IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abantu batatu bahitanye n’igisasu mu bunywero

Buterere : Abantu batatu bahitanye n’igisasu mu bunywero

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Abantu batamenyekanye bateye gerenade mu bunywero buri mu Buterere mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, ikaba yahitanye abantu batatu abandi barakomereka.

Uwundi muntu yaragandaguwe mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana rishira uwa mbere, muri karitiye ya Gikoto, zone ya Musaga. Uwishwe ni umukukuruke mu gisikare c’Uburundi azwi kw’izina rya GASASUMA Laurent. N’ababanyi biwe babiri, NDAYISABA Joselyne na NIYOMWUNGERE Arcade barakomeretse bikomeye, bakaba bariko barakurikiranwa kwa muganga.

Mu gihe mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abakoze ico gitero aho mu Gikoto ari abagizi ba nabi bataramenyekana, bamwe mu banyagihugu bo mu Gikoto bagiriza Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD ko arizo zagandaguye uwo mukukuruke mu gisikare GASASUMA Laurent, zongera zikomeretsa ababanyi biwe babiri.

N’abandi bantu batatu bivugwa ko ari abanywanyi ba FNL bayoboka Rwasa Agathon bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere i Nyamutenderi muri Bujumbura benshi bita rural.


IGIHE

Messages

  • Oyayemwe ntanyungu imbonerakure yoronka mukwica mugihe umugambwe zikomokamwo ariwo uramutswa igihugu abobanyagihugu barateye isoni kwubahuka kuvuga abantu canke kugereka kumugwi runaka ibara riremeye nkiryo atabowabonye ariko ugakira kubambika inkonishushe kuburyo bigeziyo! Jewe ndabina nicokintu cabantu bihaye kuzabaragereka amabi kumbonerakure mukwiye kubaronderera ibihano kuko barabigize akamenyero.

  • Ariko Muremeza Neza Ko Imbonerakure Arizo Zirara Zica Abantu Zongera Zitera Amagrenade Zirasa inkoho None Ko Numva Mufise Ibigwanisho Vyokwirarira Nikuki Mutirarira Mushoboye Gutara Ububare Nkaho Aribwo Mwansi Wanyu. Korana Nabajejwe Umutekano Mwerekane Inkozi Zikibi Mureke Amajambo Atubaka

  • Mbega ko biyobagiza abatangaje kumugaragaro ko bafashe ibigwanisho?uwo musoda yazize ko atasanze abandi mwishamba ariko ngo ni imbonerakure,ntantambwe bazotera. abobose baye igisoda bakaja mwishamba nibagaruke basambe imbabazi reta ibasubize mukazikabo nayahandiho bazopfa bose ntibibukwe atakabuza.
    narirya abo baribishimiye babakuriye inkoni kugishitsi.
    Jewe nagomba nibutse ugwaruka ko gworeka guhendwa kandi rubiziko arigwo gwama ruhasiga agatwe ababasuka bari kunwa imivinyu mubazungu.gwaruka va ibuzimu tuje ibuntu tureke guhendwa nabanya porotike kuko ntamwana wabo barungika mumigumuko canke mwishamba.ibaze nawe ababo babandanya amashure ngo baze babacure bufuni kandi arimwe mutanga amaraso iyumvire icokintu.gwaraka duce ubwenge tureke guhendwa.

  • Baribakwiye kwicara hamwe bakaganira kuri vyovyose bibatandukanya bagaheza bakaraga abana igihugu ciza.

  • Mbe uwabaroze n’inde mwa bipfamutima, nikuber’iki batoba aba J.R.R. bariko baragandagura izo nzirakarengane? Shaka mutekereze, kubera mwapararanganye mu mitwe n’ubu muracafise ca ciyumviro ngo mugume mwica inzirakarengane ngo amakungu arungike abasirikare bo gutabara. Mbe nt’amaradio na televiziyo mukurikirana? Eka mwarapararanganye koko! Shaka mutekereze mwemere muwunywe ahandi naho nimwabandanya mwica n’akazi kanyu. Uzoheza kumugandagura hama nawe uce umukurikira ubwo nyene, kuko inkona ntiyovyemera.

  • Bene Data Ncuti Nkunda Ntimukiyu Mvire Kwica Kuko Imana Yoyo Irimwijuru Irabibona Kuberiki Musesa Amarasu Kandi Namwe Muziko Mumv’amaraso!! Bene Data Nimwihane Hakirikare Kwi Hana Kwanyu Numugisha. Merci

  • NUKURI NIBARABE BISUBIREKO NAYAHANDIHO AYO MARASO BASESESA IMANA IZOYABABAZA KUKO SIBO MANA NAHO UMUNTU YOBAKOSEREZA NTIBOKWIHANIRA

  • Abo bishwe na n’inkoramaraso zitwa Sindumuja kuko nizo zica abanegihu.

  • Nagomba Munyereke Abobantu Bagandaguye Ariko Izonkozi Zikibi Zirakwiyegufatwa Zikategwa Mwibohero.

  • non nkuruziza wew azosigara atwara band?ko abanyagihugu bahez?

  • non nkuruziza wew azosigara atwara band?ko abanyagihugu bahez?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.