburota buhagarika gufasha Somaliya
lundi 9 Nyakanga 2013
Haraheze iminsi umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Général Prime Niyongabo agendeye igihugu ca Somaliya, aho yakiriwe n’umukuru w’ico gihugu ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire wa Somaliya n’ayandi makungu.
Intumbero y’urwo rugendo rero, kwari ukugendera ingabo z’abarundi ziri muri ico gihugu mu rwego rwa AMISOM ( African Union Mission In Somalia), ariko kandi kakaba kari n’akaryo keza ko kwibonera uko abasirikare b’abarundi bari muri ico gihugu bakorana n’ingabo z’igihugu za Somaliya, mu kugarukana amahoro i Mogadiscio, no mu bindi bice vy’ico gihugu, cane cane mu bumanuko bw’ico gihugu.
Mu mubonano n’umukuru w’ico gihugu ca Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire, co kimwe n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri ico gihugu, baravuganye uruhara ruboneka ingabo z’Uburundi zigira mu bikorwa vy’ugutsimbataza amahoro muri ico gihugu, eka ndetse n’uruhara ruboneka rw’ingabo z’Uburundi mu rwego AMISOM.
- Prime Nuyongabo ari i buryo
Général Prime Niyongabo akaba yaboneyeho kumenyesha ko, Uburundi buzokora ukwo bushoboye kugira igihugu kivukanyi ca Somaliya gishike ku mahoro arama. Inyuma yaho, Niyongabo akaba yarashoboye kwishikira ahari ibirindiro vy’abasirikare b’abarundi muri ico gihugu ca Somaliya.
Twobibutsa ko kuva mu mwaka w’2012, abasirikare b’abarundi bashoboye kwirukana intagondwa zihurikiye muba El Shabab, mu gisagara ca Mogadiscio, no mubindi bisagara nka Jowhar, Igisagara ca Bas-Shabelle de Marka na Afgove. Ubu rero igisoda ca Somaliya kikaba kigenzura utwo turere atawandya wangura.


Aristide Nizigire
Messages
28 Ndamukiza 2015, 13:51, par Pamphile
Ni Vyiza Kubona Abarundi Baragarukanye Amahoro Muri Somalia Ariko No Muburundi Bari Bakwiye Kuza Guhagarika Indyane Ziriko Zirahabera.