Accueil > Amakuru > umutekano > Buyengero : Abanyeshure batanu bapfunzwe bagirizwa kuba bari mu mirwi (...)
Buyengero : Abanyeshure batanu bapfunzwe bagirizwa kuba bari mu mirwi irwana
mercredi 28 Gitugutu 2015, par
Abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu Buyengero mu ntara ya Rumonge bapfungiwe mu gasho k’igiporisi kuva kuri uwu wa mbere. Bagirizwa kuba bari mu murwi w’abarwanyi bafatiwe mu myimenyerezo ya gisirikare i Rubanga muri komine ya Matana.
Amakuru atangwa na OPC1 Donatien Manirakiza ajejwe igiporisi mu ntara ya Rumonge amenyesha ko babiri muri abo banyeshure bafatiwe i muhira iwabo ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, mu giporisi bakavuga ko bari barataye ivyigwa. Abandi muri abo batanu bakaba bafatiwe kw’ishure mu gihe bari batonze.
- OPC1 Donatien Manirakiza, ajejwe igiporisi mu ntara ya Rumonge
Musitanteri wa komine Buyengero yemeza ko abo banyeshure bari mu mirwi irwana kuko n’impapuro batoye mu Rubanga aho bagirira iyo myimenyerezo ziriko amazina yabo.
Abo banyeshure bafashwe inyuma y’iminsi mike gusa igiporisi kimenyesheje ko cafashe umurwi w’abantu barenga ijana, bari mu myimenyerezo ya gisirikare kw’ivuriro ry’abigenga rya NEMA. Bamwe mu banyagihugu b’i Matana bakavuga ko ari irementanya abafashwe bariko barakorerwa, kuko ku bwabo bitumvikana ingene abantu barenga ijana bomara ukwezi kwose mu myimenyerezo mu kibanza kimwe, ntihagire n’umuntu n’umwe abimenya.
IGIHE
Messages
28 Gitugutu 2015, 10:52, par mbaya
abantu 100 mumyimenyerezo?leta yarabonye ko abarundi ari ibijuju byo kubeshwa
28 Gitugutu 2015, 12:27, par Kiki@.com
Nibarek kubesh abo batanu bafashw n’imboner kure z’i buyenger nyene
28 Gitugutu 2015, 14:42, par jewwwwww
ico ciyita leta jew numva ataco kigishoboye niyaba mu gihugu witwa ngo uratwara habera formation ukwezi kose ntibafatire murico gikorwa kugira itwereke twese la verité mumva ataco bagishoboye botaga imihoho kandi ninibisanze no mubihugu biteye imbere nduhora dufatako référence mpora mbona batanga imihoho bikaba ibisanze natwe twobarabirako akarorero.
28 Gitugutu 2015, 15:32, par Alice Irumva
Barababeshera kuko abavyeyi n,abigisha nabandi banyeshure bemeza ko batigeze bata ivyigwa, none niba bataguruka bobikora vyose gute?Ariko Mana!Nibareke kubarenganya.Baratanguye ikintu citwa irementanya kugira bamare urwaruka mugabo barabesha twarabahinyuye1
28 Gitugutu 2015, 15:53, par Bakari
Abo banyabuyengero babuze ubuswage n’utudagara baba barigugunira none bagiye kurwa mu vyo batazi vy’ama mndat?
28 Gitugutu 2015, 17:43, par 4545
NDATANGAZWA NUTUNTU TWIYITA KIKI@.COM NA KI MBAYA NIBA NAMWEGE MURIMURIBO BURAKEYE INKON IBACAKIRE KUKO INKONA NTIYARUZWA ABAYANKA MWESE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA
28 Gitugutu 2015, 21:33, par THIERRY
NIZIGI THIERY
29 Gitugutu 2015, 06:42, par janvier cankuzo
none ako karenganyo mwumva kazohera?umuntu nuwokwitunganya yesu agomba kuza gutora umugeni
29 Gitugutu 2015, 07:57, par Mpozamarira Erias
None gayemwe biraciyingani urwaruka barumarire mubusho kubwakarenganyo? ntabantu ijana bokorera imyimenyerezo ngaho hantu ni saha imwe gusa ngo bagende batamenyekanye,uwo numugambi wateguwe wo kumarira abantu mubusho kuko mugasho aho akugombeye nihakuronkera. ariko bibuke umugabo umwe Yitwa Etrere ntakwatakoze mukugandagura abenigihugu,unomusi arihehe? kabiri, Murwada interahamwe ntako zitakoze mukumara abenigihugu,unomusi zirihehe? zipfuye ziyerera nkakayini. rero ntamwicanyi yaronse amahoro nubwo yoyaronka nayakanya gatoooo, namwe bibashobokeye mworeka gutoteza benewanyu!.
29 Gitugutu 2015, 11:49, par Placide
Bantu Mwese Mwahoze Kurugamba,reka Gufatwa Nkibirofa. Uwomutegetse Atwemeza Ko Mwikigihugu,harabantu 100 Bogirimyimenyerezo Ya Gisirikare Barihamwe Ukwezi Kwose,bari Muri Reyi Na Tactique Militaire,ntibafatwe. Ubu Niho Nciye Mbona Kwabobagabo Baturunguruka Mubwonko. Kubwivyo Rro Ivyo Kwasama Bihagarare. Mubandanije Kutugiramakopo Nivyogukizura Bamwebamwe Tuzoca Tubiheba Canke Bibaye Ngombwa Tuzibarabisheko. Turabagabishije Mwebwe Mudukurira Mumugambwe.
29 Gitugutu 2015, 20:30, par Toka
Uwo mu polsi wamatama nkikareso yabatama baruguru avugiki ngaho
30 Gitugutu 2015, 11:55, par Marangara.com
Nta kwita umwasi umwana ahubwo nyabuna leta nirabe ihindure ingendo kuko ndabona umwasi akomeje!
2 Munyonyo 2015, 21:36, par nhimiyemana
abarundinibicucup