Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Abarwanyi babiri baguye mu mishamirano n’abajejwe umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abarwanyi babiri baguye mu mishamirano n’abajejwe umutekano

Bururi : Abarwanyi babiri baguye mu mishamirano n’abajejwe umutekano

jeudi 30 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko mu mishamirano yabaye kuri uwu wa gatatu hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, abantu babiri muri abo bitwaje ibirwanisho aribo bahasize ubuzima, umuporisi umwe hamwe n’umunyagihugu barakomereka.

Ukwo gutana mu mitwe kwabereye mu Gasanda, intara ya Bururi, mu giporisi bakavuga ko abo bitwaje ibirwanisho bari batandatu. Babiri muribo bishwe, abandi bane basigaye barafatwa, hamwe n’inkoho zitanu zo mu bwoko bwa Kalashnikov zari zifiswe n’abo bantu zikaba zafashwe.

Ku ruhande rw’abajejwe umutekano, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko umuporisi umwe yakomeretse, hamwe n’umunyagihugu umwe nyene nawe yakomerekejwe n’amasasu y’abo bantu bitwaje ibirwanisho. Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’aho mu Gasanda, ariko atemezwa n’abajejwe intwaro avuga ko uwo munyagihugu yakomeretse ari umwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD "yariko akorana n’abaporisi " muri ico gikorwa c’ugutuza uwo murwi w’abantu bitwaje ibirwanisho.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Tubibutse ko ikiringo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yatanze kugira abahungabanya umutekano muri komine ya Mugamba intara ya Bururi bishikane n’umutekano ube wagarutse caheze kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2016. Muri ico kiringo, abantu bane nibo bishikanye, nk’uko bishikirizwa n’igiporisi c’Uburundi.

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko hari n’abantu 26 bikekwa ko bari mu bagizi ba nabi bafashwe n’abajejwe umutekano, abandi bantu 12 nabo bakaba bariko baronderwa n’inzego z’umutekano. Muri ico kiringo c’iminsi cumi n’itanu cari catanzwe na Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu giporisi bavuga ko hafashwe inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa Kalashnikov.


IGIHE

Messages

  • NIBATUZ IZONTUMVA ZITERUMUTEKANO MUK MUGIHUGU

  • "Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko mu mishamirano yabaye kuri uwu wa gatatu hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, abantu babiri muri abo bitwaje ibirwanisho aribo bagandaguwe, umuporisi umwe hamwe n’umunyagihugu barakomereka"

    Mu menyeshamakuru, subiramwo iyi nkuru kuko irimwo ibihushane: uvuga ngo hari abagandaguwe kandi wamaze kuvuga ko habaye gushamirana cabke kurasana! Wari kuvuga uti bahasize ubuzima.

    ikindi nuko Abarundi tudakwiye kwama tubona ko umuti w’ingorane igihe cose ari ukwicana. Umuti ni ibiganiro, amatora no kwemera gushira aho intahe ishize. None duhebe tumenyekane mw’isi nzima ko Abarundi ata kindi dushoboye atari ukumarana? Imana izigame kandi ikingire abarundi bose, na cane cane b’intungane.

  • Abonabanyagihugu mwagandaguye muca mubesha ngo nabarwanyi izonkoho nizanyu mwaciye mwegeranya mukurempentanya ntimugirengo ntitwabahinyuye mwebwe ubwanyu mwivugirako atabarwanyi bahari kandiko mugihugu cose umutekano ari umusesekara none abobarwanyi bavahehe

  • Mumyaka iheze imihari yarwanye nimyishi harimwo CNDD FDD Utibagiye PALIPE HUTU FNL Niyindi mihari ariko bose ntanumwe yigeze afatisha igihugu umuheto.None Abobo bita ngo nabarwanyi igishasha boba barushije abobabatanguriye nigiki?nibareke gutoba igihugu ngobariko bararwana ntavyabo .Mbega Peter na Rwasa bemeye icogihe bagashira Ibirwanisho hasi bakaganira nabandi s,abagabo?Mbahanuye kubivamwo bemere batwarwe bareke kwitwenga ngobariko bararwana

  • TURAFISE INGABO ZIFISE ATARU UTUGABO ABAJEJWE UMUTEKANO KOMERA IGISIRIJARE CUBURUND RAMBA IBASI BUBURUNDI NTAKIBANZA BASE

  • Tout àfait normal. Abasirikare ba reta ntibigera bapfa. Niyo bapfuye usanga ari 2 canke 3 ku ba rebelles 80 canke 100

  • BAHASHE.ABOBAGESERA.BAHUGABAMYA.UMUTEKANO

  • bâhashe.àabo.bàgesera

  • Turasaba igiporisi ko twe abanyagihugu tudashaka kumva ngo izo mujeri zafashwe. Bajye bazitwereka ari ibiziga.

  • REKA BAZOHONA BAGUMA BAHENDWA BAPFA ABABAHENDA BAMEREWE NEZA NIBAHEBE UBURUNDI NIKINDI GIHUGU GIFISE INGABO ZIKOMEYE ABO NABO NIMBEBA GUSA BAGIYE GUHONERA MWISHAMBA AHO GUKURAMABOKO MUMPUZU NGO BAKORE IMIGAMBI YOKWITEZIMBERE BAGUME BAYERERA NKUMUFA WOKURUJO IZO MBWA ZITAGIRUBWENGE.

  • barabaheze,gwinkondo.iravomabega.bibagiyeko.inkona.itaruwza?

  • barabaheze,gwinkondo.iravomabega.bibagiyeko.inkona.itaruwza?

  • Mumyaka iheze harabaye imirwi myishi yarwana harimwo CNDD FDD utibagiye PALIPEHUTU FNL bose ntanumwe yagifatishije umuheto.none abobitwa ngo nabarwanyi bobo igishasha bobabarushije ababatanguriye nigiki?nibareke kudutobera igihugu ngobariko bararwana.mbega PETER na RWASA bemeye bagashira ibirwanisho s,abagabo?Reka kwita kurisongoye mwitwenga ngo muriko murarwana nabagabo ntivyaboroheye

  • nibaganire.bareke.kumarana

  • Babaze ico bashaka mwosanga hariho ico bakeneye.

  • Hao Waharifu Wasakwa Nawa Kamatwe Nasheria Zichukuriwe Amani Haita Patikana Kwa Mututu Wabunduki Nikukaa meza Moja Muzungu Muze Kwani Vita Havina Faida Yoyote Kama Sio Kuuwa Raiya Wasiyo Nahatia

  • JEWE NIPFUZA YUKO ABO BARABAHENDA BAKORERA ABIZE NOVUGAKO BABAHE NDA AHUMBWO BOKWIHANURA BAKA BIREKA AMASHAMBA YARAZE

  • Inzombura Kimazi Zibura Icozikora Zigaca Zisesa Amaraso Yabenegihugu Nibazihashe.

  • Yarabivuze awuzowatsa arozimira munzu yiwe.Ariko abashira ubuzima bwabo mukaga amaherezo yabo nayahe?Abo batuma ugwaruka rugira ingorane babatuma kugira baronke ivyicaro baragowe.

  • Iyi nkuru mukwiye kuyisubiramwo. Twese twarabonye amafoto y’abantu batanu bafashwe n’igipolisi hamwe n’ikiziga c’umuntu umwe. None vyahindurmtse gute ngo abapfuye babe babiri, abafashwe babe bane? Bisigura ko hariho umwe yishwe ari mu minwe y’igipolisi?

  • Ni Bujumbura baratekanye nabo nibatekane basubize ibirwanisho kuko inguvu mû Burundi ntiyigrze ibinyushu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.