Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Umuntu umwe yishwe arashwe n’abitwaje ibirwanisho
Bururi : Umuntu umwe yishwe arashwe n’abitwaje ibirwanisho
dimanche 28 Myandagaro 2016, par
Umuntu umwe niwe yishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye ku rugo rumwe ruri i Nyagasasa muri Komine Mugamba, intara ya Bururi. Abo bitwaje ibirwanisho bahejeje kwica uwo muntu baciye bagenda.
Ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro kuri uwu wa gatandatu, umwigeme azwi kw’izina rya NAHIMANA Floride akaba ariwe yishwe n’abo bantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye. Abasirikare hamwe n’abaporisi barashitse ahabereye ubwo bwicanyi, ariko bakaba atawe bashobye gufata muri abo bantu bitwaje inkoho batamenyekanye.
Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’i Nyagasasa avuga ko uwo mwigeme yoba yazize ivyo yagirizwa ko yahora akorana n’abajejwe umutekano, mu kudoma urutoke ku bahungabanya umutekano aho i Nyagasasa.
IGIHE
Messages
28 Myandagaro 2016, 14:11, par ericr
Mana tabara udurundi
28 Myandagaro 2016, 19:53, par Kanobana
Gélase ko ataravuga ko ari u Rwanda??hhaahh abaswa gusa
28 Myandagaro 2016, 20:41, par PITA IZAI
Mana, dufashe igihugucacu kugira kironke amahoro abarunditwese,dukwiyegusengera igihugucacu, kugira imana, idufashemubibazoturimwo, twibuke yuko,imana mukuremaumuntu, yaduhaye,ibihe vyamagogwa, nibihe, vyumunezero, ivyovyose iyobishitse, turakwiyekumenyayuko, arivyagezwe, ibibibazo abarunditurikoturacamwo,mumenyeyuko arivyagezwe,ni mana, ntidutaneko imyikoma, atacodupfa, imana ibahezagire, murakoze,
29 Myandagaro 2016, 11:26, par Nduwimana
Imana Nirabekoyodutabara
29 Myandagaro 2016, 19:52, par NOLBERT
DUSABIRAMAHOROGIHUGUCACUKUMANA.
5 Nyakanga 2016, 09:28, par niyondavyi
uwomukobwa yitwande