Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Musitanteri yoba yahunze ikomine arongoye
Buterere : Musitanteri yoba yahunze ikomine arongoye
mardi 12 Rusama 2015
Mu myiyerekano iriko ibera muri komine ya Buterere, umuduga wa musitanteri w’iyo komine waturiwe, umuntu umwe nawe yishwe n’abaporisi, abanyagihugu bakemeza ko yaciye anyuruzwa, kandi bakeneye ikiziga ciwe.
Muri iyo myiyerekano, umuntu umwe yapfuye, abantu bane bakomeretse, muri abo hakaba harimwo umuporisikazi. Abanyagihugu bavuga ko bashaka ikiziga c’umuntu wabo, kuko bavuga ko yaciye ajanwa ahantu hataramenyekana. Musitanteri wa komine ya Buterere Pauline Ruratotoye yamaze gukura meza, aamakuru dukura ku Buterere akavuga ko inzu yiwe icungerewe n’abasoda, kugira ntihave iturirwa.
muri iyo komine imyiyerekano yabaye kuri uyu wa 12 Rusama, hakaba hanaturiwe n’ingoro y’umugambwe CNDD FDD, abari mu myiyerekano bakavuga ko hatowe muri iyo ngoro inkoho yo mu bwoko bwa mugobore na zimwe mu mpuzu n’inkofero z’igisoda. Abanyagihugu bo muri iyo komine bari baranse kugira imyiyerekano, ariko mu nyuma bakaba bavuga ko basotowe na Kazungu akorera urwego rw’igendereza, aho yagiye gutora umunyagihugu, amubesheye ko atunze grenade.
Aristide Nizigire
Messages
12 Rusama 2015, 17:00, par NIYONZIMA
Murakoze kuguma mudushikiriza amakuru kumwanya kumwanya kuko ruguru ntaradiyo ibitumenyesha none nkuwo mu policikazi aziziki MANA fasha bihere ningoga
12 Rusama 2015, 18:05, par buzokira nkurunziza
IGIKOBA CIKWEGERA AMAKARA NONE ABATEKANYE NTIBOBAREKA CANKE BIBAZA INGWANO NIRWO RUKIZA RWABO NUWUPFUYE BAMUJANAHEE AMAKUNGU ABIBONERA MUKIRERE NTIKINYEGEZWA.POLICE KUMUNSI WANYUMA IZOKURA TENU.gucana ntibigoye hagoye kuzimya.police ibuka bakudemobirije uzojahe?ubwo simubanyagihugu?
12 Rusama 2015, 18:59, par kaneza florA SCHEILLA
musitantere nakome kuko yakorana nimbonerakure hama turasaba ikiziga kiboneke azohambanwe iteka kuko uyo nincungu ya democratie kandi ivyo mugira mwabapolice nimbonerakuri hasigaye igihe gito mubona muzojahe kandi twarababonye mukwica abarundi benewanyu aho ntimwova inyuma ya adolphe uwowe asigaje igihe gito mwibuke kwagendana zandome 4 irimukumwica ipima 100 volte.
12 Rusama 2015, 19:23, par ancien combattant hutu
Mwa batutsi mwe reka kucana umuriro ubu abahutu barazi kurasa si nko hambere benewanyu bari mu rwanda intete zirabarembejr natwe niko twari tubayeho ku ntwaro zanyu mwihangane muteke kudukora mu nkomvu zo kuntwaro ziheze .hasigaye gato
12 Rusama 2015, 20:12, par NGABO CENT
BARAGOWE ATIHAYE UBUKI TURI MUNYUMA NATWE NIYOMOKE YEMERA YANKA NTABUHUNGIRO YANEYE AHO ATEMA
12 Rusama 2015, 20:46, par @ss
Ariko Umuntu Umwe Yotuma Igihugu Kija Muntambara!Nibagire Ibiganiro Hama Bagire Ico Bapfunditse
12 Rusama 2015, 21:00, par ndiko jonas
jewe nibaza ko mugwaye abatutsi murabobantu bose wabonye ko ari abatutsi reka ntebe ntwenge mbe basha ko mutegerezwa kubona.
12 Rusama 2015, 21:35, par pie
wewe wiyise ancien c.hutu ,ur’imbwa abahutu icociyumviro cawe ntitugisangiye ntiwanagwanye ur’imbwa wewe ucifuza intambara teshwa ute intambara ihitanira bose nubu woraba mubamaze gupfa baracanze,ntabwoko ufise kiretse ubw’imbwa nizo zigenda ziraryana
12 Rusama 2015, 21:42, par kaneza florA SCHEILLA
wewe wiyita ancien combattant hutu uriko urihenda cane ingorane ziri muburundi sizaABHUTU,ABATUTSI canke ABATWA wewe biraboneka kukiri mwishamba kuko dufise ingore z’irimugihugu cose kandi zumurundi wese aharanira agateka kazina murundi wese mugihugu kuva umuhutu atwaye harabandi bapfuye kubwinshi wakijuju naje ndumuhutu kandi nkeneye kumwiyamiriza kuko yarasubije inyuma cane igihugu cacu sha na mporona yaromotse na ccd-fdd igira yomoke ubutakigaruka!!!1
wakijuju we!!!
12 Rusama 2015, 22:41, par toyota
ancien combattant,hasigay gato ukagiriki?burya mwana wa mama naho wobica ntuzobamara uzokwama ubabona.ivyiyumviro nkivyo vyaraboze.urakwiye kubona aho uburundi bugeze ubu abanyagihugu ntibakirabo guhenda uko mwishakiye.
13 Rusama 2015, 00:00, par ntawe
Umuntumwe niwatuma inkumbi zamazaguye mugihugu mbehoho arazikweri kwava amaraso nkabarikobarapfa kubwiwe aho yashesheye Amaraso ntararuha mbehoho araziko Icogihugu Arwanira aric’Imana ngoyishimira Adolphe amenyeko ba Adolphe aribenshi kandi bamurwanya bariko baraza.ndavuga simvura intabarirwa ibwirwa arukw’amaso atukuriye!!!!!
13 Rusama 2015, 02:28, par gakima
Ni vya bi fnl vya rwasa muzovyisura ivyo muriko muragira!
13 Rusama 2015, 08:34, par Nyandwi Alice
iyo umuntu bimuburiye avuga ibitarivyo......mu Burundi nta bwoko bukiriho, hari bansumirinda aribo bariko baritwaza ubwoko......Urazi abahutu ubu butegetsi bwishe ukuntu bangana? Ubu rero barasubiye kubitwaza babamariye mu rusizi noneho nibareke kubesha ni abarundi bose biyamirije ihonyarwa ry’amategeko.
13 Rusama 2015, 11:52, par emma
emma jewe ndiyamirije ihirikwa ryubutegetsi buciye mumigumuko abarundi twari dukwiye kwibuka aho twavuye intambara kuyitangura biroroshe ariko kuyitsinda biragoye.