Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Umunywanyi wa SAHWANYA FRODEBU yanyurujwe
Buterere : Umunywanyi wa SAHWANYA FRODEBU yanyurujwe
jeudi 29 Nzero 2015
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU, umwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, umenyesha ko utewe amakenga n’umutekano w’umunywanyi wawo yanyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, irengero ryiwe rikaba ritaramenyekana.
Umunyanyi wa SAHWANYA FRODEBU, azwi kw’izina rya Ndabitezimana Faustin batazira Ndababa, yanyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, n’abantu batatu bamusanze muhira iwe. Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe, abamunyuruje bari bafise inkoho, bakaba baciye bamupfunga igitambara mu maso, bamutwara ahantu hatazwi gushika ubu.
Uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU wikeka ko boba ari abakozi bw’urwego rw’igendereza bamunyuruje, bakagira amakenga ko uwo munywanyi ashobora kwicwa. Muri iryo tangazo rya SAHWANYA FRODEBU, batabaza abarundi n’amakungu, cane cane ubutegetsi, bagasaba ko umutekano w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi wokwubahirizwa.
Egide Nduwimana
Messages
29 Nzero 2015, 13:23, par mayukarenova
nimugume mufatana munda nu urongoy inzira guhemuka musa batazira gancuyubwenge komera
29 Nzero 2015, 15:53, par Nuwera
Ariko urazi komugoye, abobantubamutwaye yobariwamurwi ujejwe kwegeranya abazakwisuka ku gisirikare mazenaco kukibavuzamwo urusasu, ubwobobarero mufise nukomuziko nambabamutwaye kwiteguriragutera igisirikare kizomwirenza ntakibuza, Nayokuvugango yatwawe nabakozibiperereza mukacamugerekako yanyurujwe iyabaribikunda barikubashira imbereyubutungane abakozibiperereza baranyuruza!? Ivyomurazobironderera abandi ataringaha Burundi.