IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu babiri bakomeretse mu gitero

Bururi : Abantu babiri bakomeretse mu gitero

vendredi 20 Rusama 2016, par egide

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane ku musozi Mukara, komine Mugamba, intara ya Bururi. Abantu babiri nibo bakameretse cane muri ico gitero.

Amakuru ava aho muri komine Mugamba avuga ko muri ico gitero uwariko araronderwa yoba ari umunyeshure yataye ivyigwa, akaba asigaye akorana n’abaporisi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza, mu guhagarika urwaruka, hamwe n’abandi bose bagiye mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, nkuko bishikirizwa na bamwe mu banyeshure bo kw’ishure rya komine Mugamba.

Kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2016, icuka si ciza kuri iryo shure rya komine Mugamba, kubera bamwe mu rwaruka bahagaritswe, abandi hamwe n’umwigisha bakaba batewe amakenga ku bivugwa ko amazina yabo yatanzwe n’uwo munyeshure akorana n’abaporisi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza.


IGIHE

Messages

  • kuki muriyontara ubwicanyi buguma bwiyongera?nukomutadomako urutoke abagz banabi mubaha indaro nukubika ikara mumpuzu.nimubavuge mutabavuze murahona.

  • Harihabantu bavuga ibintu ukamengo barashaka kwikorako!
    Ngumunyeshure yataye ishure kugira akorane nabajejwe umutekano ngoniwe baribaje kurwanya abobakomerekeje abantu?
    Ndababaze mwabimenyegute kwariwewe baribaje kuraba ? Abobateye mwebwe mwaravuganye barabibabwira kobazoza kuraba uwomunyeshure?
    Canke hariho uwabahaye inyigisho zivugako umuntuwese azoza aratuvuga ahoturi kobazocabamuhiga bamwice noneho mwabona baraje kwica mukacamumenya automatically ko baje kuraba uwowese yeneye kuba munyabune?
    Erega uwomunyeshure arimuriyanyabune, gusa barakwiye kudaheba ishure , kukondazinabandi bose baragenda kwishure kandi bakanaba munyabune mubijanye numutekano?

  • Umuntu wanditse iyi nkuru nawe akorana nabo bicanyi bateye. Ukuntu yanditse inkuru bigaragara ko ari umwe muri izo nkozi zikibi. Ni ukumurondera

  • Ahubwo nabakimwita umenyeshure bamutera agateka uwosumunyeshure nimburakimazi umuntu Ata ishure akirirwa aricisha benewabo gusa urworwaruka rwimbonerakure iconoruhanura nuko nkurunziza yabahenze mbe kwumwanya asigaje arimwicokibanza ungana nuwurume rumara ahobuca ahambira amabimga bazojahe bibuke urwaruka rwinterahamwe ukworwahenzwe none barabe ayoruriko rurabonabona nukuri arabo mbwira ivyobintu mwobivamwo bigishoboka nahubundi burakeye tuharabe

  • MUKAJAGARI NKAKO NUKUYORA BOSE,UMWE UMWE AGASAMBA KU GATWE KIWE NIHO UMENYA NEZA UKURI!NAHO VYOBA ARI IBIHUHA UCA UBIBONA!

  • Mana yanje hamwe nokorera mumugamba, je nobashira kumurongo kuko sindavyumva ukuntu bigira ivyinda mwibutura,bazobaze musaga na nyakabiga na mutakura baracakiwe none habuziki ko twobacakira?

  • Mana yanje hamwe nokorera mumugamba, je nobashira kumurongo kuko sindavyumva ukuntu bigira ivyinda mwibutura,bazobaze musaga na nyakabiga na mutakura baracakiwe none habuziki ko twobacakira?

  • Abanyagihugu bo mu Mugamba hamwe n’abo basangiye ivyiyumviro, naho boba bakomeye cane ubwo boshobora gutsinda Abarundi bose?

  • Ni kuki iciyumviro nashikirije mutagishira ahabona?

  • Ntakundi nibihangane

  • nabandanye abatang ariko amenye ko isi idasakaye

  • None Ububurundi Bizakugendagute? Tabara Manatabara Ubwokobwawe Bwakuvuyeko Girimbabazi Mwisi Ntayandimahungiro Atariwawe!!

  • Ahubwo.Uwomunyeshure.Mumukingire.Kuko.Niwe.Azokwerekana.Iyomihimbiri.Yirirwa.Iradurumbanya.Umutekano.

  • Ego jewe None? ndisubiyeko kuciyumviro nari nashikirije, kuko umumenyeshamakuru wanditse iyi nkuru sinari kumwe Ego jewe None? ndisubiyeko kuciyumviro nari nashikirije, kuko umumenyeshamakuru wanditse iyi nkuru sinari kumwe nawe.

  • Nukuraba Neza Kuko Uwo Munyeshure Ntiyavyibwirije. Ahubwo Bamufashe Bomubaza Uwuri Inyuma Yavyo.

  • Mbe Turaje!Kuvuga Ng Uwandits Iyo Nkuru Akorana Nabo Bagizi Banabi,ngo Nukumurondera Mumenyereye Mubahiga.Turabiz Non Wew Nawe Ntawoguhiga?Murahedwa Ibihe Bihibindi!Mbonerakure Mwe

  • Cakira"kumbe Aba Musaga Mutakura Kinama Niwew Wabahekuye Wongera Urabaphakaza?Muzoza Murivuga Ukonyene.Ukeneye Mumugamba Ubahekure Nabo?Ukuri Kukazoja Ahabona Wew Uzoja Mubandi.Ime!!

  • None ako gahimbiri kahumanye nti ntikofatwa ? ariko burya imisi iraharuye ngumusi warwo ntibika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.